Ayavugwa hagati ya Ukraine n'Uburusiya: Trump ati 'Sinzi ko bizokunda' ko intambara ihagarara'
"Sinzi. Sinovuga ko bizoba canke ko bitazoba", niko Perezida Donald Trump yabwiye abanyamakuru ari ku ndege Air Force One, igihe yabazwa nimba yari yizeye ko ashobora guhagarika intambara.
Abajijwe nimba guhagarika intambara ari co kintu ashira imbere, Trump yishuye ati: "Ego. Noshima kubona bigenze uko".
Mu gihe c'imyiyamamazo y'amatora, Trump yemereye abanywanyi biwe ko yari guhagarika intambara mu masaha 24. Ariko amaze gushika muri Maison Blanche, yatanze ibiringo bitandukanye, ayo yiyemeje gushika ku masezerano yo guhagarika intambara mu mezi atandatu.
Mu kiganiro n'ikinyamakuru Time mu kwa kane, abajijwe ico avuga ku vyo yiyemeje vyo guhagarika intambara mu masaha yiwe 24 ya mbere amaze gushika ku butegetsi, Trump yishuye ko yari imvugo ngereranyo kandi ndenzarugero bukebuke kugira ngo atange iciyumviro c'uko yari gushobora guhagarika intambara.
Muri ino ndwi, Trump yaragiranye ibiyago kuri terefone na bagenziwe b'Uburusiya na Ukraine, Vladimir Putin na Volodymyr Zelensky.
Ahejeje kuvugana na Putin kuri terefone , yavuze ko gushika ubu ata kirahindura kuri we kandi ababaye. Mu nyuma yahamagaye na Zelensky aho avuga ko yavuganye na we ku kungene yoshobora kurungikira Ukraine ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot.
Eka na Perezida Zelensky aremeza ko bavuganye ku bijanye no kwongereza imfashanyo ihabwa Ukraine mu ntumbero yo gutsimbataza uburyo bwayo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuri uwo musi, Zelensky yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Uno musi twavuganye ingene ibintu vyifashe: ku bijanye n'ibitero vyo mu kirere vy'Uburusiya n'ukungene ibintu vyifashe ku rubuga muri rusangi. Twavuganye ibijanye n'ugucungera ikirere akaba yemeye ko tuzokorana mu kwongereza uburyo bwo gukingira ikirere".
Haraciye amezi make Ukraine isaba Amerika n'incuti zayo z'Uburengero ko vyoyongerereza uburyo bwo gukinga ibitero vyo mu kirere kugira ngo yivune ibitero vy'Uburusiya bibandanya vyiyongera.
Mu vyo asaba, Ukraine ikeneye ibikoho vya muzinga vyo mu bwoko bwa Patriot n'ibisasu vyavyo, ari na vyo bishobora gusama ibisasu vya misire vy'Uburusiya biraswa kure.
Ibi biri uku mu gihe ibinyamakuru bibandanya bivuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafashe ingingo yo guhagarika irungikwa ry'ibirwanisho bimwe bimwe muri Ukraine.
Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika, irungikwa ry'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot, hamwe n'amabombe n'ibisasu vya misire biraswa n'indege z'intambara zo mu bwoko bwa F-16 ziri mu minwe y'igisirikare ca Ukraine, na ryo nyene rigiye guhagarara.
Abategetsi ba Amerika ntibemeza aya makuru ku mugaragaro, ariko baremera ko irungikwa ry'ibirwanisho bimwe bimwe ryahagaritswe – bavuga ko ububiko bw'ibirwanisho bw'igisirikare ca Amerika buriko burahererwa.
Umunyamakuru yabajije Trump ati: "Kubera iki wahagaritse kurungikira uburyo Ukraine".
Trump yishuye ati: "Ntitwahagaritse, turabaha ibirwanisho, ariko twabahaye ibirwanisho vyinshi cane. Gusa turabaha ibirwanisho, kandi turakorana na bo, tugerageza kubafasha. Ariko Biden yarishe igihugu cacu cose mu kubaha ibirwanisho. Ni ngombwa ko dukora ibishoboka vyose kugira ngo ntiduhave dusanga twimariye".
Hagati aho, intambara zozo ni urutavanako, aho impande zompi zibandanya ziterana ibisasu hakoreshejwe za ndege zitajamwo abadereva (drone).
Mw'ijoro ryakeye, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, cavuze ko cakoroye amadrone 117 muri 157 yarungitswe n'Uburusiya mu bibanza 19 bitandukanye.
Ku ruhande rwabwo, ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bw'Uburusiya buvuga ko bwakoroye amadrone 120 mu ntara 11.
Ni mu gihe ejo naho bwari bwatangaje ko bwakoroye amadrone 46 ya Ukraine, harimwo n'atanu yakororehwe mu ntara ya Moscou, abiri akara yariko atera aja ku mugwa mukuru.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bivugwa n'izi mpande zishamiranye.
Ku wa gatanu, umuntu umwe yarishwe abandi 26 barakomereka mu gitero c'Uburusiya mu turere hafi twose tw'intara ya Kyiv. Ukraine yavuze ko mw'ijoro ryo kuri uwo wa gatanu Uburusiya bwarekuye amadrone 539 yose hamwe bwongera burasa n'ibisasu vya misire 11.











