Afrika y’Epfo iragabisha ‘abashaka gutembagaza ubutegetsi '

Ramaphosa avuga ko inzira yonyene yo kumukura ku butegetsi ari iy’amatora

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ramaphosa avuga ko inzira yonyene yo kumukura ku butegetsi ari iy’amatora

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo avuga ko imyiyerekano itegekanijwe ku wa mbere n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi atari imyiyerekano isanzwe, ko ahubwo ari umugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Umugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, Economic Freedom Fighters (EFF) utegura imyiyerekano mu gihugu cose kubera ikibazo c’umuyagankuba, ugasaba Perezida Cyril Ramaphosa gutanga imihoho.

Avugana n’abamenyeshamakuru ku nteguro zo guhangana n’iyi myiyerekano, Komiseri w’igipolisi mu ntara ya KwaZulu-Natal, Liyetena-Generali Nhlanhla Mkhwanazi, agira ati: "Ibi ni ugushaka gutembagaza ubutegetsi. Si imyiyerekano, ni akaguma.

“Urugero rw’ubwoba buhari rurarengeye iyindi myiyerekano, ni co gituma dutegerezwa kumera magabo”.

Avuga ko igipolisi kitararonka urwandiko rukimenyesha amakoraniro ayo ari yo yose yoba ateguwe muri iyo ntara, akavuga ko abajejwe umutekano bashika 18.000 bashobora kurungikwa ku rubuga muri iyo myiyerekano nk’uko bivugwa n’imboneshakure eNCA TV .

Ku wa kane, Perezida Ramaphosa yaragabishije ko akaguma kadashobora kwihanganirwa muri iyo myiyerekano, aca asaba inzego z’umutekano “gukingira abanyagihugu bacu”.

Ramaphosa avuga ko inzira yonyene yo kumukura ku butegetsi ari iy’amatora.

Julius Malema, umukuru wa EFF, ashimangira ko iyi myiyerekano ikurikije amategeko, akagabisha ko umuntu uwo ari we wese azogerageza kubahagarika “azokwibonerako”, nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi News24.