Gusama inda ata gihe kinini giheze iyindi ikorotse nta ngaruka -icigwa

Na Michelle Roberts

Umunyamakuru mu gisata c'amagara

A woman with a scan of her baby

Ahavuye isanamu, Getty Images

Bihushanye n’inama zari zihasanzwe, gusama inda mu mezi makeya inyuma y’inda ikorotse canke ikorowe biboneka ko ata ngaruka mbi vyongera ku muvyeyi no ku mwana, nk’uko bivugwa n’abashakashatsi bihweje abo vyashikiye mu buzima.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw’isi (OMS/WHO), rigira inama ko hoca amezi atandatu imbere yo gusama iyindi nda.

Aho ni ukugira umugore aronke umwanya wo kuruhuka.

Ariko icigwa co muri PLoS Medicine, cagizwe ku nda zasamwe 72.000, cerekana ko abubakanye bashobora kugerageza ata bwoba gusubira kurondera umwana.

Ishirahamwe rishigikira abagize ivyago inda zikavamwo, Tommy, rivuga ko abagore bumva biteguriye gusubira kugerageza buno nyene inda igikoroka bobikora mu gihe ata mpamvu yo kwa muganga ibibuza.

OMS ivuga ko ubushakashatsi ku gutandukanya imbanyi busanzwe buriko burakorwa kandi ko buzotanga inama nshasha niyo zaboneka.

Ubwo bushakashatsi bwo muri Norvège, bwamaze imyaka umunani kuva mu 2008 gushika mu 2016, bwasanze ata budasa bunini buhari ku vyoshika iyo inda isamwe imbere y’uko haca amezi atandatu.

Ivyatowe biratandukanye n’igikorwa cari cakozwe imbere muri Amerika y’Epfo -hamwe n’ibindi vyigwa – ari vyo OMS yagendeyeko mu gutanga inama zerekeye gutandukanya imbanyi.

Abanditse ico cigwa ca vuba co muri Norvège bavuga ko inama zitangwa zikwiye gusubirwamwo kugira ngo abubakanye bafate ingingo bafise amakuru nyayo ku vyerekeye ryari bogerageza kurondera umwana.

Gusaba abavyeyi kurindira amezi atandatu inyuma y’inda ikorotse canke ikorowe gishobora kuba ikiringo kirekire cane bamwe batorindira, cane cane iyo ata mvo igaragara yo kwa muganga ihari yo kubishigikira, nk’uko babivuga.

Basaba ko hoba ibindi vyigwa.

Gusama inyuma y’inda ikorotse

Abahinga bavuga ko kuba ufise amagara meza vyongereza amahirwe yo gusama.

Abagore bagirirwa inama yo gufata ibinini vya acide folique buri munsi mu gihe bariko baragerageza gusama gushika ku ndwi z’ibiri z’imbanyi.

Bigabanya ivyago vyo kuvyara umwana afise ubwonko canke uruti rw’umugongo bitameze neza.

Inda zikoroka kare bishikira hafi umwe ku bagore batanu (ni ukuvuga 20%) mu buzima bwabo. Kenshi nta kibitera kimenyekana.

Vyarashitse inda igakoroka, hari amahirwe menshi ko inda ikurikira izogumayo. Ntibikunze gushika ngo inda zikoroke zikurikiranya.

Ishirahamwe Tommy rivuga ko iyo vyigeze kuba inda igakoroka, birashobora gufasha kubaza umuganga wawe ko hoba hari imvo zo kwa muganga zotuma biba ngombwa ko urindira imbere yo gusubira kugerageza gusama.

Ariko n’ingene umuntu avyakira navyo n’ukubishingirako. Bamwe bumva bikenewe ko bofata umwanya wo kwitegura kuvyakira no gutwara iyo nda nshasha.

“Hari igihe bikenerwa ko ufata umwanya wo kuririra umwana wabuze imbere y’uko wiyumvira kazoza.

"Abandi bibaza ko kugerageza kandi bibafasha kwihanganira ivyabashikiye”, nk’uko Tommy ivuga. .

“Ni ingingo umwe umwe afata ku giti ciwe canke iyo mubanza kwumvikanako n’uwo mwubakanye iyo ahari”.