Amenorrhoea: Impamvu 8 zishobora gutuma utaja mu butinyanka/imihango kandi utibungenze

Intoke z’umugore afise igishushanyo c’ibihimba vy’irondoka mu biganza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ni vyiza kubonana na muganga hamwe woba utabona amaraso ku gihe kandi uzi ko utibungenze
    • Umwanditsi, BBC 100 Women

Kutaja mu butinyanka, ku bagore n'abakobwa bageze kurondoka, bavyita amenorrhea, kandi n'aho impamvu zavyo zizwi cane cane ari kuba umuntu yarasamye, hari izindi mpamvu nyinshi zishobora gutuma umuntu ataja mu kwezi.

Mu bisanzwe, abagore n'abakobwa bageze mu myaka yo kurondoka baja mu butinyanka uko iminsi 28 iheze, nubwo bikunze gushika bamwe ntibayikwize canke bakayirenza gatoya, ariko iba iri hagati ya 24 na 35.

Kutaja mu kwezi rimwe na rimwe benshi ntibabifata nk'ikintu gikomeye. Ariko ni ingorane ikunda gushika, ishobora kugaragaza ikindi kibazo cihishije inyuma.

Dr Amira Alkourdin Martinez, umuganga w'umuhinga mu gufasha no kuvura abagore ingwara zifatiye kw'irondoka, agira ati: "Ubwirizwa kubimenya iyo hari ikitagenda neza muri wewe. Kandi buri mugore ateye ukwiwe, nta wuteye nk'uwundi".

Igisata ca leta kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, National Health Service -NHS, kimenyesha abafise ikibazo co kwikurikiranya gusiba kuja mu kwezi, kuja kwa muganga, mu gihe bazi ko bitatewe n'uko bibungenze, canke bikaba vyarahagaze batararenza imyaka 45.

N'ikigo Mayo Clinic co muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, kimenyesha ko igikenewe ku bakobwa bafise imyaka 15 bataraja mu butinyanka, ari ukuja kwa muganga.

Ng'ibi bimwe mu bishobora gutera umuntu gusiba kuja mu kwezi kandi atasamye, nk'uko ivyo bigo vyompi bibimenyesha.

1. Umwitwarariko urenze

"Umwitwarariko urenze canke stress ni kimwe mu bibazo nyamukuru bituma umuntu ahagarika kuja mu kwezi", niko Dr Amira Alkourdin Martinez avuga.

Umwitwarariko urenze utuma umubiri uzana umusemburo witwa adrenaline, uwu nawo ugashira umubiri muri 'hange', ugatangura kwitegura nk'aho woba ufise ikibazo kiwubangamiye.

Kumarana igihe uwo musemburo wa adrenaline, bituma rero umubiri w'umuntu uhindagurika mu bikorwa bimwe bimwe, nko kuja mu butinyanka bigahagarara, canke iyo agiye mu kwezi bikamubabaza gusumba uko vyahora.

Kuri bamwe mbere bishobora gutuma umuntu aja mu kwezi kabiri mu kiringo kimwe (amayinga ane)

Iyo umaze kumenya ko kubura ubutinyanka bitumwa n' umwitwarariko urenze, NHS ivuga ko igikwiye ari uguca ufata ingingo zo gukora imyimenyerezo ngororamubiri canke imyimenyerezo yo guhumeka.

Ivyo bidakoze, usabwa kwegera abahinga mu kuyobora ivyiyumviro vyawe (cognitive behavioural therapists -CBT) bashobora kugufasha guhangana n'uwo mwitwarariko udasanzwe canke guhangayika.

2. Guta ibiro vyinshi cane, canke kubitakaza giturumbuka

Kubuza umubiri wawe kuronka ingaburo iguha inguvu zikwiye (calories) bishobora gutuma umubiri udakora imisemburo ukeneye kugira ngo ushobore guhisha amagi yawe ku gihe (ovulation).

Umuhinga mu bijanye n'imfunguro ibereye ashobora gufasha mu gihe umutu ataba afise ibiro bikwiye, harimwo n'abakuze bafise urugero ruri munsi ya 18.5 ku gipimo bita BMI (body mass index, igipimo gikorwa mu kugerera ibiro umuntu aba akwiye kugira bifatiwe ku myaka yiwe n'uburebure bwiwe) kandi ubicishije mu gufungura utarenza urugero canke ngo wiyicishe inzara.

Guta ibiro biterwa no kutagira umurongo mwiza ukurikiza mu gufungura, nko kubura akayabagu, ivyo rero abantu bafise ubuhinga mu kuyobora abantu bakeneye guhindura inyifato biciye mu vyiyumviro barashobora kubigufashamwo.

