Mu rugendo arimwo muri UAE, Papa asaba amadini atandukanye gufatana mu nda

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu rugendo rwa mbere rw'umwungere wa Ekleziya Gatolika mu gihugu ca Emirats Arabes Unis (UAE), Papa Francis yasavye amadini atandukanye gufata mu nda.
Agishika I Abu Dhabi yakiriwe n'igikomangoma Sheikh Mohammed bin Zayed al-Nahyan.
Papa yaje mu nama ihuza amadini atandukanye itegekanijwe ku munsi wa mbere, ku wa kabiri naho agategekanya gusoma imisa yitezwemwo abakirisu 120000.
Imbere yo gufata urugendo yaramenyesheje ko afise umwitwarariko kubera ingwano iri mu gihugu ca Yemeni, UAE ifisemwo uruhara.
Papa yagize ati: "Abanyagihugu [muri Yemeni] bararushe n'igihe indyane zimaze n'ingene abana bicwa n'inzara, mu kuba badashobora gushikira ibigega vy'indya."
"Imiborogo y'aba bana n'iy'abavyeyi babo iraduga igashikira Imana."
Ntibiramenyekana ko Papa yipfuza gushikiriza ico kibazo ku sinzi ry'abantu canke ko yipfuza kugishikiririza mu mwiherero muri urwo rugendo arimwo mu ri UAE.
Igihugu UAE kiri mu ngwano yo muri Yemeni mu runani rwa gisirikare rurongowe n'igihugu ca Arabie Saoudite.
Igihugu ca UAE kirimwo umuliyoni w'abagatolika, benshi muribo bava mu bihugu vya Philippines n'Ubuhindi.
Bamwe muri bo uno munsi bari batonze barindiriye impusha zo gushobora kuja mu misa yok u munsi wa kabiri.
Umwe muri bo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko urugendo rwa Papa "rwuguruye imiryango yo kuvugana ku bijanye no guhariranira ari naco isi yose ikeneye kwumva".
Mu butumwa bucishijwe muri videwo ku munsi wa kane, Papa yavuze ati: "Ukwemera mu Mana kuranywanisha ntigucamwo imice, gutuma tuja hamwe mu bidutandukanije, kukaturinda indyane n'urwanko."
Arashimira igihugu ca UAE "nk'ubutaka bugerageza kuba akarorero mu kubana neza nk'abavukana, aho imigwi y'abantu b'imico itandukanye bahurira".
Muri urwo rugendo rwa Abu Dhabi, Papa azogirana inama na Sheikh Ahmed al-Tayeb, umuvugabutumwa mukuru w'umusigiti al-Azhar w'i Cairo, wigisha aba Isilamu b'aba Sunni.
Umumenyeshamakuru wa BBC y'icarabu, Murad Batal Shishani, ari i Abu Dhabi, avuga ko Vatikano yizeye ko urugendo rwa Papa rushobora gutuma ibuza ryo kwubaka amasengero mashasha mu karere risubira hasi, na cane cane mu gihugu kibanyi ca Arabie Saoudite aho bibujijwe ko abantu batari aba Isilamu bakorana ngo basenge.
Vatikano ivuga ko ikeneye isengero rikomeye muri UAE ngo rikorere abakirisu b'abagatolika.
Umwe mu barongoye idini yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Turagundanye cane. Turakeneye amasengero menshi. Turakeneye abapadiri benshi."










