10 mu baserukiye u Burundi mw'ihiganwa rya handball muri Croatie banyikiye he?

10 mu baserukiye u Burundi mw'ihiganwa rya handball muri Croatie banyikiye he?

Abaherekeje umugwi w'abakinyi b'Abarundi bagiye mu mahiganwa mpuzamakungu ya handball y'abatarakwiza imyaka 19 muri Croatie, n'ubu baracarondeza abakinyi 10 baburiwe irengero kuva ku wagatatu.

Umumenyereza w'uwo mugwi, ari nawe mukuru w'ishirahamwe (federation) rya handball mu Burundi, avuga ko ico kibazo bagishirije inzego z'umutekano bakikimenya, ndetse n'abayoboye ishirahamwe ry'inkino ku rwego mpuzamakungu no mu Burundi.

Dauphin Nikobamye, yavuganye na Florentine Kwizera, amubwiye kandi ko atako abaherekeje abo bakinyi batagize ngo babarinde ico yise 'gusamara'.

Yabanje kumubwira ukuntu yamenye ko hari abamuciye mu ryahumye.