Papa yemeye ko hari ababikira bafashwe ku nguvu n'abihebeye Imana

Papa Francis

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Papa Francis yemeye ivyo mu rugendo arimwo mu buseruko bwa hagati

Papa Fransisko yemeje ko hari abihebeye Imana bahohoteye ababikira bakanabagira ibikoresho vyabo mu kubasambaya.

Avuga y'uko arico catumye uwo yasubiriye, Papa Benedigito wa 16, vyabaye ngombwa ko yugara ikigo cose c'ababikira bariko bahohoterwa n'abapatiri.

Bubaye ubwa mbere Papa Fransisko yemera ayo mabi akorerwa ababikira. Avuga ati birarabaje kubona iyo ngeso ibandanya mu gihe Ekleziya yariko igerageza kuyirwanya.

Papa Fransisko yashikirije ivyo imbere y'abamenyeshamakuru mu gihe yari mu rugendo mu karere ka Aziya y'uburasirazuba.

Yeremeye ko hari abapatiri n'abasenyeri bahohoteye ababikira, ati turabizi kandi turiko turabikorerako.

Yavuze ati: "Papa Benedigito yarariye umutima amenyo arugara ikigo c'ababikira kandi cari gikomeye, kubera ingeso y'ihohoterwa ry'abakenyezi yari yagiteye, gushika aho ababikira bagirwa ibikoresho vy'ubusambanyi n'abihebeye Imana canke abatanguje ikigo".

Alessandro Gisotti ajejwe kumenyesha amakuru i Vatikano yamenyesheje ko ico kigo cari ico mu gihugu c'Ubufaransa.

Papa Fransisko yamenyesheje ko ico kibazo c'ugusambanya ababikira kibandanya ariko ko cibonekeza cane cane mu bigo bimwe bimwe, cane cane bishasha.

Mu kwezi kwa munyonyo guheze, umuryango mpuzamakungu w'ababikira wariyamirije "umugenzo w'ukwihoza n'ukunumirayo" ari navyo vyatuma batubahuka gushikiriza amabi bariko barakorerwa.

Mu misi mikeya iheze, ikinyamakuru c'abakenyezi c'i Vatikano citwa Women Church World cariyamirije iryo hohoterwa, kinamenyesha ko hariho n'ababikira bategetswe gukoroza inda batewe n'abapatiri, mu gihe tuzi ko gukorora inda bitemewe muri katolika.

Ivyo bibaye inyuma y'uko mu bihugu bimwe bimwe hibonekeje abapatiri ba Ekleziya Katolika bagirizwa gushurashuza abana b'abahungu, abasenyeri nabo bakagirizwa kubakingira ikibaba. Aho ni mu bihugu nk'Ububirigi, Ireland, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholande, Autriche, Ubuswisi, Malte, hamwe na Espanye.