Batwawe n’uruzi bari mu masengesho muri Afrika y’Epfo

Ibikorwa vyo kurondera aboba bakiri muri urwo ruzi birabandanya kuri uno wa mbere

Ahavuye isanamu, Robert Mulaudzi

Insiguro y'isanamu, Ibikorwa vyo kurondera aboba bakiri muri urwo ruzi birabandanya kuri uno wa mbere

Na Damian Zane

BBC News

Abantu 14 muri Afrika y’Epfo barapfuye bahitanywe n’umwuzure wateye uruzi bariko bagiriramwo ibirori vy’urusengero rwabo.

Ku wa gatandatu, bamwe mu banyeshengero barenga 30 bari bahagaze ku mabuye y’urutare igihe umukuba w’amazi wabatera giturumbuka, nk’uko ababibonye babivuga.

Umupasitori yakijijwe n’ishami ry’igiti yafashe akaryizirikako mu gihe nawe nyene yariko aratwarwa, nk’uko uyu yabibonye abivuga.

Kuwa mungu mugoroba, abajejwe ubutabazi bari bahagaritse ibikorwa vyo kurondera aboba bakiri muri urwo ruzi Jukskei ruri i Johannesburg.

Haracibazwa ko nibura abantu batatu bataramenyekana amaherezo yabo kandi igikorwa co kubarondera gisanzwe kiriko kirakorwa n’igipolisi hamwe n’igisata kijejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka be n’abahinga mu kurokora abatwawe n’inzuzi, kirabandanya kuri uno wa mbere.

Inyuma yo gutora ibiziga bibiri ku wa gatandatu, ejo ku wa Mungu batoye ibindi 12, nk’uko Robert Mulaudzi, umuvugizi w’igisata kijejwe ubutabazi c’igisagara ca Johannesburg, yabibwiye abanyamakuru.

Imbere y’aha, yavuze ko abategetsi bari bagabishije abanyagihugu ko bokwiyubara mu gihe bokorera ibirori muri urwo ruzi canke hafi yarwo, uruzi ruzwi ko rukunze guterwa n’imyuzure mu gihe c’imvura muri Afrika y’Epfo.

"Abanyagihugu bacu, cane cane abasenga bakora imigirwa nk’iyo, bazokwipfuza kuja muri izi nzuzi. Ubutumwa tubaha ni uko bokwiyubara mu gihe bari muri iyi migirwa”.

Victor Ncube, nawe yari muri ico gisabisho, yabwiye ikinyamakuru co muri ico gihugu, eNCA, ko yashoboye kurokora abantu batanu akabakura muri urwo ruzi bari bamaze gutwara gushika ku metero 100.

Avuga ko abandi rwari rwabagejeje kure ku buryo atari gushikayo ngo agerageze kubarokora.