Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru w'idini muri Kenya agiye kwagirizwa ivyaha bikomeye vyo kwica hamwe n'iterabwoba
Umukuru w'idini muri Kenya yimirije kwagirizwa ivyaha vyo kugandagura hamwe n'iterabwoba kubera urupfu rw'abantu 400 batowe mu mva rusangi, nk'uko abashikirizamanza babivuga.
Paul Mackenzie yafashwe mu kwezi kwa Ndamukiza (4) inyuma y’itorwa ry’ibiziga biharurwa mu majana, bamwe muri bo bivugwa ko bisonzesheje gushika aho bapfa.
Abashikirizamanza muri Kenya bavuga ko we n’abandi 94 basomerwa ivyaha bagirizwa na sentare y'i Malindi kuri uno wa gatatu.
Uwo yihaye amabanga yo kuba pasitori arahakana kugira uruhara muri izo mpfu.
Ibiziga vy’abantu 429, harimwo n’ivy'abana, vyakuwe mu binogo rusangi muri Shakahola, ishamba riri ahantu ugenda amasaha abiri n’imodoka mu burengero bwa Malindi.
Mackenzie bivugwa ko yahimiriza abanywanyi b’ishengero ryiwe Good News International Church [Ishengero Mpuzamakungu ry’Ubutumwa Bwiza], kujayo no kwitegurira umuhero w'isi.
Umwe mu babibonye yabwiye BBC ko abantu bari bahawe intumbero mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze yo gutangura kwisonzesha kugira ''bazoshike mw’ijuru''.
Ariko Mackenzie yavuzeko izo mpfu zidakwiye guharurwa kuri we kuko yugaye ishengero ryiwe mu 2019.
Abakora amatohoza bagiye barasaba kenshi ko umwanya wo kumugumiza mw’ibohero wongerezwa mu gihe bari bakibandanya amatohoza.
Bavuga ko ubu bashize hamwe ivyemezo bikwiye kugira we n’abandi bakubitwe intahe mu gahanga ku vyaha birimwo ukugandagura, uguhohotera no 'gufasha mu gikorwa c’iterabwoba''.
Bashobora kandi kwagirwa n'icaha co ''gutuma umwana aborezwa igufa'', nk'uko biri mw'itangazo ry'umuyobozi w'ubushikirizamanza.
Ivyo vyaha vyashizwe ku rutonde haheze indwi sentare ihaye abashikirizamanza ikiringo ntarengwa c'indwi zibiri kugira babishire ahabona canke batabikoze babe batanze inzira ko abakekwa bashobora kurekurwa.
Muri abo 95, 64 batowe muri Shakahola kandi ubwa mbere bafatwa nk’abahuye n'amahano bajanwa mu kigo c’ubutabazi.
Ariko abakora amatohoza mu nyuma bahavuye basanga benshi muri bo bari bafise abana bapfiriye muri iryo shamba.
Bamwe muri bo bari batanze amazina atari yo n’imyidondoro itari yo, baranka no kwemera ko abana bari ababo.
Mackenzie mu kwezi kwa Munyonyo (11) niho yagirwa n'icaha co kuba yari afise ikigo gitunganya ama firime (film) kitemewe n'amategeko cakorana n'ishengero ryiwe hamwe no gukwiragiza izo firime atabifitiye uruhusha rwemewe n'amategeko.