Umukuru w'idini muri Kenya agiye kwagirizwa ivyaha bikomeye vyo kwica hamwe n'iterabwoba

Uwigize pasitori Paul Nthenge Mackenzie, yashize ishengero Good News International Church mu 2003, muri sentare I Malindi , ku wa 2 Rusama, 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwigize pasitoti Paul Mackenzie apfunzwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza (4)

Umukuru w'idini muri Kenya yimirije kwagirizwa ivyaha vyo kugandagura hamwe n'iterabwoba kubera urupfu rw'abantu 400 batowe mu mva rusangi, nk'uko abashikirizamanza babivuga.

Paul Mackenzie yafashwe mu kwezi kwa Ndamukiza (4) inyuma y’itorwa ry’ibiziga biharurwa mu majana, bamwe muri bo bivugwa ko bisonzesheje gushika aho bapfa.

Abashikirizamanza muri Kenya bavuga ko we n’abandi 94 basomerwa ivyaha bagirizwa na sentare y'i Malindi kuri uno wa gatatu.

Uwo yihaye amabanga yo kuba pasitori arahakana kugira uruhara muri izo mpfu.

Ibiziga vy’abantu 429, harimwo n’ivy'abana, vyakuwe mu binogo rusangi muri Shakahola, ishamba riri ahantu ugenda amasaha abiri n’imodoka mu burengero bwa Malindi.

Mackenzie bivugwa ko yahimiriza abanywanyi b’ishengero ryiwe Good News International Church [Ishengero Mpuzamakungu ry’Ubutumwa Bwiza], kujayo no kwitegurira umuhero w'isi.

Umwe mu babibonye yabwiye BBC ko abantu bari bahawe intumbero mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze yo gutangura kwisonzesha kugira ''bazoshike mw’ijuru''.

Ariko Mackenzie yavuzeko izo mpfu zidakwiye guharurwa kuri we kuko yugaye ishengero ryiwe mu 2019.

Gushika ubu hamaze kuzurwa ibiziga birenga 200 mu kibanza c’imva rusangi i Shakahola, mu mucungararo y’igisagara ca Malindi kiri ku nkengera y’ibahari, ku wa 25 Ndamukiza 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibibanza vyinshi vy'imva rusangi vyaratowe mw'ishamba rya Shakahola
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abakora amatohoza bagiye barasaba kenshi ko umwanya wo kumugumiza mw’ibohero wongerezwa mu gihe bari bakibandanya amatohoza.

Bavuga ko ubu bashize hamwe ivyemezo bikwiye kugira we n’abandi bakubitwe intahe mu gahanga ku vyaha birimwo ukugandagura, uguhohotera no 'gufasha mu gikorwa c’iterabwoba''.

Bashobora kandi kwagirwa n'icaha co ''gutuma umwana aborezwa igufa'', nk'uko biri mw'itangazo ry'umuyobozi w'ubushikirizamanza.

Ivyo vyaha vyashizwe ku rutonde haheze indwi sentare ihaye abashikirizamanza ikiringo ntarengwa c'indwi zibiri kugira babishire ahabona canke batabikoze babe batanze inzira ko abakekwa bashobora kurekurwa.

Muri abo 95, 64 batowe muri Shakahola kandi ubwa mbere bafatwa nk’abahuye n'amahano bajanwa mu kigo c’ubutabazi.

Ariko abakora amatohoza mu nyuma bahavuye basanga benshi muri bo bari bafise abana bapfiriye muri iryo shamba.

Bamwe muri bo bari batanze amazina atari yo n’imyidondoro itari yo, baranka no kwemera ko abana bari ababo.

Mackenzie mu kwezi kwa Munyonyo (11) niho yagirwa n'icaha co kuba yari afise ikigo gitunganya ama firime (film) kitemewe n'amategeko cakorana n'ishengero ryiwe hamwe no gukwiragiza izo firime atabifitiye uruhusha rwemewe n'amategeko.