Ubushakashatsi bwerekana ko urugero rw'inda zikoroka rurenga 40% ku bagore b'abirabure kurusha abandi

- Umwanditsi, Na Tulip Mazumdar
- Igikorwa, Akurikirana ibibazo vy'amagara
Abagore b'abirabure bafise ivyago vyinshi vy'uko inda zikoroka kurusha abazungukazi, nk'uko vyerekanwa n'icigwa.
Umwihwezo w'ikinyamakuru Lancet ku bagore imiriyoni 4.6 bafise imbanyi mu bihugu 7 werekana ko ivyago ku bagore b'abirabure biri ku rugero rwa 43% kurusha ivy'abazungukazi.
Ico cigwa gisaba ko abantu bo mu Bwongereza bofatwa mu mugongo iyo inda ya mbere imaze gukoroka.
Gushika ubu, abagore barungikwa ku muganga w'umuhinga iyo inda zikorotse gatatu gakurukirana.
Mu bihugu vyinshi, harimwo n'Ubwongereza, nta biharuro bitororokanywa.
Ariko abahinga bagereranya ko
- 15 % z'inda zikoroka.
- 1% mu bagore, arashikirwa n'ivyago vy'uko inda zikoroka kenshi
Bimwe mu biharuro ngereranyo vy'inda zikoroka usanga biri hejuru, ariko ibi bivana n'ingene igihugu kimwe kimwe gifata ico arico inda yakorotse, ivyo navyo bishobora guhera ku gipimo cerekana ko umugore yasamye canke igipimo c'iradiyo (scan) cerekana umwana ari mu nda.
Ico cegeranyo cerekana ko abagore inda zakorotse, mu bwoko bwose, bagira ivyago vyo gushobora kugira ingaruka z'igihe kirekire ku magara yabo, nk'ivura ry'amaraso, indwara z'umutima canke akabonge (depression).
Doreen Thompson-Addo n'umugabo wiwe Reggie bahuye n'ivyago vy'inda zakorotse indwi.
Doreen avuga ati: "Igihe natwara inda ya mbere, nari naryohewe cane"
"Narabibwiye abagenzi n'umuryango, ntangura kwibaza amazina nzokwita uwo mwana, ntangura no kwiyumvira umunsi mukuru wo kwitegurira kuronka umwana (baby shower). "
Ariko haheze amezi abiri abwiwe ko yasamye, Doreen yaciye atangura kuva amaraso mu nyuma inda irakoroka.
Avuga ati: "Urumva bivugwa ko bishika kenshi inda zigagoroka, ariko ntiwigera wibaza ko nawe vyogushikira".

