Intambara yo muri Ukraine: Incuti z'Uburengero zivuga ko ziriko zirahererwa n'amasasu

Ukraine irekura ibihumbi n'ibihumbi vy'ibisasu vya muzinga buri musi mu kurwanira ubutaka bwayo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ukraine irekura ibihumbi n'ibihumbi vy'ibisasu vya muzinga buri musi mu kurwanira ubutaka bwayo
    • Umwanditsi, Na James Landale
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'imigenderanire ari i Varsovie

Ubwongereza na OTAN bigabisha ko ibihugu vy’Uburengero biriko birahererwa n’amasasu yo guha Ukraine kugira ngo ishobore kwivuna mu ntambara yasutswemwo n’Uburusiya.

Amirali (Amiral/Admiral) Rob Bauer, umutegetsi mukuru w’igisirikare ca OTAN/NATO, yabwiye iri huriro ryo kwivunira umwansi hamwe ko “ubukene ubu bwibonekeza”.

Avuga ko amareta y’ibi bihugu hamwe n’inganda zo guhingura ibirwanisho ari ngombwa ko “bongereza akariro mu guhingura ibi bikoresho ku muvuduko usumbirije”.

Ukraine irasa ibihumbi n’ibihumbi vy’ibisasu buri musi kandi hafi vyose biva muri OTAN.

Uno mu Amirale arongoye komite ya gisirikare ya OTAN, avuga ko kubera imyaka mirongo ibihugu vya OTAN vyamaze ata buryo bukwiye bishira mu gisata co kwivuna abansi, bisigura ko vyatanguye guha Ukraine ibirwanisho n’amasasu vyari bisanzwe vyaragabanutse canke biri hafi yo guhera mu bubiko bwavyo.

Ati: "Dukeneye vyinshi. Ubutunzi bwacu twubatse mu gihe nyaco kandi ku rugero rwari rukenewe mu myaka 30 twisanzuye buradufashije mu bintu vyinshi – ariko atari mu gisirikare mu gihe hari intambara ibandanya”.

Umunyamabanga wa leta y’Ubwongerezaajejwe kwivuna abansi James Heappey yabwiye iri huriro ko ububiko bwa gisirikare bw’ibihugu vy’Uburengero “buriko burakehanirwa”, aca asaba ibihugu bihurikiye muri OTAN gushira 2% vy’ubutunzi bwavyo mu gisata co kwivuna abansi, nk’uko vyari vyavyiyemeje.

Ati: "Nimba iki atari co gihe – mu gihe hari intambara i Bulaya – co gushira 2% mu gisata co kwivuna abansi, none hazogera ryari?”

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Na we nyene avuga ko “ivyo gukora hageze” mu bisanzwe bidakora “iyo ukeneye kwitegurira urugamba rw’ejo”.

Heappey ati: "Ntidushobora guhagarika ngo ni uko ububiko bwacu buriko burakehanirwa. Dutegerezwa guha Ukraine ubushobozi bwo kurwana uno musin’ejo, n’ejo hazokurikira. Kandi turamutse duhagaritse, ntibisigura ko Putin na we aca ahagarika”.

Kandi ibi bisigura, nk’uko abivuga, ko “dutegerezwa kubandanya tuyiha uko bukeye uko bwije, kandi dusanura ububiko bwacu”.

"Ingorane ni uko abahurikiye muri iri huriro bose batarashira 2% y’ubutunzi bwabo mu gisata co kwivuna abansi. Aha niho twese dutegerezwa gutangurira, siho dutegerezwa kurangiriza”.

Yongerako ati: "Ku bijanye n’iri huriro, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya zihanze amaso ubuseruko n’uburengero, kandi ndibaza ko vyumvikana kubona bagenzacu mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bakenera kubona ibihugu vya Bulaya birekuye 2% vy’ubutunzi bwavyo mu gushigikira OTAN ku rugero rungana”.

Ku wa mbere, abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya barakoraniye i Kyiv, ku ncuro ya mbere hanze y'uno muryango, aho biyemeje kubandanya bafata mu mugongo Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Ku wa mbere, abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya barakoraniye i Kyiv, ku ncuro ya mbere hanze y'uno muryango, aho biyemeje kubandanya bafata mu mugongo Ukraine

Umushikiranganji wa Suwede (Suède/Sweden) ajejwe kwivuna abansi Pol Jonson, avuga ko ari nkenerwa ko Ubulaya bunagura igisata cabwo co kwivuna abansi kugira ngo bushobore gufata mu mugongo Ukraine mu gihe kirekire.

Ati: "Kubera ubu turiko turakoresha cane uburyo bwacu, mu buryo dufise mu bubiko bwacu.

"Kandi mu gihe kiri imbere, nibaza ko ari ngombwa ko abanya-Ukraine nabo nyene bazoronkako ibikoresho vyo kwivuna umwansi biciye muri iki gisata ku mugabane wa Bulaya. Ibiriko biraba vyaduhaye icigwa gikomeye, cane cane mu bijanye n’ibisasu vya muzinga".

Ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi buvuga ko kuva intambara itanguye muri Ruhuhuma (2) 2022, Ubwongereza bumaze gutanga ibisasu vya muzinga birenga 300.000 kandi ko bwiyemeje gutanga “n’ibindi biharurwa mu bihumbi mirongo” gushika mu mpera z'uno mwaka.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire buvuga ko muri ico kiringonyene, Amerika imaze guha Ukraine ibisasu birenga imiriyoni zibiri vya milimetero 155 (155mm), biri ku rwego rw'ivyemewe muri OTAN.

Kubona Kyiv igendera ku masasu ihabwa na Amerika biteye impungenge zikomeye ibihugu bihurikiye muri OTAN, zishingiye ku kungene Donald Trump ashobora gusubira gutorwa nk’umukuru w’igihugu mu mwaka uza.

Bitinya ko imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine ishobora kugabanuka mu gihe Trump yoramuka afashe ingingo yo kurondera umwumvikano na Moscou biciye mu nzira ya poritike.

Ingorane ni uko n’aho hoba ukwongereza umwimbu, Ukraine ikoresha amasasu ku muvuduko munini gusumba uko ibihugu vy’Uburengero bishobora kuyasubiriza.

OTAN n’ibihugu vya Bulaya vyumvikanye ku migambi itandukanye yo gusangizanya ubuhinga, kugiriranira amasezerano rusangi n’inganda zihingura ibikoresho vyo kwivuna abansi, hamwe no gufata mu mugongo ihingurwa ry’ibirwanisho uko bishoboye kwose.

Ariko bisa nk’aho bigifise ibibazo vyo gutanga uburyo bukenewe.

Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko Uburusiya bwobwo busa n’ubwiteguriye kwongereza uburyo bw’intambara yabwo mu kunagura ububiko bwabwo, ibi bikaba atariko bimeze ku ruhande rw’Uburengero.