US: Babona ko ihinduka ry’itegeko rijanye no gukorora inda 'rizorokora ubuzima bwa benshi muri Africa'

Alabama

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingingo yo guhagarika imfashanyo ku mashirahamwe aharanira irondoka rijanye n'amagara meza yatumye haduka imyiyerekano, aba ni abari mu myiyerekano ni Alabama mu 2019

Amavuriro amwe amwe yigisha ibijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza muri Afrika vyabaye ngombwa ko yugara inyuma y'aho mu 2017, uwari umukuru w'igihugu ico gihe Donald Trump ahagarikiye imfashanyo zahabwa amashirahamwe yafasha abantu mu bijanye n'ukudasama imbanyi batipfuza hamwe n'ugukorora inda.

Nelly Munyasia, arongoye ikigo c'irondoka rijanye n'amagara meza muri Kenya (Reproductive Health Network Kenya) avuga ko iyi ngingo ya Amerika yiswe "global gag rule" yatumye ishirahamwe ryiwe rinanirwa no gufasha abakenyezi muri ino myaka mikeya iheze.

Yabwiye BBC ati: "Abagore n'abakorwa barahasize ubuzima nk'inkurikizi z'iyi ngingo - barya barwaye umugera wa SIDA hamwe na kanseri batari bagishoboye gukurikiranwa, canke abatari bagishoboye kuronswa uburyo bwo kwirinda imbanyi batipfuza hamwe n'impanuro ku bijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza, wasanga bagiye gukoresha uburyo butabereye bwo gukorora imbanyi.

"Guhindura iyi ngingo bizorokora ubuzima kandi ni ingingo yategerezwa kubandanya".

Moses Mulumba wo mu kigo citaho ubuzima, uburenganzira bwa muntu n'iterambere muri Uganda, yavuze ko iyi ngingo yerekanye ingaruka z'ingingo z'agahotoro ku bindi bihugu n'ingaruka zagize ku banyagihugu bo mu bihugu bikenye.

Yabwiye BBC ati: "Nk'ingaruka ya 'global gag rule', vyabaye ngombwa ko ishirahamwe ryanje … rihagarika ibikorwa vyaryo mu kiringo c'imyaka ine iheze, rihagarika umugambi wafashwa na USAID waharanira amagara meza, n'aho ryariko rirakora ibikora inka".

Kuvanaho iyi ngingo bivuga ko abagore benshi bazokwitabwaho mu vyerekeye irondoka rijanye n'amagara meza, harimwo kuronswa uburyo bwo kuzibira imbanyi batipfuza, be no gupimwa umugera wa SIDA na kanseri hamwe n'ibindi.