Vyemejwe ko umunyeshure w'umunye Tanzania yanyurujwe na Hamas yapfuye

Clemence Felix Mtenga

Ahavuye isanamu, MASHAV ISRAEL

Insiguro y'isanamu, Clemence Felix Mtenga yakurikirana ivyigwa vy'uburimyi igihe haba igitero ca Hamas itariki indwi z'ukwezi kwa cumi
    • Umwanditsi, Munira Hussein & Alex Smith
    • Igikorwa, BBC News, Dar es Salaam and London

Reta ya Tanzania yemeje urupfu rw'umunyeshure yanyururijwe mu gitero ca Hamas kuri Israel.

Clemence Felix Mtega w'imyaka 22, n'umwe mu ba Tanzania babiri banyurujwe n'uwo muhari itariki 7 z'ukwezi kwa cumi. Ntibiramenyekana uburyo yapfuye.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Tanzania n'amakungu buvuga ko buriko buravugana na Israel ku vyerekeye uwundi munye Tanzania yanyurujwe, Joshua Mollel.

Abantu barenga 230 baranyururijwe mu gitero ca Hamas, abandi bantu boba bashika 1.200 baricwa.

Israel ivuga ko abagizwe ingwati bakuwe muri Israel bajanwa muri Gaza - bava mu bihugu 25, harimwo umwe wo muri Afrika y'Epfo ataramenyekana umwirondoro wiwe.

Abanye Tanzania boba bashika 260 biga ibijanye n'uburimyi muri Israel, kandi bose ko ari babiri, Mtenga na Mollel bari muri ico gihugu gukurikirana ivyigwa muri ico gisata nk'uko ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Israel bubivuga kuri X.

Ko ari babiri bari bashitse muri Israel mu kwezi kw'icenda, bikaba vyari vyitezwe ko bakurikirana ivyigwa amezi cumi na kumwe.

Mtenga yaba Kibbutz Nir Oz, ku mugoroba akaba yakora mw'ihinguriro ry'amata, nk'uko abagenzi biwe n'abo bigana babibwiye BBC.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe inkuru y'inyuruzwa yamenyekana mu kwezi guheze, mushiki we yavuze ko umuryango wiwe wose uri mu gahinda, ariko ko ufise icizere ko ashobora kurokorwa.

Yagize ati:`"Ategerezwa kwigumya aho ari, amenye ko tumukunda kandi ko tumusengera ijoro n'umutaga, twizeye ko vuba azogaruka."

Ubushikiranganji bwa Tanzania bw'imigenderanire buvuga ko umuryango wa Mtenga wamenyeshejwe urupfu rwiwe, kandi ko abategetsi bariko baravugana na reta ya Israel kugire barungike ikiziga ciwe muri Tanzania.

Ivyerekeye Mollel ntibizwi gushika ubu.

Imbere y'uko vyemezwa ko yanyurujwe, se wiwe yabwiye BBC ko adashobora gufungura canke gusinzira kubera kutamenya ivyamushikiye.

Ijambo rya nyuma yavuganye n'umuhungu wiwe imbere yo kumubura ryari:"Witonde kuko uri ahantu hashasha kuri wewe, hanyuma ukurikirane neza ivyigwa vyo kwimenyereza vyakujanye."

Gushika ubu bane mu banyurujwe baramaze kurekurwa, harimwo umwe yabohojwe ku nguvu n'ingabo za Israel.

Hamas - ifatwa nk'umuhari w'iterabwoba n'Ubwongera, Amerika n'ibindi bihugu bimwe bimwe - ivuga ko yanyegeje abo banyurujwe "mu bibanza bitekanye no mu myobo" muri Gaza.