Ibirenge vy’umugore bihagaze ku munzani.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Guta ibiro giturumbuka bishobora gutuma umuntu atakaza ubushobozi bwo kuja mu butinyanka.

3. Ubuvyibuhe burenze canke kugira ibiro vyinshi

Kugira ibiro vy'umurengera, bishobora gutuma ugira umusemburo mwinshi wa oestrogen, umwe mu yifasha gushira ku gihe ibihe vy'ukwezi kw'irondoka ku mugore.

Urugero rw'umurengera rwa oeastrogen rushobora kugra ingaruka ku bihe vy'ubutinyanka, mu bihe bimwe bimwe, mbere agahagarika kubona amaraso.

Abagore bafise ikibazo co kutaja mu butinyanka ariyo amenorrhoea, kandi bakaba bafise ibiro vyinshi, bafise urugero rwa 30 kuri ca gipimo ca BMI, abaganga bavuga ko baca babarungika ku bahinga bashobora kubaba ubufasha bujanye no gufungura neza ku rugero rukwiye, kugira ngo bagaruke ku biro bijanye n'uko bangana, haba mu myaka no mu burebure.

4. Imyimenyerezo yo kwinonora irengeje

Kwinanata mu myimenyerezo ngororamubiri bishobora gutuma urugero rw'imisemburo iringaniza ukwezi kw'umugore ruhinduka, kandi gutakaza ibiro vyinshi ica rimwe na vyo bishobora gutuma umubiri utakaza ubushobozi bwo guhisha irigi ku gihe (ovulation)

Ku banonotsi babigize umwuga, abaganga bafasha abanonotsi barashobora kubafasha ingene boguma banonotse ariko batarinze gushira inguvu z'umurengera mu myimenyerezo.

Abanonotsi batatu bariko barasiganwa ku rubuga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaganga ba sports bashobora gufasha abanonotsi kugumana inguvu batarinze gushira inguvu z'umurengera mu myimenyerezo ku buryo bibononera ubuzima

5. Ingwara yo mu dusabo tw'imbuto -Polycystic Ovary Syndrome (PCOS)

Polycystic ovaries ni udusaho amagi akuriramwo (kugira ngo ashike ku rugero rwo guhura n'intanga z'umugabo).

Mu Bwongereza, NHS igereranya ko umwe muri buri bagore 10 afise iyo ngwara ifata utwo dusaho ari yo PCOS. Basanga rero abagera ku 33% mu bagira ibibazo vyo kuja mu kwezi, baba babitumwe n'ico kibazo.

Umugore yifashe mu nda
Insiguro y'isanamu, PCOS ituma udusaho tw'imbuto z'umugore tudakora neza, bigatuma adashikira ovulation (imbuto/ irigi) ntishike mu kurugero rwo gukura rwuzuye.

6. Guca imvyaro canke ibihe bibanziriza guca

Uretse gutwara inda no kwonsa, guca imvyaro gushobora gutuma umugore ahagarika kuja mu kwezi.

Iyo umugore yegereje igihe co guca, umusemburo wa oestrogen utangura kugabanuka, gusha kw'imbuto ziwe (ovulation) ntikube kukibera ku gihe.

Menopause arikwo guca imvyaro mu bisanzwe biba hagati y'imyaka 45 na 55.

Ariko, ivyigwa vyakozwe n'abaganga bigereranya ko umwe mu bagore ijana ashikira menopause imbere y'imyaka 40, ikibazo kizwi nka premature menopause canke premature ovarian failure.

7. Kuringaniza imvyaro

Ibinini bimwe bimwe vyo kuringaniza imvyaro, inshinge , hamwe n' ibindi bakoresha nk'agakoni (implant, DIU) bishobora gutuma umuntu ahagarika kuja mu butinyanka.

Ariko naho umugore aba yahagaritse gufata ibinini vyo kwirinda gusama, rimwe na rimwe bishobora gufata igihe kugira ngo umubiri wongere kwemerera imbuto/irigi gukura no guhishira (ovulation) kandi bikabera ku gihe.

8. Ibindi bibazo bifatiye ku magara canke gufata imiti igihe kire kire

Kubura ubutinyanka bishobora kuva kandi ku kibazo co gufata imiti igihe kirekire nk'iy'igisukari canke guhungabana kw'imisemburo nk'iyo bitewe n'umwingo.

Amenorrhea ishobora no guterwa n'ibindi bibazo vy'amagara umuntu aba afise, nk'iyo ari ku miti ya kanseri (chemotherapy), imiti ivura depression, iyo kuvumbuka kw'umurindi w'amaraso ( high blood pressure) canke iyo kuziranirwa (allergies), nk'uko ikigo Mayo Clinic kibitangaza.