Israel- Hamas: Amerika ivuga ko Israel igiye kuza iratanga agahengwe k’amasaha ane buri musi muri Gaza

Ibihomoka

Ahavuye isanamu, Reuters

Israel igiye gutangura gutanga agahengwe k’amasaha ane buri musi mu turere two mu buraruko bwa Gaza, nk’uko bitangazwa n’umuvugizi w’inama y’igihugu y’umutekano ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kirby.

Hagati aho, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi ashimangira ko ari ingingo zerekeye gusa “uturere kanaka, tuzwi neza” kandi ko “zitazosamaza muri ino ntambara”.

Ejo ku wa kane, haravuzwe intambara z’urutavanako mu micungararo y’ibitaro bibiri bikomeye mu gisagara ca Gaza.

Hagati aho, amasanamu yasubiye kwerekana ibihumbi n’ibihumbi vy’Abanya-Palestina bariko barahungira mu bumanuko bavuye muri ico gisagara no mu tundi turere tw’uburaruko bwa Gaza.

Israel iramaze ukwezi kurenga icucagira ibibombe vy’urutavanako kuri Gaza, mu gihe haciye indwi zibiri itanguje intambara ikomeye yo ku butaka mu ntumbero yo gusambura Hamas, umuhari ifata, co kimwe na Amerika be n’ibindi bihugu vy’uburengero, nk’umuhari w’iterabwoba.

Iyi ntambara yatangujwe n’igitero kitari bwigere kibaho c’abarwanyi ba Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 07 Gitugutu (10), aho abantu 1400 bagandaguwe, abandi bashika 240 baranyuruzwa.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu y’ubutegetsi bwa Hamas muri Gaza butangaza ko abantu 10.800 bamaze kwicwa, na yo imiriyoni 1.5 bagata izabo.

Biden avuga ko Istrael iriko “irarwanya umwansi yinyegeje mu banyagihugu b’abasivire, ibituma Abanya-Palestina b’inzirakarengane baja mu vyago”, ariko ko ari ngombwa ko Israel “itegerezwa gutandukanya abakora iterabwoba n’abasivire, kandi igategerezwa kwubahiriza amategeko mpuzamakungu”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ejo ku wa kane, igisirikare ca Israel catangaje ko cateye “ikigo ca gisirikare” ca Hamas hafi y’ibitaro Al-Shifa kikica “abarwanyi b’iterabwoba” 50.

Uwari muri iyo micungararo avuga ko yiboneye ikimodoka c’intambara kitamenwa n’amasasu kiriko kirarasa hafi y’ibitaro Al-Quds.

Bivugwa ko ibitaro Al-Shifa biri mu gisagara ca Gaza, ari na co kigo ca mbere kinini c’ubuvuzi, birwariyemwo abantu 2000 bikaba bihaye indaro n’abataye izabo 50.000.

Umukuru wavyo, Mohammed Abu Selmia, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press ko ingabo za Israel ziri ku birometero vyababa bitatu, kandi ko ibintu bimeze nabi cane.

Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko Hamas ikorera kandi mu bigo vyo mu kuzimu biri musi y’ibitaro Al-Shifa. Hamas hamwe n’abakozi b’ibi bitaro barahakana ibi birego.

Ejo ku wa kane haravuzwe kandi intambara zikomeye mu micungararo y’ibitaro Al-Quds.

Ibi bitaro vyari vyatangaje ku wa gatatu ko imoteri nkuru yavyo yazimye kubera ubukene bw’igitoro.

Mu rugendo yagize mu karere ka Rafah kari ku rubibe rwa Misiri na Gaza ku wa gatatu, umukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu Volker Türk yavuze ko impande zompi zakoze ivyaha vyo mu ntambara.

Avuga ati: "Amabi yakozwe n’imirwi y’Abanya-Palestina yitwaje ibirwanisho ku wa 07 Gitugutu yari ay’inzigo, vyari ivyaha vyo mu ntambara – co kimwe no kubandanya bapfunze abantu banyurujwe.

"Igihano c’ikivunga ca Israel ku basivire b’Abanya-Palestina na co nyene ni icaha co mu ntambara, co kimwe no kwimura abasivire ku nguvu. Ibibombe bicucagirwa na Israel mu rudavagi bimaze kwica, biramugaza vyongera bikomeretsa cane cane abagore n’abana”.

Israel yoyo ibandanya ishimangira ko ikora yisunze amategeko mpuzamakungu kandi ko ikora ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire abasivire benshi bapfa canke ngo bakomereke.

Iki gihugu kiriyamiriza kandi amajambo ya ONU yo kugabisha ko muri Gaza ubuzima bw’abantu buri mu kaga, kikavuga ko hari imfungurwa zikwiye, amazi akwiye n’ibitoro bikwiye n’aho “igoswe rwose” mu kwihora igitero ca Hamas, kikaba mbere kiterekwa ivyo guhagarika intambara abantu banyurujwe batarekuwe.