Sentare ya Texas yimye Kate Cox uruhusha rudasanzwe rwo gukoroza inda

Kate Cox ari mu mburano zo gukuramwo inda

Ahavuye isanamu, KATE COX

Insiguro y'isanamu, Na Holly HonderichI Washington

Abashingwamanza b'umugore aburanya reta ya Texas kugira akuremwo inda ibangamiye cane amagara yiwe bavuze ko yagiye ahandi ashobora kuyikurizamwo.

Kate Cox w'imyaka 31, yasavye gukoroza inda inyuma yaho umwana yibungenze asuzumiwe ingwara ya trisomy 18 (ituma umwana adakura neza mu nda, akavukana ubumuga bw'ibihimba bitari bike vy'umubiri), ingwara ishobora kwica, abaganga bakavuga ko ishira mu kaga amagara y'irondoka y'uyu mugore.

Sentare y'intango yari yamuhaye uruhusha rwo kuyikoroza ariko sentare ntahinyuzwa ya reta ya Texas yaciye imwaka urwo ruhusha rudasanzwe yari yahawe ku wa mbere.

Intara ya Texas ifise amategeko akomeye abuza gukuramwo inda mu gihugu.

Aya mategeko ruhasha muri ino reta abuza ugukoroza inda kuva umwana agisamwa, kiretse mu bihe bidasanzwe bishika gake vy'aho amagara y'umuvyeyi yibungenze aba ageramiwe.

Abaharanira uburenganzira bwo gukoroza imbanyi bavuga ko urwo ruhusha rudasanzwe rudatomoye neza kandi rushira mu kaga amagara y'abagore.

Mu cemezo c’impapuro zirindwi, Sentare nkuru ya Texas yasanze umuganga w'umupfasoni Cox ataragaragaje ko ubuzima bwiwe bugeramiwe bitewe "n'ingwara yoshobora kumuhitana" nk'uko bisabwa n’amategeko.

Abacamanza banditse bati: "Aya mategeko yatowe n'abashingamateka, kandi amasentare ategerezwa kuyubahiriza".

Nk'uko biboneka mu mpapuro umupfasoni Cox yashikirije ubutungane, abaganga baranse kumufasha gukorora inda, bavuga ko 'amaboko yabo aboshwe' mu gihe umutima w'umwana ari mu nda ugitera.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Urubanza rw'uyu mupfasoni Cox rwari kuba urwa mbere rw'umugore asaba sentare uruhusha rwo gukoroza inda kuva aho sentare ntahinyuzwa ya Reta Zunze ubumwe za Amerika itesheje agaciro urubanza rwa Roe na Wade mu mwaka uheze, rigaha ububasha amasentare ya reta imwe imwe ukwayo kugenzura uburyo bwo gukoroza inda.

Trisomy 18 ni ingwara ifata uturemangingo ituma kenshi inda ikoroka, kuvyara umwana apfuye canke agapfa akivuka canke agapfa mu mwaka wa mbere w'ubuzima bwiwe. Abaganga ba Cox bamubwiye ko kubandanya yibungenze iyo mbanyi vyari gushira mu kaga inrondoka ryiwe muri kazoza.

Uyu muvyeyi w'abana 2 yari yahawe uruhusha rudasanzwe n'umucamanza wo muri Texas. Ariko umushingwamanza mukuru wa reta Ken Paxton yagabishije abaganga bazohirahira bakamufasha gukuramwo inda ko bashobora gukurikiranwa mu butungane.

Paxton yasavye kandi sentare ntahinyuzwa y'ino reta - icenda bose bayigize bakaba ari abo mu mugambwe w'Abarepubulika - kubijamwo. Vyabaye ngombwa ko sentare iba irahagaritse ingingo yo kwemerera umupfasoni Cox gukuramwo inda mu gihe igisuzuma urubanza.

Ku wa mbere, abanshingwamanza ba Cox batangaje ko yavuye muri Texas akaja ahandi ashobora kwemererwa gukuzayo imbanyi hanze y'iyi ntara.

Nancy Northup, umuyobozi mukuru w'ikigo giharanira uburenganzira bw'irondoka (Center for Reproductive Rights), kikaba n'umugwi ushigikiye Cox, yavuze ati: "Iyi ndwi iheze yaranzwe n'amategeko adatomoye yabereye Kate umuriro udahera."

Yongeye kuvuga ati: "Ubuzima bwiwe burageramiwe. Yama aja kwa muganga ahakirirwa indembe kenshi kandi ntagishoboye kurindira na gato. Yamye yifuza cane kuronka ubuvuzi aho aba kandi agakirira imuhira ari kumwe n'umuryango".

Ico kigo nticavuze iyo umupfasoni Cox yaroye kandi kivuga ko ata mwanya afise wo kugira ico ashikirije ku biriko biravugwa.

Nta tegeko ryo muri Texas ribuza abantu kuja mu yindi mihingo gukoroza inda ariko mu mezi aheze uturere tumwe tumwe twaratanguye gushinga amategeko nkayo abibuza. Mu kw'icumi, akarere ka Lubbock kabaye akarere kanini kashize mu ngiro iyo ngingo, mu kubuza uwo ari we wese kwunguruza umugore yibungenze muri ako karere, kumurihira itike ryo kwiyunguruza, ku mpamvu yo kuja gukoroza inda.

Molly Duane, umushingwamanza wo mu kigo c'abaharanira uburenganzira bw'irondoka, yavuze ko mu kwezi guheze iryo tegeko ridashitse ryasize abaganga ''mu bwoba bwinshi'' bwo gukoresha ubumenyi bwa kiganga mu guhitamwo abo bavura mu gutinya guhabwa ibihano bikomeye.

Abaganga bafasha gukoroza inda muri Texas bashobora gufungwa ubuzima bwabo bwose, kwakwa uburenganzira bwo kuvura no kuriha ihadabu y'ibihumbi amajana vy'amadorari.

Aganira na BBC ku wa mbere inyuma y'aho sentare ntahinyuzwa iciriye urubanza, umupfasoni Duane yavuze ko abanyaporitike ''baremye ikintu c'icoba muri Texas kugira abantu batinye gufasha ababo''.

Yamiriye kure ''amakuru atariyo'' y'abantu bizera ko abantu bafasha abandi kuja gukoroza inda ahandi bashobora gukurikiranwa n'ubutungane.

Umushingwamanza w'umushikirizamanza mukuru, Beth Klusmann, yavuze ko hariho amategeko yemerera abaganga gukoresha ubumenyi bwa kiganga mu ''guhitamwo neza'' abo bavura.

Sentare ntahinyuzwa yo muri Texas iriko irasuzuma urundi rubanza rujanye no gukuramwo imbanyi rufitanye isano n'uruhusha rudasanzwe rutangwa n'abajejwe amagara y'abantu muri reta.

Bayobowe n'ikigo giharanira uburenganzira bw'irondoka, abantu 22 - barimwo abaganga n'abagore bankiwe gukuramwo inda muri iyo Reta- baritwariye mu butungane Reta kugira itomore neza amategeko yashinze, bavuga ko uruhusha rudasanzwe rwo kwa muganga rudatomoye na gato.