Humphrey Polepole: Uwahoze aserukira Tanzania muri Cuba kandi anegura reta yanyurujwe n'abantu batazwi

Humphrey Polepole

Ahavuye isanamu, The Citizen

Insiguro y'isanamu, Humphrey Polepole

Uwahoze aserukira Tanzania muri Cuba, ubu yari akunze kunegura cane Reta ya Tanzania, Humphrey Polepole, yatewe n'abantu batazwi baramunyuruza, nk'uko umuryango wiwe wavyemeje.

Abo mu muryango wa Polepole babwiye BBC ko inyuruzwa ry'uno muvandimwe wabo ryabaye mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere, iwe mu rugo i Dar es Salaam.

Amashusho ariko arakwiragira ku mbuga hwaniro muri Tanzania yerekana imiryango y'inzu yamenaguwe hamwe n'amaraso menshi hasi mu nzu ivugwa ko ari iyo Polepole yabamwo.

Mu butumwa bw'umuryango, Godfrey Polepole, murumuna wa Humphrey Polepole, yabwiye BBC ati:

"Aya makuru niyo. Twagiye iwe aho yaba dusanga umuryango wamenaguwe, intsinga z'umuyagankuba zacagaguwe, amaraso menshi cane yasesetse. Tuje kubimenyesha ku gipolisi ca Mbweni."

Igipolisi kivuga ko kiriko kiratohoza ku vyabaye

Jumanne Muliro, arongoye igipolisi ca Dar es Salaam yabwiye BBC ko igipolisi kiriko kirakurikirana ivyabaye.

Yagize ati: "Nimba waramukurikiranye, akunze kuvuga ko ari hanze y'igihugu. None ibi vyomubako gute iwe muri Tanzania? Hari ibintu dutegerezwa kwitondera cane. Wewe nanje twotegerezwa kubaza ibi bibazo.

"Mu ncamake, uko uriko ukurikirana aya makuru, niko nanje ndiko ndayakurikirana kugira tumenye koko ivyabaye".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Itangazo ryasohowe n'umuvugizi w'igipolisi ryemeza ko nabo nyene babonye inkuru ku mbuga hwaniro kandi ko babandanya batohoza.

Avuga kandi ko abategetsi bakirindiriye ko Polepole yitaba umutahe yarungikiwe kugira atange insiguro ku vyo yagiye avuga ku mbuga hwaniro kuva atanze imihoho muri Mukakaro (7).

Polepole yatanze imihoho nk'umuserukizi w'igihugu mu ntango z'uno mwaka wa 2025, aca akurwako ubudahangarwa yari yahawe n'aya mabanga yiwe inyuma y'uko Perezida Samia Suluhu Hassan akuriyeho itegeko ryamugena nk'umuserukizi w'igihugu.

Itanga ry'imihoho ryiwe ryakurikiwe n'amajambo akomeye yo kunegura reta ya Tanzania. Yavuze ko atashobora kuguma mu butegetsi yagiriza ko butubahiriza ubutungane, amategeko, hamwe n'ibwirizwa shingiro.

Polepole yari mu butegetsi bwa Perezida John Magufuli nk'umuyobozi mukuru mu mugambwe uri ku butegetsi CCM. Yarigeze kandi kuba umushingamateka imbere y'uko Perezida Samia amugira umuserukizi wa Tanzania muri Malawi, hanyuma aza kumurungika muri Cuba.