Abakinyi ba Handball 7 b'abarundi batorokeye muri Croatia bapfungiwe mu Bubiligi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abo bakinyi ba handball b'umugwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 19 batorotse bari bitavye inkino z'igikombe c'isi cabera muri Croatia itariki 9 z'ukwezi kw'umunani 2023.
Mu bakinyi 12 hasigaye abakinyi babiri gusa n'abari babaherekeje.
Bose ko ari cumi baciye baja gusaba ubuhungiro mu gihugu c'Ububiligi.
Ariko kuva itariki 7 z'ukwezi kwa Munyonyo (11), indwi muri bo baciye batabwa muri yompi barapfungwa.
Bivugwa ko bahagaritswe igihe bari bitavye igisata c'abinjira n'abasohoka mu Bubiligi (Office des étrangers) kugira basobanure icatumye basaba ubuhungiro muri ico gihugu.
Ico gisata kandi kiremeza ko bapfungiwe icamaso vyimfatakibanza mu kibanza kiri ku kibuga c'indege c'i Buruseli , Zaventem (Centre fermé), kizwi nk'igipfungirwamwo ababa mu Bubiligi batabifitiye uruhusha, mu kurindira ko basubizwa iwabo canke biregura.

Ahavuye isanamu, GUSTAVE NIYONZIMA
Uwubunganira mu vy'amategeko, umushingwamanza Gustave Niyonzima asaba Ububiligi ko butohirahira ngo bubirukane.
Agira ati: "Birababaje kubona barabugaraniye ahantu nk'aho kandi barasavye ubuhungiro.
"Biranyuranye n’amategeko. Ububiligi burazi ibibazo Uburundi bufise. Ibibazo vyinshi birimwo gufungirwa ubusa, ubukene, ibiturire n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n’ibindi bibazo vyinshi.
"Birakwiye ko Ububiligi butohirahira ngo bugire ico bukoze mu kubirukana kuko bwoba bunyuranije n’amategeko mpuzamakungu agenga impunzi."
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Het Nieuwblad mu ntango z’ukwezi kw’icenda, Nicole de Moore umunyamabanga wa reta y’Ububiligi ajejwe abinjira n’abasohoka hamwe n'abasaba ubuhungiro, yamenyesheje ko vy’ukuri abo basore b’abarundi basavye ubuhungiro mu bubiligi.
Ariko akemeza ko amategeko atomoye na cane cane amasezerano ya Dublin atomora ko igihugu winjiriyemwo ubwa mbere ari co usabiramwo ubuhungiro.
Yabandanije amenyesha ko "mu bisanwze Croatia ni yo yoraba ibijanye n’ubuhungiro bwabo kuko ari yo yabahaye impapuro zo kwinjira ku mugabane wa Bulaya."
Imwe mu miryango iharanira agateka ka zina muntu mu Bubiligi "Getting the Voice Out" na "Le CRACPE" basaba ko Ububiligi butobarungika mu gihugu ca Croatia kuko ico gihugu kimaze gushirwa mu majwi n’amashirahamwe mpuzamakungu mu bihugu bitubahiriza agateka k’abasaba ubuhungiro.










