Kenya: Igitigiri c’abapfiriye mw’idini ry’umusi w’iherezo kimaze kurenga 400

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi ca Kenya kiriko kirakora amatohoza kw’idini ry’umusi w’iherezo kimaze kuzura ibiziga vy’abantu 403 mw’ishamba rya Shakahola, ni inyuma y’aho habonekeye ibindi biziga 12 ejo ku wa mbere.
Abantu baharurwa mu majana bari mw’ ishengero Good News International Church bazwi ko bisonzesheje gushika gupfa, canke bagakubitwa bibi, canke mbere bakanigirwa muri iryo shamba rya Shakahola riri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya.
Hari abantu bivugwa ko bari abayoboke b’iryo dini ry’umuhero w’isi bivugwa ko rirongowe na Pasitori Paul Mackenzie n’ubu batarabonwa irengero.
Pasitori Mackenzie yigisha avuga ko umuhero w’isi uri hafi, akagirizwa ko yategeka abayoboke biwe kwisonzesha gushika gupfa kugira ngo bashobore kubona Yezu/Yesu.
Avuga ko mu 2019 yugaye ishengero ryiwe Good News International Church yari yatanguje mu 2003, aca ategeka abayoboke biwe kumukurikira muri Shakahola, ikibanza yise “ikibanza ceranda”. Ariko inyigisho ziwe zabandanije ziboneka mu mavidewo yo ku mbuga ngurukanabumenyi.
Gushika ubu, Pasitori Mackenzie ntaraburanishwa.
Nta bimenyetso nyavyo biri mu mavidewo atari make ya Pasitori Mackenzie ategeka abantu kwisonzesha, ariko hari ivyemezo vyinshi vyerekana ingene abayoboke biwe baheba ivyabo, harimwo n’ubuzima.
Hampande yo kwigisha abantu kwisonzesha gushika gupfa, Pasitori Mackenzie yigisha abantu kutajana abana babo mu mashure avuga ko ari aya shetani/satani kandi ko ari uburyo bwo kubakuramwo amafaranga.
Yigisha kandi abagore kwirinda kuja kwa muganga hageze kuvyara no kudacandagisha abana, kuko yabereka ko abaganga “bakorera iyindi Mana”.
Nyinshi mu nyigisho ziwe kandi zibanda ku buhinga bwa none, akaba yemeza ko ikarata karangamuntu nshasha ya Kenya izoba irimwo amakuru ndangamuntu y’ibanga azoba abitswe muri iyo karata mu buryo bwa none – kuri we akavuga ko ari “ikimenyetso ca ca gikoko”, ko rero ari ngombwa kucirinda.
Mackenzie ari mu minwe y’ubutegetsi kuva ku wa 15 Ndamukiza (4). Arahakana ko atategetse abayoboke biwe kwiyicisha inzara. Ariko mu bikorwa vy’amatohoza, hatowe abana benshi bapfuye bagahambwa mu rupangu rwiwe.
Abarokotse aka kaga katanguye mu kwa mbere, bemeza ko abana ari bo batangura, hagakurikira abatarongowe, abagore, abagabo hanyuma hagahereza abarongozi b’ishengero.
Abacitse kw’icumu hamwe n’abahoze muri iryo dini ryiwe bavuga ko uwagerageza guhunga baca bamutangira, ko hari abagabo bari bafise imipanga babirukako, bakabakubita, bakabasubiza muri iryo shamba.
Mu gihe bamwe mu bayoboke bashoboye kurokorwa banka kuvurwa, hari ibivugwa ko abayoboke b’iryo shengero babandanya inyigisho n’inyuma y’iri shamba, bakumvisha abarokotse kwanka imfungurwa n’imiti.










