Mu rubanza rwa Twahirwa na Basabose, humvirijwe 'Interahamwe y'Umututsi' yemanga ko ari mu bakoze jenoside

Twahirwa yafatwa nk’umwe mu bari barongoye ishami rya gisirikare ry’Interahamwe

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Icabona kivuga ko Twahirwa yafatwa nk’umwe mu bari barongoye ishami rya gisirikare ry’Interahamwe
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Ku munsi ugira 28 w’urubanza rubandanya i Buruseli mu Bubiligi rwa Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, sentare yumvirije Umututsi yemanga ko yari mu Nterahamwe, kandi ko ari mu bakoze jenoside.

Ni Vital Mucanda batazira Kivumbi, umugabo w’imyaka 75 yaciriwe umunyororo wo guherayo inyuma yo kwagirwa n’ivyaha vya jenoside, akaba yumvirijwe ari mw’ibohero mu Rwanda, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

N’ijwi rito kandi aboneka ko afise amagara make, yavuze ko yari incuti ya hafi ya Robert Kajuga yari arongoye Interahamwe ku rwego rw’igihugu ico gihe, kandi ko bose bari Abatutsi bakomeye mu Nterahamwe.

Ariyemerera ko yitavye amanama menshi y’Interahamwe kandi ko Twahirwa yaba ahari kuko “yafatwa nk’umwe mu bari barongoye ishami rya gisirikare ry’Interahamwe, kuko ari nawe yazitegurira imyimenyerezo ya gisirikare mw’ikambi ya Gako”.

Mucanda avuga ko azi neza Twahirwa kandi ko bakorana cane.

Ati: “Twahirwa yaba ku metero 300 y’iwanje, kandi twarahurira mu manama. Ni we yari ajejwe gutanga ibirwanisho, mbere yabitangira mu rugo iwe be n’ahakorera MAGERWA [Magasin Général du Rwanda]”.

Avuga ko Twahirwa yakunda gutanga inkoho z’ubwoko butandukanye yaba yahawe n’abarinda Perezida Juvénal Habyarimana bita aba-GP (Garde Présidentielle).

Mucanda avuga ko, umunsi indege ya Perezida Habyarimana yakororwa, Twahirwa yahindutse igikoko agatangura kwica.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: “Hari umugore bakorana mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya leta mu Rwanda [MINITRAP, impfunyapfunyo y’igifaransa ya Ministère des Trvaux Publics] yamubajije igituma ashavuye amubonye ku kabare aho twariko turanywera itariki 06 z’ukwezi kwa kane indege ya Habyarimana bayikoroye.

“Ico gihe Twahirwa yasohoye inkoho yo mu bwoko bwa pistolet aramurasa, umwana wiwe w’imyaka 11 bari kumwe akomye induru, yaciye amujaniranya, aho twaciye tubona ko ibintu vyari bikomeye”.

Avuga ko yari kumwe n’izindi Nterahamwe, ariko ko bobo baciye bibandaniriza kwinywera inzoga.

Abajijwe ivya Basabose, avuga ko yari umurwizatunga yafasha cane Interahamwe, aho yemeje ko yamwihereye ubwiwe amafaranga ibihumbi 50 vy’amanyarwanda kubera yemeye kwifadikanya n’Interahamwe kandi ari Umututsi.

N’aho Basabose ataboneka, iki cabona kivuga ko yama ahabwa raporo y’ivyakorwa vyose, kandi ko yafasha cane mu bijanye n’uburyo.

Iki cabona cumvirijwe abaregwa bompi bari muri sentare, rimwe na rimwe bazunguza umutwe mu kwerekana ko batemeranya n’ivyo yariko aravuga.

Ababunganira bobo bavuga ko ata kinini ibivugwa n’iki cabona bivuze ku bo bunganira, na burya batanamuzi kandi ko batigeze bamubona na rimwe.