Igipurizo c'Ubushinwa carungika amakuru ikibiriraho – abahinga

Iki gipurizo c'Ubushinwa cafotorewe mu kirere ku wa 03 z'ukwa kabiri, iyi sanamu ikaba yashizwe ahabona n'ubushikiranganji bwa amerika bujejwe kwivuna abansi

Ahavuye isanamu, US Air Force/Department of Defence/Reuters

Insiguro y'isanamu, Iki gipurizo c'Ubushinwa cafotorewe mu kirere ku wa 03 z'ukwa kabiri, iyi sanamu ikaba yashizwe ahabona n'ubushikiranganji bwa amerika bujejwe kwivuna abansi
    • Umwanditsi, Mike Wendling
    • Igikorwa, BBC News

Igipurizo caciye hejuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ntango z’uno mwaka carashoboye kumara imisi cegeranya amakuru ku bigo vya gisirikare imbere y’uko kiraswa, nk’uko bivugwa n’ibimenyeshamakuru vya Amerika.

Iki gipurizo cashoboye kurungikira Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) amakuru y’ikibiriraho, nk’uko bitangazwa n’imboneshakure NBC News isubiramwo ibivugwa n’abategetsi ba Amerika.

Iki kigendajuru cabuye amakuru ya elektroniki aho gufata amasanamu, nk’uko bivugwa n’umutegetsi umwe asubirwamwo n’iyi mboneshakure.

Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika) ntaco ivuga kuri ano makuru.

Ariko abategetsi ba Amerika bavuga ko bashoboye kugabanya ubushobozi bw’iki gipurizo bwo kwabura amakuru mu gihe caca hejuru y’ubutaka bwayo.

Ejo ku wa mbere, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yavuze ko ikigo c’igendereza ryo hagati mu gihugu, FBI, cari kicihweza ibisigarira vy’iki gipurizo.

Sabrina Singh avuga ati: "Ntituzi nimba iki gipurizo carashoboye kuyoborwa neza kigashika aho categerezwa gushika”. Yanse gushira ahabona ibigo vya gisirikare cashoboye kuzunguruka.

Ati: "Turasuzuma amakuru Ubushinwa bwashoboye kwabura ariko turazi ko ingingo twafashe zatumye ata kinini bushikako”.

Iki gipurizo cazungurutse he?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi ba Amerika bavuga ko bakurikiranye iki gipurizo kiri hejuru ya Alaska na Canada imbere y’uko gisubira kwinjira ku butaka bwa Amerika mu ntango z’ukwa kabiri.

Bimaze kumenyekana ko iki gipurizo cariko kirazunguruka hejuru y’ubutaka bwa Amerika, haciye haba ukugikurikirana, kwihweza ikirere hanavugwa vyinshi.

Iki kigendajuru cari gifise uburebure bw’imetero hafi 60 cagiye kurasirwa hanze y’umweha wa Carolina y’Epfo ( Caroline du Sud/South Carolina) ku wa 04 Ruhuhuma (2) n’indege y’intambara ya Amerika.

Mu nyuma, abategetsi ba Amerika bavuze ko bafashe iki gipurizo. Abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko cari igipurizo ca gisivire cari kijejwe kwihweza ingene ikirere kimeze, bakavuga ko Amerika yarengeje urugero mu kukirasa.

Abategetsi babwiye ibimenyeshamakuru vya Amerika ko Ubushinwa bwashoboye kuyobora iki gipurizo kugira ngo gishobore kuzunguruka hejuru y’ibigo vya gisirikare.

Iki kintu carateje icuka kibi mu migenderanire hagati y’ibi bihugu bibiri mbere kinatuma umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken ahagarika urugendo yagomba agire mu Bushinwa.

Mu mayinga yakurikiye iki gipurizo kimaze kuraswa, indege z’intambara za Amerika zakoroye ibindi bipurizo bitari bike vyikekwa ko vyavuye mu Bushinwa.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi buvuga ko Ubushinwa burungika ibipurizo bitari bike mu mpande zitandukanye z’isi.