Sentare nkuru ya US yahagaritse itegeko ritanga uburenganzira bwo gukoroza inda

Abaharanira uburenganzira bwo gukoroza inda n'ababurwanya bakoze imyiyerekano imbere ya sentare nkuru y'igihugu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abaharanira uburenganzira bwo gukoroza inda n'ababurwanya bakoze imyiyerekano imbere ya sentare nkuru y'igihugu

Amamiriyoni y'abagore muri Reta Zunze Ubunmwe za Amerika bagiye gutakaza uburenganzira bahabwa n'ibwirizwashingiro bwo gukoroza inda, inyuma y'aho sentare nkuru y'ico gihugu ikuriyeho ingingo yari imaze imyaka 50, izwi nka Roe V Wade.

Iyi ngingo ya sentare yugururiye inzira intara ku giti cazo yo guhagarika ubu burenganzira.

Igice cazo zitezwe gushiraho ayandi mategeko y'inzitizi canke guhagarika burundu ubu burenganzira. Cumi na zitatu muri zo zari zamaze kwemeza icitwa amategeko mbarutso (trigger laws) abuza ugukoroza inda.

Perezida Joe Biden avuga ko iyi ngingo ari "ukwihenda gukomeye", aca atera akamo intara ko zoshiraho amategeko yemerera ababishaka gukoroza inda.

Inyuma y'iyi ngingo ya sentare nkuru y'igihugu, vyitezwe ko abagore bababa imiriyoni 36 bari mu myaka yo kuvyara batakaza ubu burenganzira, nk'uko biri mu cegeranyo c'ishirahamwe Planned Parenthood rifasha gukoroza inda.

Abanywanyi b'impande zompi biyegeranirije imbere y'iyi sentare mu myiyerekano, igipolisi kikaba ari co cabatandukanije.

Umwe mu barwanya ugukoroza inda yabwiye BBC ko yari "anezerewe cane" mu gihe we na bagenziwe bariko bishimira iyi ngingo.

Uyu mupfasoni ati: "Kugira iki kintu itegeko y'igihugu vyonyene ntibihagije. Gushigikira ko abantu bagira uburenganzira bwo kubaho bisigura ko ata muntu ashobora kwiyumvira gukorora inda".

Ku rundi ruhande, abashigikiye ko abantu bihitiramwo ugukoroza inda canke kuyitwara gushika ivuke bariyamiriza iyi ngingo, bakavuga ko "itemewe" kandi ko ari iyo "agahotoro".

Umunyamakuru wa BBC Samantha Granville yari kw'ivuriro rikorora inda mu karere ka Little Rock muri Arkansas avuga ko igihe iyi ngingo yasohoka, imiryango yo mu cumba c'abarwayi yaciye yugarwa, yumva amajwi y'abantu bapfunagira imbere y'uko asabwa gusohoka. Iyi ntara iri mu zemeje itegeko mbarutso.

Abarwanya ugukoroza inda bishimiye iyi ngingo mu myiyerekano yabo hanze ya Sentare nkuru y'igihugu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abarwanya ugukoroza inda bishimiye iyi ngingo mu myiyerekano yabo hanze ya Sentare nkuru y'igihugu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe iri tegeko ryiswe Roe v Wade rishingwa mu 1973, Sentare Nkuru yakoze amatora, indwi bararyemeza babiri bararihakana, rikaba ryavuga ko uburenganzira bw'umugore bwo gukoroza inda bukingiwe n'ibwirizwashingiro rya Amerika.

Iri tegeko ryahaye abagore b'amanyamerikakazi uburenganzira bwose bwo gukoroza inda mu gihe ikiri mu mezi atatu ya mbere, ariko ryemeza ko hashobora gushiraho inzitizi (restrictions) mu gice ca kabiri c'imbanyi, n'amategeko yo kubibuza burundu mu gice ca gatatu.

Ariko mu myaka mirongo kuva ico gihe, amategeko abuza gukoroza inda yagiye afatwa mu ntara zirenga cumi.

Muri ino ngingo ya kino gihe, Sentare nkuru yihweje urubanza rumwe, ruzwi nka Dobbs v Jackson Women's Health Organization, ku ngingo ya Mississippi yo kubuza ugukorora inda imaze amayinga 15.

