‘Basabose na Twahirwa bahungiye mu Bubiligi babesha ko biciwe kandi ari bo batikije abantu babaziza ubwoko’ - umushingwamanza

Jean Flamme (hagati) yunganira Basabose (i bubamfu) yemeza ko imanza nk'izi ata kindi zigamije atari gucinyiza Abahutu bari bakomeye kuri reta ya Habyarimana

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Jean Flamme (hagati) yunganira Basabose (i bubamfu) yemeza ko imanza nk'izi ata kindi zigamije atari gucinyiza Abahutu bari bakomeye kuri reta ya Habyarimana
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Ku musi ugira 33 w’urubanza rw’Abanyarwanda babiri Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, sentare yahaye ijambo ababuranira abasaba indishi, abo nabo bakaba basabira ibihano ruhasha abaregwa.

Muri iyi ntahe y'ejo ku wa kabiri, aba mbere bafashe ijambo ni Maureen Lambert na Michele Hirsch, babiri muri bane bunganira abasaba indishi, aho basavye abagiye guca urubanza rwa Basabose na Twahirwa “kwambika iteka ubutungane”.

Mu kiringo kirenga isaha Maureen Lambert yagize ati: "Mwarumvise kandi mwarasuzumye ivyabaye, mwarumvise abacitse kw’icumu; ibara ryaraguye mu Rwanda, ibihumbi vy’abantu biratikira kubera ko bavutse ari Abatutsi.

"Abantu barahonejwe ata gitabara kandi bamwe mu babiteguye bakanabishira mu ngiro ni abo bari imbere yanyu, Twahirwa na Basabose. Barateguye bongera bashira mu ngiro jenoside ata kinya, ndabinginze mubacire urubakwiye."

Nayo Michele Hirsch, mw’ijwi ryari ryuzuye ibigumbagumba, imbere y’abantu isinzi harimwo, abanyeshure, abanyagihugu b’Ububirigi basanzwe, n’abandi bashingwamanza b’Ababiligi bari bashitse muri sentare gukurikira urwo rubanza, yagize ati:

"Basabose na Twahirwa basavye ubuhungiro mu Bubiligi babesha ko biciwe ababo kandi ari bo batikije abantu mu Rwanda babaziza ubwoko, ivyemezo bibagiriza birahari, mwaravyiboneye, abo bakoranye mu bwicanyi mwarabumvise.

"Twahirwa yarishe ubwiwe, ahimiriza abandi kwica, afata abagore ku nguvu, mu gihe Basabose na we yakoresheje itunga ryiwe mu guhemba no gutuma abica Abatutsi, mu gutegura ubwicanyi no gutera intege abicanyi akoresheje ikinyamakuru RTLM [Radio Télévision Libre des Mille Collines ] yari afisemwo imitahe; ndabasabe musubize iteka ubutungane mu kubacira inkoni ibakwiye."

Abaregwa bompi bari mu rubanza batekanye, rimwe na rimwe bamwenyura imbere y’abaje gukurikirana urubanza.

Bitegekanijwe ko sentare izorangiza kwumvirizwa impande zihanganye kw’igenekerezo rya 11 Kigarama (12) humvirizwa abaregwa, ruce ruja mu mwiherero aho ibizoruvamwo bizomenyekana inyuma y’indwi.