Umugambi 'Football for Schools' FIFA yatanguje mu Burundi ni nyabaki?

Umukuru wa FIFA Gianni Infantino (ibubamfu) na Perezida w'u Burundi Evariste Ndayishimiye baseka bafashe umupira wo gukinana wanditseho Ndayishimiye na nimero 10
Insiguro y'isanamu, Umukuru wa FIFA Gianni Infantino (ibubamfu) na Perezida w'u Burundi Evariste Ndayishimiye ubwo batangizaga uyu mugambi ku wa gatandatu

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 21 Gitugutu(10) uyu mwaka wa 2023, ishirahamwe riraba ivy’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) ryatanguje icese mu Burundi umugambi wa ryo udasanzwe uzwi nka “football for schools” (umupira w’amaguru ku mashure).

Ibirori vyo kuwutanguza vyahagarariwe n’intumwa zidasanzwe za FIFA zari zirongowe na Gianni Infantino, aramutswa iryo shirahamwe. Vyabereye muri komine Buganda, intara ya Cibitoke, mu burengero bw’igihugu.

Uburundi bubaye igihugu kigira 100 kw’isi umugambi “football for schools” ushitsemwo kuva utanguye muri 2019. Werekeye ahanini abana bari mu mashure.

Biciye muri wo, ishirahamwe FIFA rifadikanije na UNICEF hamwe n’indongozi z’igihugu, rigiye gushigikira no guteza imbere ibikorwa bijanye n’inkino z’umupira w’amaguru mu mitumba yose igize Uburundi no mu mashure.

Nk’uko tubisoma ku rubuga rwa FIFA, umugambi “football for schools” ufise intumbero yo gufasha abana bagera ku miriyoni amajana indwi (700 million), kw’isi, mu kubaha inyigisho no mu kubaronsa ivya nkenerwa bijanye n’umupira w’amaguru, hatibagiwe imipira yo gukina.

Muri abo, hashobora kubamwo abarundi bababa imiriyoni 7. Icigwa cakozwe n’ishirahamwe ryitaho indero kw’isi, UNESCO, muri 2020, cerekana ko mu Burundi ibice birenga 60 kw’ijana vy’abanyagihugu bafise imyaka iri musi ya 25.

Iryo shirahamwe risigura ko abo ari bo bategerezwa kuba bari kw’ishure no mu masomero atandukanye.

Vyongeye, UNESCO rimenyesha ko igitigiri c’abafise imyaka yo kujanwa kw’ishure kigenda congerekana ku murindi ngereranyo (taux moyen) wa 2,1 kw’ijana. Muri 2020, bagera ku miriyoni 6 n’ibihumbi amajana ane (6,4 millions). Muri 2030 bashobora kuzoba bageze mu miriyoni 7 n’ibihumbi amajana atatu (7,3 millions), nk'uko ishirahamwe UNESCO ribivuga.

Gushira umugambi “football for schools” mu ngiro mu Burundi, bizotuma rero FIFA rishobora kubona no gutora muri iryo sinzi ry’abana bo mu mitumba yose, abafise impano zijanye no gukina umupira w’amaguru, gutyo batezwe imbere hakiri kare.

'Turazi ko kino gihugu cuzuyemwo abana bafise impano' – Infantino

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa gatandatu imbere y’uko arangiza urugendo yarimwo mu Burundi, Infantino yagize ati: “Twuguruye umugambi 'football for schools'. Ni umugambi werekeye amashure, kubera amashure ari ikintu gihambaye.”

Yongerako ati: “Twaganiriye n’umukuru w’igihugu ku vyerekeye umugambi wo guteza imbere ibijanye n’umupira w’amaguru mu mitumba yose, kugira dushobore kubona abafise impano. Twazananye n’intumwa zidasanzwe.

"Aha, Arsène Wenger ajejwe igisata kiraba iterambere ry’umupira w’amaguru kw’isi. Turazi ko kino gihugu cuzuyemwo abana bafise impano. Tuzozironderera hamwe tuzisayanganishe.”

Infantino yemeza ko mu kiganiro yagiranye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, bumvikanye ku kijanye no gushira uburyo mu bikorwa vyo kwubaka ibibuga, ibijanye no gutanga inyigisho ku rwaruka, n’ibindi.

Ariko ntatomora amafaranga ishirahamwe ahagarariye ritegekanya gushira muri iyo migambi yose ingene angana.

Naho biri uko, Wenger aremeza ko ishirahamwe FIFA ryamaze kwiha intumbero yo gukorera mu gisata c’indero muri Afrika. Yagize ati: “FIFA yarashize uburyo bwinshi cane mu gisata c’indero, cane cane muri Afrika, kugira abakiri bato baronke amahirwe.”

Umukuru wa FIFA Gianni Infantino (iburyo) na Perezida w'u Burundi Evariste Ndayishimiye bambaye ingofero n’amajaketi by’abubatsi
Insiguro y'isanamu, Infantino avuga ko we na Perezida Ndayishimiye bumvikanye ku kijanye no gushira uburyo mu bikorwa vyo kwubaka ibibuga

Muri iyi myaka ya vuba, abategetsi b’Uburundi barashize inguvu nyinshi mu bijanye n’uguteza imbere umupira w’amaguru.

Bamwe mu bakurikiranira hafi ivy’inkino babona ko kuba baronse amahirwe yo gushigikirwa na FIFA mu migambi imwe imwe ari nk’igikorwa co kubatera intege kidasanzwe. Ivyo rero ngo ntibizobura ico bihindura kiboneka ku Burundi.

Kuva mu mpera z’umwaka uheze wa 2022, reta iriko irasubiramwo ikibuga gikuru c’umupira w’amaguru citirwe “intwari” kiri mu gisagara ca Bujumbura, kugira cisunge amategeko mpuzamakungu.

Gianni Infantino, mu rugendo yagize ahari ico kibuga, yagize ati: “Iyo igihugu kimaze kwiyumvira kwubaka ikibuga hisunzwe amategeko mpuzamakungu kiba kiri mu nzira yo gutera imbere. FIFA nayo iraheza ikagira ico ifashije.”

Ni ubwa mbere mu Burundi hashitse ica rimwe intumwa za FIFA zikomeye cane kandi nyinshi.

Uretse Gianni Infantino na Arsène Wenger, harimwo kandi Mosengo Véron, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF), Pierluigi Collina, arongoye komisiyo y’abahagarikizi kw’isi, Youri Djorkaeff, umuhanuzi muri FIFA, Houssine Kharja, umunya Maroc yahoze ari rurangiranwa mu mupira w’amaguru, Onofre Costa, umuhanuzi araba ibijanye n’amakuru muri FIFA, n’abandi.