Bishasha hagati ya Israel na Hamas: IDF ivuga ko yateye ibigo vyo mu kuzimu muri Gaza vyarimwo abategetsi bakuru ba Hamas

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko cakoze ibitero ku bigo bibiri ''vyo mu kuzimu'' vyarimwo abategetsi ''bakuru'' ba Hamas muri Gaza.
Umuvugizi wa IDF Daniel Hagari avuga ati: "Intwazangabo zitari nke za Hamas zari zinyegeje muri kimwe muri vyo, harimwo Ahmed Randor, umukuru wa birigade [brigade] ya Hamas ikorera mu buraruko bwa Gaza hamwe na Hyman Sian, umukuru wa birigade ya Hamas ikoresha vya muzinga".
Avuga ko ikindi kigo co mu kuzimu catewe carimwo ''abategetsi bakuru b’ishami rya poritike rya Hamas harimwo Raukhi Mushta, akorana mu buryo bwa hafi cane na Yahya Sinwar [umukuru wa Hamas muri Gaza], Asam Dalyis, umukuru wa reta ya Hamas muri Gaza akorana mu buryo bwa hafi cane na Ismael Haniyah [umukuru w’ishami rya poritike rya Hamas], hamwe na Samech El Sarg, na we nyene akorana mu buryo bwa hafi cane na Sinwar, be n’abandi bategetsi bakuru ba Hamas muri Gaza".
Ata nsiguro ziramvuye atanga, uno muvugizi wa gisirikare avuga ko ibi bigo ''vyononekaye cane''.
Aya makuru atangwa na Israel nta ruhande rwigenga rwashoboye kuyahinyuza.
Igisirikare ca Israel casohoye amasanamu y’amayira yo mu kuzimu musi y’inyubakwa z’ibitaro’

Ahavuye isanamu, IDF
Haraciye amasaha make igisirikare ca Israel (IDF) gisohoye amasanamu n’amavidewo ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, kivuga ko ari amayira yo mu kuzimu ari musi y’inyubakwa z’ibitaro muri Gaza.
BBC ntishobora gushoka ihinyuza aya masanamu.
Mu butumwa buherekeza videwo imwe igisirikare ca Israel kivuga ko yerekana ubwinjiriro bw’inzira yo mu kuzimu musi y’ibitaro bikuru vyo mu gisagara ca Gaza, IDF ivuga iti: "Hagati mu nyubakwa y’ibitaro Shifa, hatowe inzira y’iterabwoba yo mu kuzimu ya Hamas''
IDF kandi yasohoye amasanamu ivuga ko ari ay’imbere mu ''indi nzira y’iterabwoba yo mu kuzimu'' mu bitaro bikuru vy’abana, Al-Rantisi, muri Gaza.
Mu ntango z’ino ndwi, IDF yari yasohoye kandi videwo yo muri ibi bitaro ivuga ko hatowe ibirwanisho n’ibiturika vyoba vyatowe muri iki kigo c’ubuvuzi.
Muri ubu butumwa bwa nyuma, yerekanye isanamu “y’ibirwanisho vyinshi n’amasasu menshi” vyatowe mu bitaro Al-Quds.
Israel ivuga ko Hamas ikorera mu nyubakwa z’ibitaro no musi yazo, mbere na Amerika ikavuga ko ifise amakuru y’igendereza yemeza ibi bivugwa na Israel.
Hamas hamwe n’abategetsi b’ibitaro bama bahakana ano makuru.
Israel iburira abantu kuva mu turere tumwe tumwe tw’ubumanuko bwa Gaza
Ingabo za Israeli zaburiye abantu baba mu bisagara bimwe bimwe mu karere ka Khan Younis ko bova mu mazu yabo bakaja mu bibanza vyo kwikinga.
Khan Younis ni co gisagara kinini mu bumanuko bwa Gaza – cahungiyemwo abanyagihugu inyuma yo kubwirwa ko bova mu buraruko.
Ku wa gatatu mw’ijoro, ingabo za Israel zakororeye inzandiko mu bisagara bine - Bani Shuhaila, Khuzaa, Abassan na Qarara – vyarimwo abantu barenga 100.000 imbere y’uko akarere k’ubumanuko karengerwa n’abantu bataye izabo.
Nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, izi nzandiko zavuga ziti: "Kubw’umutekano wanyu, ni ngombwa ko muva mu bibanza mubamwo bwango mukaja mu bibanza vyo kwikinga bizwi.
''Uwo ari we wese ari hafi y’abarwanyi b’iterabwoba canke mu bibanza vyabo aba ashize ubuzima bwiwe mu kaga, kandi inzu yose ikoreshwa n’abarwanyi b'iterabwoba izokubitwa''.
Haraciye amayinga make inzandiko nk’izi zikororewe mu buraruko bwa Gaza imbere y’uko Israel itangura igitero cayo co ku butaka.
Mu kw’icumi, igitigiri c’abantu baba muri Khan Younis cavuye kuri 400.000 gishika ku barenga umuriyoni inyuma y’uko ibihumbi amajana n’amajana bahungiyeyo bavuye mu buraruko bwa Gaza.
Ibihumbi n’ibihumbi vy’abataye izabo ubu baba mu tuzu tw’amahema mu makambi, mu nyubakwa z’ibitaro hamwe no mu nyubakwa z’amashure muri Khan Younis.
Israel ivuga ko yatoye ibiziga bibiri vy’abari mu banyurujwe na Hamas
Israel itangaza ko imaze gutora ibiziga vy’abagore babiri muri ba bantu bashika hafi 240 banyurujwe na Hamas muri ca gitero cayo co ku wa 07 Gitugutu (10), ari na co ntandaro y’iyi ntambara.
Umwe yari umusirikare w’imyaka 19, Kaporari (caporal/ Corporal) Noa Marciano, yatowe mu nyubakwa iri hafi y’ibitaro Shifa.
Ikiziga ciwe catahukanywe muri Israel, ari na ho hakorewe ibipimo kugira hemezwe umwidondoro wiwe.
Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yabwiye ikimenyeshamakuru CBS co muri Amerika, ko hari ''ibimenyetso bikomeye'' vy’uko abanyurujwe bari bapfungiwe mu bitaro Al-Shifa, kandi ''iri mu vyatumye twinjira''.
Netanyahu avuga ko igihe ingabo za Israel zinjira muri ibi bitaro ku wa gatatu ata mpfungwa n’imwe yari ikiri muri ibi bitaro, akavuga ati: ''Nimba hariyo [imbohe], zari zakuwemwo''.
Uwundi ni umugore w’imyaka 65 yari asanzwe ariko yivuza ingwara ya kanseri (cancer), akaba atasubiye kuronka imiti kuva anyurujwe, nk’uko bitangazwa n’ihuriro Bring Them Home Now riharanira ibohozwa ry’abanyurujwe. Ikiziga ciwe catowe ejo ku wa kane.
Ubushikiranganji bwa Israel bujejwe imigenderanire buvuga ko umugabo wiwe Shmuel yishwe n’abarwanyi ba Hamas.










