Uburusiya bugabisha ko buzosambura indege ziriko zirungikirwa Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Jonathan Beale, yandika amakuru ajanye n'umutekano, be na Robert Greenall
- Igikorwa, BBC News
Uburusiya buragabisha ko buzosambura indege izo ari zo zose Ukraine iriko irahabwa n’incuti zayo, inyuma y’aho ibihugu bibiri vyemeye kuzitanga.
Slovakia yabaye igihugu kigize kabiri ca OTAN cemereye Kyiv indege zo mu bwoko bwa MiG-29 ejo ku wa gatanu, umusi umwe inyuma ya Pologne.
Ukraine isaba ibihugu vy’uburengero kuyirungikira indege za none, ariko kubera bisaba inyigisho z’igihe kirekire, bizofata umwanya muremure.
Ibona ko mu gihe yoronswa izindi ndege vyoyifasha mu kwicungera mbere ikanakora n’ibitero vyo kwivuna, muri ino ntambara imaze umwaka urenga yatangujwe n’Uburusiya.
Ibindi bihugu vya OTAN biriko birihweza ingene vyorungika indege nk’izi za MiG-29 – ubwoko bw’indege bwo kuva mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti – ubu abanya-Ukraine bakaba bariko barigishwa kuzigendesha.
Umuvugizi wa Kremlin, Dmitry Peskov, ariyamiriza iyi migambi, akavuga ko izi ndege ataco zizohindura ku ntego ya Moscou y’”igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” nk’uko ikunze kwita iyi ntambara.
Avuga ko ata kindi zizomara atari ukwongerereza ingorane Ukraine n’abanyagihugu bayo.
Ati: "Ni vyo, muri kino gikorwa kidasanzwe ca gisirikare, ibi bikoresho vyose ni ngombwa bizosamburwa”.
Izi ndege zemewe na Pologne hamwe na Slovakia ni inkuru nziza kuri Ukraine isanzwe ifise abadereva benshi gusumba indege, ariko si ukuvuga ko zije gukora ibidasanzwe.
Abanya-Ukraine bavuga ko ivyo bakeneye cane ari indege z’intambara za Amerika zo mu bwoko bwa F-16.
Yuri Sak, umuhanuzi mukuru wa Ukraine mu vyo kwivuna abansi, avuga ko izi ndege za none zifise ububasha budasanzwe.
Biracasa nk’aho Ukraine itariko irazironka ubu bwa vuba kuko bizosaba igihe kitari gito kwigisha abanya-Ukraine izi ndege z’Uburengero.
Abategetsi ba gisirikare bo mu Burengero baracafise impungenge ku ndege za none. Intego yabo nyamukuru ni ugufasha Ukraine gutsinda intambara yo hasi.
Urwasiro rwuzuye ibirwanisho vyo gukingira ibirere ku mpande zompi. Uburusiya burasumvya kure Ukraine, ariko ntiburashobora kwiganzira ibirere.
Igihe Uburusiya butangura intambara, vyari bizwi ko Ukraine yari ifise indege z’intambara 120 – nyinshi zikaba zari izo mu bwoko bwa MiG-29 na Su-27, ariko zishaje.
Ku wa gatanu, umushikiranganji wa mbere wa Slovakia, Eduard Heger, yanditse kuri Twitter ko reta yiwe yemeje integuro yo kurungikira Ukraine indege 13 za MiG-29.
Avuga ko ari “ngombwa gushira mu ngiro ivyo ibihugu vyiyemeje” kandi ko yari yishimiye ingene ibindi bihugu biriko biritaba akamo biterwa na Perezida Volodymyr Zelensky ko kumuha ibindi birwanisho.
Igitigiri c’indege za Slovakia zigikora ntikizwi neza.
Heger avuga kandi ko Slovakia izorungikira Ukraine bimwe mu bikoresho vyo gukingira ikirere vyo mu bwoko bwa Kub.
Ku wa kane, Pologne yemeye ko mu misi iza izorungika indege zine za MiG-29, ariko ko n’izindi zizorungikwa inyuma y’aho.
Aya makuru aje mu gihe ibinyamakuru vy’Uburusiya bivuga ko umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei Shoigu yambitse umudari abadereva bagize uruhara muri ca gikorwa caba mu ntango z’ino ndwi co guseka drone y’Abanyamerika.
Washington iriyamiriza iki kintu giherutse gukorwa n’Uburusiya, aho ivuga ko indege imwe yabwo yo mu bwoko bwa Su-27 yasetse drone, ariko Moscou yoyo ikavuga ko yakorotse bivuye kuri yo ubwayo.










