Umukuru w'idini yatumye abantu batikira biyicishije inzara muri Kenya yagirijwe ivyaha 191

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri Kenya, umukuru w'urushengero rwapfiriyemwo abantu amajana n'amajana bazize kwisonzesha yagirijwe ivyaha 191 bijanye no kwica.
Paul Mackenzie n'abandi 29 bari kumwe mu rushengero rwa Good News International Church bahakanye ivyaha imbere ya sentare yo mu gisagara ca Malindi.
Ibisigarira vy'abantu barenga 400, harimwo n'abana, barazuwe mu binogo birebire mw'itongo vyibazwa ko ari ry'uwo muvugabutumwa atavurwako rumwe.
Ubwa mbere yari yagirizwe gukora ivyaha bijanye n'iterabwoba, guhohotera abana no kubaboreza igufa, ivyaha vyose yahakanye.
Aza ari mu gihano co gupfungwa umwaka wo ku caha co gukora gukwiragiza films - ama video y'inyigisho ziwe zitavurwako rumwe - ata ruhusha abifitiye.
Abarokotse babwiye BBC ko yabahatira kwisonzesha gushika bagere mw'ijuru.
Paul Mackenzie yavuze ko ata muntu n'umwe yahatiye kwisonzesha.

Ahavuye isanamu, Getty Images
'Abana bararira kuko bashonje, bareke bapfe'
Bamwe mu bahoze mw'idini ryiwe bavuze ko bahatirwa kwiyicisha inzara nka kimwe mu vyemeza ko bemera ivyo yigisha.
Muri video zigera muri za mirongo nta cemeza ata gukeka (direct) cerekana Mackenzie ategeka abayoboke biwe kwiyicisha inzara, ariko hari ivyo abwira abayoboke ku kwitanga ku co bemera, gushika no ku buzima bwabo.
Hari aho agira ati: “Hari abantu batanashaka kuvuga Yesu. Bakavuga ngo abana babo bariko bararira kuko bashonje, bareke bapfe. Aho hari ikibazo?”Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Nation co muri Kenya, Pastori Mackenzie yahakanye ko ahatira abayoboke biwe kwiyicisha inzara.
Umunyamakuru amubajije kuri ibi yishuye ati: “Hari inzu canke uruzitiro basanze ahantu runaka aho abantu bafungiye?”
Abakora amatohoza bagiye barasaba kenshi ko umwanya wo kumugumiza mw’ibohero wongerezwa mu gihe bari bakibandanya amatohoza.
Bavuga ko ubu bashize hamwe ivyemezo bikwiye kugira we n’abandi bakubitwe intahe mu gahanga ku vyaha birimwo ukugandagura, uguhohotera no 'gufasha mu gikorwa c’iterabwoba''.
Bashobora kandi kwagirwa n'icaha co ''gutuma umwana aborezwa igufa'', nk'uko biri mw'itangazo ry'umuyobozi w'ubushikirizamanza.
Ivyo vyaha vyashizwe ku rutonde haheze indwi sentare ihaye abashikirizamanza ikiringo ntarengwa c'indwi zibiri kugira babishire ahabona canke batabikoze babe batanze inzira ko abakekwa bashobora kurekurwa.
Muri abo 95, 64 batowe muri Shakahola kandi ubwa mbere bafatwa nk’abahuye n'amahano bajanwa mu kigo c’ubutabazi.
Ariko abakora amatohoza mu nyuma bahavuye basanga benshi muri bo bari bafise abana bapfiriye muri iryo shamba.
Bamwe muri bo bari batanze amazina atari yo n’imyidondoro itari yo, baranka no kwemera ko abana bari ababo.
Mackenzie mu kwezi kwa Munyonyo (11) niho yagirwa n'icaha co kuba yari afise ikigo gitunganya ama firime (film) kitemewe n'amategeko cakorana n'ishengero ryiwe hamwe no gukwiragiza izo firime atabifitiye uruhusha rwemewe n'amategeko.










