Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Republika ya Demokarasi ya Congo n'Ubwongereza mu biganiro vyerekeye ingingo nshasha za visa
Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo) yatangaje ko iriko irakorana n'iy'Ubwongereza mu gutora umuti ku kibazo c'abanyagihugu b'Abanyekongo baba mu Bwongereza mu buryo butemewe n'amategeko, inyuma y'uko Ubwongereza bufatiye ingingo ruhasha ico gihugu ku bijanye na visa.
Ni inyuma y'aho reta y'Ubwongereza itangaje ibihano bikomeye ku bijanye na visa ku bava muri RD Congo, ivuga ko habaye ukwanka gukorana mu gusubiza abimukira batagira uburenganzira.
Muri izo ngingo nshasha, harimwo guhagarika visa zihuta no gukuraho uburyo bwihariye bwahabwa abafise impapuro z'inzira bita "passport diplomatique" , harimwo n'abanyaporitike n'abandi bafata ingingo zikomeye. Ubu bose basabwa gukurikiza inzira imwe yo gusaba visa nk'abandi bose.
Mw'itangazo yasohoye, reta ya RD Congo yemeje ko hari ibiganiro vy'abahinga biriko biraba hagati y'abahinga bo mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu, mu buyobozi bukuru bw'abinjira n'abasohoka mu gihugu (DGM), hamwe n'abahagarariye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Bwongereza (Home Office).
Ibiganiro bigamije gushika ku muti urama , ukora kandi wemewe n'impande zose ku bijanye n'ugucunga abimukira.
Reta ya RD Congo yarongeye kwemeza ko " igiye gukorana n'Ubwongereza mu gucungera ibibazo vy'abimukira, hashingiwe ku kwubahiriza ubwigenge bw'ibihugu, agateka ka zina muntu hamwe n'amategeko ari muri ivyo bihugu vyompi"
Yashimangiye kandi ko ata muntu n'umwe azosubizwa iwabo mu gihe hoba hakiri amakenga kuri karangamuntu yiwe. Ku bw'ivyo, ivyaganiriweko cane muri ibi biganiro ni uburyo bwo kumenya neza aho karangamuntu z'abantu bose bashaka gusubizwa inyuma imbere y'uko hafatwa ingingo iyo ari yo yose.
Ku ruhande rw'Ubwongereza, harabayeho kugabisha ko hashobora gufatwa izindi ngingo ruhasha mu gihe RD Congo itokwongereza ugufashanya kwayo. Ivyo bisa n'ivyabaye ku bihugu nka Angola na Namibia, vyemeye kwakira abanyagihugu bavyo inyuma y'ugutungwa agatoke n'Ubwongereza.
Naho biri uko, reta ya RD Congo ivuga ko ifise icizere ko ibiganiro biriko biraba bizofasha gukomeza imigenderanire hagati ya Kinshasa na Londres, mu kwubahana no kurondera inyishu zubahiriza amategeko n'agateka ka zina muntu.