Lil Nas X yahagagiritswe ajanwa mu bitaro inyuma yo kuyerera mw'ibarabara muri LA mw'ikareso

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Tabby Wilson
- Igikorwa, BBC News
Umuririmvyi wa rap amaze gutahana ubushimwe Lil Nas X yarahagaritswe inyuma yo gushamirana n'igiporisi muri Los Angeles, nk'uko abategetsi bavyemeje.
Abaporisi bahamagawe kuja kuraba ibiriko biraba i Ventura Boulevard isaha cumi n'imwe n'inusu zo mu gitondo (5:30) mu masaha y'aho ku wa kane inyuma y'amakuru y'uko hari umugabo yariko aratembera mu mabarabara ari mw'ikareso, nk'uko umuvugizi w'igiporisi ca Los Angeles Department (LAPD) yavuze.
Abaporisi bamaze gushika aho hantu, LAPD ivuga ko uwo muririmvi w'indirimbo yabaye rurangiranwa Old Town Road ''yabahangaye'' aca arafatwa akekwa kw'icaha co gutata n'inguvu.
Yaciye ajanwa kwa muganga kugira avurwe igishobora kuba ari ugufata ibiyayuramutwe (ibiyobyabwenge) birenze urugero. BBC yagerageje kuvugana n'abamuserukira kugira hagire ico babivuzeko.
Video itarahinyuzwa y'uwo rurangiranwa ku wa kane mu gitondo yaramamajwe na TMZ, yerekana uwo muririmvyi ariko aratamba mw'ibarabara ari mw'ikareso gusa n'ibirato vy'ingamiya vy'aba 'cowboy', ahamagarira abantu barengana ''kuza muri ico giteramo''.
Uwo muririmvyi wa rap yitezwe gusohora album yiwe igira kabiri yo muri studio irindiriwe cane Dreamboy mu mpera z'uyu mwaka, ubu akaba aja arasohora imponjo y'uwo muziki wiwe kuri Instagram imbere y'uko iyo album isohoka.
Lil Nas X yavukiye Montero Lamar Hill, yabaye umugabo wa mbere w'umu gay atabinyegeza [gay: umugabo agirana imigenderanire mpuzabitsina n'umugabo nka we) yaronse agashimwe ka Country Music Association, inyuma yo kugatsindira na Old Town Road mu 2019.
Iyo ndirimbo kandi yaratsindiye udushimwe tubiri twa Grammy ica n'umuhigo w'indirimbo yamaze igihe ca mbere kirekire ari inomero ya mbere ku rutonde rwa Billboard rw'indirimbo ijana za mbere - Billboard Hot 100- inyuma y'amayinga 17 ari yo iza ubwa mbere.
Uwo muririmvyi aramaze gutera impari muri uwo mwuga wiwe wo kuririmba, aho abagendera ku mico ya kera muri Amerika bavuze ko video ya single yiwe yakunzwe Montero (Call Me By Your Name) '' itaye ubuntu'' kandi y'''akabi''.
Uwo muririmvyi yishuye na video atari iy'ukuri kuri You Tube nayo iteye impari cane , hanyuma aca yandika kuri Twitter ko yashaka ko amosozi y'abansi biwe ''yuzura igikombe ciwe ca Grammy''.











