Burundi: 'Mu kantu gato ushobora gutwenza umwana' - Maman Dimanche

Kare bamutazira Maman Dimanche. Dimanche canke ku wa mungu ni wo munsi Christine Ntahe yahora agaburira bamwe mu bana bo mw’ibarabara mu rugo iwe muri quartier ya kabiri yo muri Zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, igikorwa amaze imyaka 29 atanguye.
Ariko ubu umwaka uraheze atanguye gutanga ivyo kurya iminsi yose kuva ku wa mbere gushika ku wa mungu.
Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu haza kurya abanyeshure, ku wa gatandatu no ku wa mungu hakaza bose.
Iyo migwi ibiri n’aho yose ari iy'abana bo mw’ibarabara, bafise ubudasa.
Abiga bari mu mugwi wa "enfants en situation de rue" canke "dans la rue". N’abana bafise imiryango batahamwo ariko ikenye cane ku buryo idashobora kwama yaronse ico igaburira abana.
"Enfants de la rue" bo n’abana ata handi baba atari mw’ibarabara, niho birigwa bakongera bakarara.
Baba aba mbere cane aba kabiri, Christine ntahe avuga ko babandanya kwiyongera.
'Mama Dimanche ntuzopfa'
Ku myaka irenga 70, Madame Ntahe avuga ko adafise ubwoba bw'abazobandanya ico gikorwa ciwe umunsi atazoba akigishoboye kubera ubusaza.
''Sinkora jenyene hariho abana twatanguranye iminsi yose bama baza kumfasha. No mu bintu vy'amanama yerekeye agateka k'abana nibo nsigaye ndungika.
''Urumva hariho abazobifata neza kandi babikunda kandi babizi''.
Noneho umwe muri abo bana ngo yaramuhakaniye ati ''wewe Maman Dimanche ntuzopfa''.
Ngo yabivuze ahejeje kubabwira ati ''mwa bana muja murangora umunsi napfuye bizobagora''.
Hanyuma umwana umwe ngo aca arashavura cane amubwira ati: ''Kandi Maman Dimanche wewe uri umuntu mubi cane... mubi rwose. Uvuze ko uzopfa? Oya, ntuzopfa, ntuzopfa''.
Aca atangura kurira.
Madame Ntahe avuga ko kugira uwo mwana atekane yabanje kumubwira at: ''Ego basi sinzopfa... [agatwengo]... urumva ni ama blagues y'abo bana''.
Imana iguhaye kuramuka twenza umwana

Ntahe avuga ko mu myaka mirongo 29 amaze akora ico gikorwa abana bamaze guca imbere yiwe barenga ibihumbi cumi.
Muri abo hari abahejeje kaminuza, abandi baraciga, mu Burundi no mu mahanga nko muri Taiwan. Abandi barashinze ingo zabo.
Ubu aharura abuzukuru barenga 90 ku bana yareze barenga 30 bamaze gushinga izabo.
Christine Ntahe aha umuntu uwari we wese ubutumwa bwo gukora ico ashoboye cose, naho coba gito, kugira anezereze umwana.
''Imana iguhaye kuvyuka ukiri muzima, gerageza mu kantu gato ufise, gato ushobora utwenze umwana, umuhe kubona ko ariho.
''Umuha bwakeye, umuha igikombe c'amazi, umuha agahuzu, abone ko ariho''.














