Uburundi bwizeye kuresha Irankunda agiye kwinjira muri Bayern Munich

Burundi FA president Alexandre Muyenge with Nestory Irankunda (left) and his father Gideon (right) on a trip to Australia

Ahavuye isanamu, BURUNDI FA

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa FFB Alexandre Muyenge yahuye na Nestory Irankunda (i bubamfu ari kumwe n'umukuru wa FFB) na se wiwe Gideon (i buryo) mu rugendo yagize muri Australia.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, FFB, ririzeye kuresha Nestory Irankunda kugira azokwemere gukinira igihugu c'amavukiro y'abavyeyi biwe inyuma y'aho uwo muyabaga yemereye kuja gukina mu gihangange co mu Budagi Beyern Munich.

Uwo muyabaga w'imyaka 17 akina imbere muri Adelaide United (muri Australia) yavukiye mw'ikambi y'impunzi muri Tanzania, ubu akaba aba muri Australia, akaba amaze gukinira igihugu camwakiriye ku rugero rw'abatarakwiza imyaka 17.

Aramaze no kuja mu bagize umugwi w'abakuze wa Australia, aho yabaye uwushobora gusubirira muri Socceroos mu nkino zibiri za kivandimwe/gicuti na Equateur mu kwezi kwa Ntwarante (3).

''Twonezerwa cane akiniye Uburundi, ariko niwe afise urufunguruzo - ashobora kwemera canke kutemera kudukinira,'' niko umukuru wa FFB, Alexandre Muyenge, yabwiye BBC Sport Africa.

''Afise ubwenegihugu bwa Australia ariko abavyeyi bamuka mu Burundi.

''FFB yatanguye kumukurikirana afise imyaka 14 kandi nararonse akaryo ko kumugendera muri Adelaide. Twarayaze ndamwifuriza amahirwe.''

Umukinyi wo ku ruhande anyaruka kandi azi gucenga akagira n'umunyaku ukomeye, Irankunda ku wa kabiri niho yashira umukono ku masezerano y'igihe kirekire na Bayern Munich akazotangura kuja mu ngiro kuva itariki ya mbere Mukakaro (7) mu mwaka uza.

Umugwi w'Uburundi w'abagabo ugira 142 ku rutonde rwa Fifa kandi umaze gushika mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika rimwe ryonyene, aho wabaye uwa nyuma mu mugwi wawo mu 2019.

Ariko, Muyenge avuga ko kuba Irankunda ateye iyo ntambwe vyerekana ko igihugu gifise impano zo gusohora abakinyi beza hanyuma bakongereza amahirwe y'igihugu.

''Abarundi - na cane cane abakunzi b'umupira w'amaguru - baranezerewe cane no kwumva ko Nestory yagiraniye amasezerano na Bayern Munich, umugwi ukomeye cane uzwi kw'isi yose,'' nk'uko yavuze.

''Urwaruka rumubonamwo icitegererezo kuko vyerekana ko hari impano [ngaha].

''Ikibazo kihari gusa n'ingene bashobora guserura izo mpano zabo, ingene baziteza imbere. Ariko urwaruka ruramuraba ruzi ko vyose bishoboka.''

Gutera iteka umuryango

Nestory Irankunda ariko arakina muri Adelaide United

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Irankunda arazwi kuri kiribite ziwe iyo ariko arerekana umunezero ahejeje kwinjiza igitsindo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umuryango wa Irankunda, wari wahunze intambara mu Burundi, wimukiye i Perth igihe Nestory yari akiri umwana muto mu nyuma bahava baja kuba muri Australia y'ubumanuko.

Nestory yagiye mu mugwi Adelaide United afise imyaka 15 abonywe ariko arakinira Adelaide Croatia Raiders n'umumenyereza w'umugwi w'abana muri United Airton Andrioli.

Yatanguye gukinira muri A-League (icicaro ca mbere canke premiere division) muri Nzero(1) mu mwaka uheze, imbere y'uko akwiza imyaka 16, ubu akaba afise ibitsindo 9 mu nkino 39 mu mahiganwa yose uwo mugwi witavye - ivyo bikaba bituma gushika ubu ari we amaze kwijiza ibitsindo vyinshi mu batarashikana imyaka 20 muri kahise k'icicaro ca mbere muri Australia.

Kubera ivyo amaze gushikako muri ico gihugu cakiriye umuryango wiwe, yavuze ko kuja muri Bayern ari ''indoto ibaye ukuri''.

''Nta kenka ni ibintu binerezereye cane,'' niko Irankunda yavuze mu gihe yimirije gushikana imyaka 18 kw'itari 9 za Ruhuhuma (2).

''Ndaryohewe cane no gushobora kuronka akaryo ko kugira ico ngerageza.

''Narakoze uko nshobora kugira ntere iteka umuryango wanje. Baramfashe mu mugongo igihe cose kandi n'ibintu bihamabaye kuba ushigikiwe.''

Umuyobozi w'iterambere ry'uwaruka muri Bayern Jochen Sauer yavuze ko bari bamaze igihe bashinze ijisho Irankunda.

''Twarabonye ko afise impano kandi azotera intambwe ikurikira hamwe na twe,'' nk'uko yabwiye urubuga rwa internet rw'uwo mugwi.

Umumenyereza wa Adelaide United Carl Veart avuga ko Bayern, umaze gutarwa ibikombe 33 vyo muri championnat yo mu gihugu n'ibikombe 6 vya Champions League, bafise ''kahise gakomeye ko guteza imbere abakinyi bakiri bato''.

''Ndazi ko Nestory ashaka gushika yerekana ico ashoboye niyo yamara gushikayo,'' nk'uko Veart yandananije avuga.

''Ibi ni vyo bigiye kuba mu mezi indwi asigaje kumara muri Adelaide United, kumufasha kwitegurira intambwe ikurikira.''

Yoba Irankunda agiye kuzoba igihangange gikurikira ca Australia ?

Nestory Irankunda ariko aragwanira umupira na Keita Kosugi w'Ubuyapani (i bubamfu)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Irankunda yarakiniye Australia mu gikombe ca Asia c'abatarakwiza imyaka 17 mu kwezi kwa gatandatu

Kuba Irankunda yaramaze kwicara ku ntebe y'umugwi wa Australia w'abakuze ku rwego mpuzamakungu, Uburundi bushobora kutazokworoherwa kwumvisha uwo muhungu guhindura uwo akinira.

Ariko, ntiyashizwe mu mugwi uzokina mu nkino zimirije zo gukuranamwo mu kurondera itike yo kuja mu gikombe c'isi ca Fifa 2026 kandi umumenyereza w'umugwi w'igihugu Graham Arnold arigengesera kuri kazoza ku mukinyi abonwa na bamwe nk'uwushobora kuzoba umwe mu bakinyi bakomeye cane mu gihugu.

Veart ntashaka ko Irankunda hagira ibimuremera vyinshi.

''N'umukinyi w'igitangaza akiri muto bikenewe ko twumva ko akiri muto cane,'' nk'uko bivugwa n'uwo mumenyereza w'imyaka 53.

''Turamushimira kuba gushika ubu avyitwaramwo neza mu gihe azi ko abarorerezi n'abandi bose bamurindiriyeko vyinshi. Ariko tugume twibuka ko agifise imyaka 17.''