Kenya: Abasahuye bakwiye gukoresha ayo mafaranga mu gihugu- Umutegetsi

Abanya-Kenya basahura canke banyuruza amafaranga y’igihugu bakwiye guterwa intege zo gukoresha ayo mafaranga mu gushora imitahe mu bikorwa vy’iterambere mu gihugu aho kuja kuyanyegeza mu mabanki yo mu bindi bihugu.

Vyavuzwe na Nancy Gathungu, umugenduzi mukuru muri Kenya.

Madame Gathungu yavuze ko amafaranga yibwe, hamwe yoshorwa mu mitahe mu gihugu, yoshikana ku kwiyongera kw’iterambere mu bihugu.

Ibanki y’Isi igereranya ko ko amafaranga ashika miriyaridi 2,6 z’ama $ (amadorari)- miriyaridi hafi 6.000 mu mafaranga y’Uburundi - anyegejwe mu mabanki yo hanze n’abategetsi canke abahoze ku butegetsi muri Kenya bitungishije ku buryo bw’igihugu, hisunzwe icigwa cakozwe mu 2020.

Madame Gathungu yavugiye mu nama i Nairobi ati:

‘’Kumbure turakwiye gutanguza isekeza ryo kuvuga ko wivye [amafaranga] hanyuma ntufatwe, shora imitahe mu gihugu aho [ayo mafaranga] yibwe. Wayivye abanya-Kenya, yakoreshe muri Kenya’’.

‘’Vyumvikana nk’ibintu bitangaje cane, ariko hari naho twoca tubona iterambere ryiyongeye mu gihugu cacu hanyuma mu nyuma tukabaza ibibazo, ivyo vyavuye he [wabikuye he]?’’

Yavuze ko ari inzira abagenduzi bakuru bariko barihweza mu karere.

Ayo majambo yakiriwe mu buryo butandukanye ku mbuga hwaniro. Bamwe bibajije ko umugenduzi mukuru yashatse kwemera uko ibintu biri n’ico vyofasha, abandi bavuga ko ari ugutanga imihoho mu twigoro two gucungera ingene amafaranga y’igihugu akoreshwa.

Urwego rw’umugenduzi mukuru ni urwego rwigenga rutegekanywa n’ibwirizwa shingiro rugenzura ikoreshwa n’iringanizwa n’uburyo bw’igihugu muri Kenya.