Argentine: Inama nkenguzamateka yemeje gukorora inda mu ngingo y'akataraboneka

Ahavuye isanamu, Reuters
Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Argentine zemeje itegeko rirekura gukorora inda ifise gushika ku mayinga 14 , ingingo yanditse y'akataraboneka muri ako karere gafise amwe mu mategeko agumye cane kw'isi mu bijanye no kurangiza ubuzima .
Abashingamateka batoye iryo tegeko inyuma y'impari ndende ku majwi 38 y'abarishigikiye, 29 y'abaryanse n'umwe ata co yarivuzeko.
Gushika ubu gukorora inda vyari vyemewe gusa iyo habaye gusambanywa ku nguvu canke ubuzima bw'umuvyeyi bugeramiwe.
Iryo tegeko ryari ryemejwe n'inama nshingamateka mu misi iheze.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Rex Features
Ekleziya Katolika, isanganywe ijambo rikomeye muri America y'Epfo, yari yiyamirije iyo ngingo, isaba abakenguzamateka kudatora ingingo yari ishigikiwe na prezida Alberto Fernández.
Abaharanira gukorora imbanyi bizigiye ko iyemezwa ry'iryo tegeko muri Argentine - igihugu kibamwo abantu benshi kurusha ibindi kandi c'igihagararo gikomeye muri America y'Epfo-bizotuma ibindi bihugu bigira gutyo.
Isinzi ry'abaharanira haba kwanka canke gushigikira gukorora inda bari bakoraniye imbere y'inama nshingamategeko ku mugwa mukuru Buenos Aires, bakurikira impari ku ma television manini manini cane.
Aho itegeko riruhiye rikemezwa mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatatu, habaye akanyamuneza kenshi mu ruhande rw'abari barishigikiye.
Mu gihe Ekleziya Katolika ikomeye cane muri ico gihugu yari yarwanije cane integuro y'iryo tegeko, umuhari w'abagore ukomeye cane ''green wave'' ni wo wagiye imbere mu kurwanira ko ibintu bihinduka.
Uwo muhari w'abagore basanzwe wagiye urakomera muri iyi myaka iheze utumye hahinduka itegeko ryariho kuva mu 1921.
Ibibaye muri Argentine bishobora gutuma Brezil na Chilli na vyo bisubiramwo amategeko yavyo kugira vyongere abagore uburenganzira bujanye no kurondoka.
Inyuma y'iryo tora, prezida Fernández yanditse kuri twitter ati :"Uyu munsi tubaye igihugu ciza gusumba, congera abagore uburenganzira kikanaduha uburenganzira ku magara meza''

Ahavuye isanamu, Reuters
Abarwanya gukorora inda, bakurikiye impari mu nama shingamateka ariko batandukanijwe n'ababishigikiye, bacitse intege.
Ku bwa Inés Blas umukenguzamateka yatoye kwanka iryo tegeko ''Gukorora inda n'akaga. Bihagarika giturumbuka ubundi buzima bwariko buratera imbere''.
Ariko umushikiranganji wa Argentine ajejwe abagore, Elizabeth Gómez Alcorta yavuze ati ''twubatse amateka'' kandi benshi mu bashigikiye guhitamwo bavuze ko bizeye ko bizobera ikimenyetso abandi bashingamateka mu bihugu vya America y'Epfo.










