William Ruto: Intsinzi yanje yuguruye imyango

Umukuru w’igihugu yatowe muri Kenya yemereye abanya-Kenya ko ata muntu n'umwe azohorwa ivyiyumviro vyiwe vya poririke.
Yabivuze mw’ijambo ryiwe rya mbere kuva sentare ntahinyuzwa yemeje intsinzi yiwe mu rubanza rwo kuyanka rwari rwashingishijwe n’uwo bahiganywe, Raila Odinga.
Iryo jambo yarishikiririje ku kirimba c'icegera c'umukuru w'igihugu i Karen mu nkengera z'umurwa mukuru Nairobi.
Yari kumwe n'uwuzoba icegeraa ciwe, Rigathi Gachagua, n'abagore babo, Rachael wa Ruto na Dorcas wa Gachagua.
Ruto yavuze ko intsinzi yiwe ubu ishimangiwe n'ingingo ya sentare ntahinyuzwa mu rubanza rw'abari bitwaye bavuga ko ivyavuye mu matora vyogirwa impfagusa.
Yavuze ko intwari y'aya matora ari umukuru w'umugwi wari uyajejwe, Wafula Chebukati.
Nta nzigo
Ruto yavuze ko we n'abamushigikiye baburabujwe bagakorerwa amabi atandukanye muri iki gihe c'amatora.
Ariko we yavuze ko ku butegetsi bwiwe ata n'umwe azohorwa ivyiyumviro vyiwe.
Yakeje abo bahiganywe mu kibanza c'umukuru w'igihugu harimwo uwuza imbere Raila Odinga. Ati "turahiganwa ariko ntituri abansi".
"...ndahamagara Raila Odinga tuvugane ingene tugiye kuzokorana ... mu ruhara rwabo nk'abatavuga rumwe n'ubutegetsi".
Ruto yari amaze imyaka 10 ari icegera ca prezida Uhuru Kenyatta ahejeje ibiringo vyiwe bibiri.
Ariko prezida Kenyatta yahisemwo gushigikira uwo batavuga rumwe Raila Odinga.
Ruto yavuze ko adafata nabi kuba "yahisemwo gushigikira uwundi muntu", kuko "igihe nashigikira Uhuru Kenyatta ntaco nabanje kumusaba".
Uwo mukuru w'igihugu yatowe yavuze ko aja guhamagara "umugenzi wanje prezida Kenyatta" kugira bavugane ivyo kubisikanya ku butegetsi.
Ati: "Haheze amezi menshi tutavugana".
"Ndazi ko yakoze cane mu buryo bwiwe, ariko abanya-Kenya barahisemwo".
"Tuzokwubaha umukuru w'igihugu cacu nk'uwarangije igihe c'ubutegetsi...turi abantu b'iteka".
Yavuze ko prezida Uhuru yakoze akazi keza kandi ko azogira ikibanza muri kahise k'igihugu.

Ahavuye isanamu, Twitter/William Ruto
Intsinzi yanje yuguruye imyango
William Ruto- avuka mu muryango w'abantu basanzwe cane- yavuze ko intsinzi yiwe yuguruye imyango kugira umwana uwari wese muri Kenya agire indoto ko nawe ashobora kuba indongozi.
Uhuru Kenyatta we n'umuhungu w'uwabaye prezida wa mbere wa Kenya , Jomo Kenyatta. Raila Odinga nawe se yari umuntu yari azwi cane muri poritike ya Kenya.
Amategeko ategekanya ko mu minsi indwi kuva intsinzi yemejwe ariho umukuru w'igihugu yatowe azorahirira amabanga yo kuba umukuru w'igihugu.
Ariko yavuze ko buno nyene agiye gutangura kuja ku kivi.
Ati: "Ndazi ka abantu biteze vyinshi cane.
"Hari abarimyi baja batanguye kumbaza ngo "mbe ibitabizo bizimbutse bizoboneka ryari"?''
Abajijwe ico azokora mu minsi ijana ya mbere y'ubutegetsi bwiwe, Willian Ruto yavuze ko azobivuga mw'ijambo azoshikiriza ku munsi wo kurahira.