Doreen , yahavuye avyara umukobwa wiwe Arielle mu 2017, inda yiwe ya mbere imaze gukoroka impanuro yonyene yaronse ni "ugusubira kugerageza".
Hamaze gukoroka zitatu, yaciye arungikwa ku bitaro bikurikirana abo inda zimaze gukoroka kenshi, ariko ntiyigeze amenya icatumye inda ziwe ziguma zikoroka.
Ni ibiki bituma haba ivyago vyinshi vy'uko inda ikoroka?
- kuba ufise imyaka iri munsi ya 20 canke hejuru ya 40
- kuba hari inda imaze gukoroka
- kuba ufise ibiro bike canke vyinshi cane
- gukora amasaha menshi n'akazi k'ijoro
- kuba umwiraburekazi.
- itabi
- kunywa inzoga nyinshi.
Ni ubuhe bufasha bwotangwa?
Ubushakashatsi bwa Lancet buhanura :
- gukurukirana umugore imbere yo gusama kugira yitegurire mu buryo bwiza bwose bushoboka gutwara inda
- gupimisha inda kenshi kandi hakiri kare no kuronka ubufasha kuva mu ntango yo gutwara inda
- kugirisha ibipimo vyo mu ntantu (hakoreshejwe ubuhinga bwa ultra-sons) kugira barabe ingene igitereko cifashe
- kuraba ko inkabuzo/imisemburo (hormones) zimeze neza.
- guterwa inshinge za aspirin na heparin zigabanya urugero rw'ivyago vy'ivura ry'amaraso.
- progresterone (inkabuzo) ku bava amaraso iyo inda ikiri nto
- ibipimo n'ukuvura ubwinjiriro bw'igitereko iyo bufise inguvu nke.
Aho bivuye: The Lancet
Ahanini ubwo bushakashatsi bwakorewe muri Suede, Finlande, Danmark, bimwe mu bihugu bike bitororokanya ibiharuro. Ariko n'amakuru yo mu bihugu nka Amerika, Ubwongereza, Canada na Norvege yarakoreshejwe.
Siobhan Quenby , umushakashatsi akaba n'icegera c'umuyobozi w'ikigo Tommy's National Centre for Miscarriage Reasearch co muri Kaminuza ya Warwick avuga ati:
"Turazi ko hari ivyago vyinshi vy'uko umugore w'umwirabure ashobora gupfa mu gihe afise inda''.
"Narushirijeho kubabazwa no kumenya kandi ko banafise urugero runini rw'ivyago vy'uko inda zikoroka".
Abirabure bafise ivyago vyinshi vyo kurwara diabete y'ubwoko bwa kabiri hamwe n'indwara y'umutima, kandi izo uko ari zibiri zongereza ivyago vy'uko inda zikoroka.
Ariko umwigisha Quenby avuga ko abahinga bariko barakora amatohoza yo kuraba niba ivyago vyo kugira izindi ngorane z'amagara, nk'ukugira ibivyimba mu gitereko canke indwara z'aho abasirikare b'umubiri bigwanya bo nyene (maladies auto immunes), bishobora gusigura urugero runini. Avuga ko ubundi bushakashatsi bukenewe vyihuta.
Doreen avuga ko ivyo ico cigwa catoye bivuna umutima.
''Iyo numvise ivyo biharuro, nca nibaza niba hari imvo z'ubusumbane zituma abagore b'abirabure bagira ivyago vyinshi kurusha iyindi migwi."
"Niba ari uko bimeze rero , hakenewe igikorwa gikomeye kugira hakosorwe ubwo busumbane."
Guhindura imibereho
Hafi 75% y'abagore inda zikoroka mu nyuma baratwara inda bakavyara, , ari naco gituma mu ruhande rumwe abubakanye kenshi bagirirwa inama yo gusubira kugerageza kurondera uwundi mwana atayandi matohoza abaye.
Quenby , atwara kandi ibitaro bikurikirana abakunze guhura n'ivyago vy'inda gukoroka, avugako ati:
"Hari ibintu dushobora gukora kugira tubuze inda gukoroka.
'' Si ibintu ruhebwa''.
Guhindura imibereho bishobora gufasha - hafi 30% y'abantu barungitswe ku bitaro vyiwe banywa itabi, bakagira diabete batagenzura neza, ibiro vy'umurengera n'umuvuduko munini w'amaraso.
Quenby avuga ati: "Ivyo bisigura ko inzego z'amagara hari ibintu bitatu zitabakoreye zari kubatuma bitegurira neza gusama inda ikurikira".
Avuga ko hari kanewe ''inyishu y'urukurikirane'' yari gutanga:
- impanuro inda ya mbere imaze gukoroka
- kwongereza ibipimo zibaye zibiri
- ayandi matohoza zimaze kurenga zitatu
Nadine Dorries , umushikiranganji ajejwe amagara y'abagore avuga ati:
"Ukubura umwana n'akaga katagira izina, arico gituma turiko turakora vyihuta kugira dutahure hanyuma dutore inyishu ku bituma inda zikoroka, no kuguma dushigikira imiryango.''
Avuga kandi ko hariko haraba igikorwa co kuraba ingene uwabuze akurikiranwa, hanyuma hagabanywe ubusumbane mu kwitaho abavyeyi baheruka canke biteze kwibaruka.
Mw'ijambo ry'intangamarara riherekeza ico cegeranyo, Lancet ivuga iti:
"Ugukoroka kw'inda kuva kera vyamye bifatwa nk'ibintu bisanzwe, mbere rimwe na rimwe bakavyirengagiza.
"Kuba ubuvuzi butaratera imbere muri iyo nzira vyari bikwiye kubabaza
"Ahubwo hari ukuvyakira nk'ibisanzwe
"Igihe co kubwira abagore ngo ''wewe gerageza kandi" cararangiye."
Sinari nkiri umuntu
Ubushakashatsi bwerekana ko ivyago vyo kwiyahura, kurwara akabonge (depression) n'ukugira ubwoba (anxiety) vyiyongera kuri abo bamaze gutakaza mbanyi kandi bukavuga ko ingaruka ku bubakanye zikeneye amatohoza asumbirije.
Hamaze gukoroka inda umunani, Charlotte yasamye inda y'amahasa ariko igipimo c'iradiyo (scan) gisanga nayo yaravuyeyo.
Yagize ati: "Numvise ntakiri umuntu".

"Umugabo wanje yaragerageza kunyegeranya
"Naguma nihagira kandi nkoma induru
''Sinari ngishaka kubaho."
Kubura amahoro inyuma y'ibigusikiye
Ubwa mbere Charlotte yari yahawe agapapuro gusa kariko impanuro.
Amaze gutangura kuvuga ko ashaka kwiyahura niho batangura kumukurikirana gusumba, mu nyuma araruha araronka ubuvuzi bw'indwara zo kubura amahoro (trauma) inyuma y'ibiba vyagushukiye.
Mu nyuma yahavuye atwara iyindi nda ayivyaramwo umwana w'umuhungu w'amagara meza, Ansel, mu mwaka uheze, ubu akaba yumva ashobora kwuguruka akavuga ivyo yaciyemwo.
Yavuze ati: "Mfise akanyamuneza kenshi kuba mfise umwana"
"Ndazi ko ari amahirwe nagize kuba nageze aho.
"Si bose bahashika."
Kurikira @Tulip Mazumdar kuri Twitter.