Mu ngingo ishigikira iyi ntara, iyi sentare igizwe ahanini n'abashira imbere ivyiyumviro vya kera (Conservateurs/Convervative) yahagaritse ubu burenganzira bwo gukoroza inda butangwa n'ibwirizwashingiro.

Abacamanza batanu bashigikiye cane iyi ngingo: Samuel Alito, Clarence Thomas, Neil Gorsuch, Brett Kavanaugh na Amy Coney Barrett.

Umukuru w'iyi sentare John Roberts yanditse iciyumviro avuga ko, n'aho yashigikiye ingingo ya Mississipi ibuza gukorora inda, ntiyari kurenza aho.

Abacamanza batatu banse ingingo ya benshi - Stephen Breyer, Sonia Sotomayor na Elena Kagan - banditse bavuga ko bakoze uko "n'umubabaro - kuri ino sentare, ariko cane cane, ku mamiriyoni menshi y'abanyamerikakazi batakaje uburenganzira bwabo bukomeye bahabwa n'ibwirizwashingiro".

Iyi ngingo yaraye ifashwe ejo ku wa gatanu ni ingingo ivuguruza iyo yo nyene yari yafashe - ibidakunze kwibonekeza - kandi ishobora kuba intandaro y'intambara za poritike zicanishijemwo iki gihugu.

Mu ntara aho abahigikiye ugukoroza inda n'abatabishigikiye basa n'abangana - izi ni nka Pennsylvania, Michigan na Wisconsin - bishobora kubanza guca mu matora kugira ngo iyi ingingo ije mu ngiro.

Mu zindi ntara, iyi ngingo ishobora gutuma havyuka intambara nshasha z'amategeko, harimwo no kwemeza canke guhakana nimba abantu ku giti cabo bashobora kuva mu ntara bakaja gukoroza inda mu zindi zitanga ubu burenganzira, canke bagatumako imiti bakoresheje uburyo bwa posita (mail).

Igihe yiyamiriza iyi ngingo ya sentare nkuru y'igihugu, Perezida Biden yabwiye abagore bo mu ntara zidatanga ubu burenganzira ko bofata ingendo bakaja mu ntara zibutanga.

Ba buramatari b'aba Democrats mu ntara zitari nke harimwo nka California, New Mexico na Michigan, bamaze gutangaza ko bategura zo gushiramwo ingingo zitanga uburenganzira bwo gukoroza inda mu mabwirizwashingiro yazo.

Buramatari wa Mississippi Tate Reeves yaciye yihutira gushigikira iyi ngingo, aho avuga ko intara yiwe "yarongoye igihugu kwiganzura kimwe mu bigize akarenganyo gakomeye mu mateko y'igihugu cacu".

Mike Pence yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, akaba kuva kera yamye arwanya ingingo Roe v Wade, yasavye abashigikiye iyi ngingo ya Sentare kubandanya urugamba gushika "agaciro k'ubuzima" gakingiwe n'amategeko mu ntara zose.

Ku rundi ruhande, umukuru w'inama nshingamateka, umu Democrat Nancy Pelosi yavuze ko "iyi sentare nkuru yiganjemwo aba Repubulika" yashitse ku ntumbero ikomeye y'umwijima" y'uwu mugambwe.

Yanditse ati: "Abanyamerikakazi uno musi bafise uburenganzira buke ugereranije na ba nyina babo.

"Iyi ngingo y'ubugome ni agahomerabunwa kandi ni incamugongo".

Ihinduka ry'iyi ngingo yari imaze igihe kitari gito yatumye havyuka ubwoba ko n'izindi ngingo zitanga ubundi burenganzira zafashwe na sentare nkuru y'igihugu muri kahise zishobora guhura n'ibibazo.

Umucamanza Clarence Thomas, mu ciyumviro ciwe yashikirije, yanditse ati: "Muri kazoza, twari dukwiye kuzokwihweza neza ingingo zagiye zifatwa n'iyi sentare, harimwo Griswold, Lawrence, na Obergefell" - aha akaba yashaka kuvuga ku ngingo zikomeye zitatu zo muri kahise, nk'uko bikurikirana, ku burenganzira bwo kubuza imbanyi umuntu atipfuza (contraception), gufuta amategeko abuza imibonano mpuzabitsina yo mu kibuno (sodomie/sodomy ), hamwe n'ayatanga uburenganzira bwo kwubakana ku bantu basangiye igitsina.