Niger : Ubumwe bwa Afrika buhaye imisi 15 abakoze coup d’Etat ngo babe basubije ubutegetsi

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, AU, ryahaye imisi 15 abasirikare baherutse gutembagaza ubutegetsi bwa Niger ngo babe basubiye mu makambi yabo kandi bagasubiza ubutegetsi bwitorewe n’abanyagihugu.
Itangazo ryasohowe nijoro ku wa gatanu inyuma y’umubonano w’Inama ijejwe Amahoro n’umutekano, rigashirwa ahabona kuri uno wa gatandatu risaba kandi ko umukuru w’igihugu Mohamed Bazoum n’abo bapfunganywe kurekurwa vuba bwango.
Ni inyuma y’aho ku wa 26 Mukakaro (7) abasirikare bari bajejwe gucungera umutekano w’umukuru w’igihugu Bazoum batangaje ko basenyuye inzego z’igihugu, ejo ku wa gatanu naho Jenerali Abdourahmane Tchiani yari abarongoye akitangaza ko ari we agiye kuramutswa iki gihugu.
Ubumwe bwa Bulaya nabwo nyene butangaza ko buhagaritse imigenderanire yose bwari bufitaniye na Niger mu bijanye n’umutekano inyuma y’iri tembagazwa ry’ubutegetsi ryakozwe n’aba basirikare.
Mw’iri tangazo, Inama nkuru y’Ubumwe bwa Afrika ijejwe umutekano “iriyamiriza yivuye inyuma iri tembagazwa ry’ubutegetsi ryakozwe n’abasirikare …ryatumye umukuru w’igihugu Mohamed Bazoum yitorewe n’abanyagihugu akurwa ku butegetsi”.
Ivuga ko itewe impungenge n’ingene “ama-coups d’Etat ya gisirikare yasubiye kuba ndanse muri Afrika akaba atesha agaciro intwaro rusangi, amahoro, umutekano n’ituze ku mugabane”.
Ivuga ko idashobora kwihanganira na gato “ihindurwa ry’ubutegetsi riteye kubiri n’ibwirizwashingiro”.
Igabisha ko izofatira ingingo zikenewe aba basirikare batembagaje ubutegetsi muri Niger, harimwo n’ibihano, mu gihe batokwubahiriza uburenganzira bw’abanyaporitike bapfunzwe.
Imenyesha ko ibandanya ikurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya Josep Borrell yifatanije na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubufaransa mu kwanka kwemera ubutegetsi bwashizweho n’abatembagaje intwaro, aca atangaza ko imfashanyo yose yahora ihabwa Niger mu vyo umutekano ihagaritswe mu kiringo kitazwi.
Bizwi ko amagara ya Perezida Mohamed Bazoum ameze neza, mu gihe akiri mu minwe y’abamucungereye umutekano batembagaje ubutegetsi bwiwe.
Ku kagoroba k’ejo ku wa gatanu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe migenderanire Antony Blinken yatangarije aba bafise mu minwe umukuru w’igihugu ko “imfashanyo y’amajana n’amajana y’amamiriyoni y’amadorari” ishobora kugira ingorane.
Hagati aho, umukuru wa wa murwi Wagner w’abacangero b’Abarusiya, Yevgeny Prigozhin, avuga ko iyi coup d’Etat ari intsinzi.
"Ivyabaye muri Niger si ikindi atari urugamba rw’abanyagihugu ba Niger rwo kwikurako abakoloni”, niko asubirwamwo avuga ku rubuga rwa Telegram rwegamiye Wagner.
“Mu gihe abakoloni bariko bagerageza kubahatirako amategeko y’ingene bategerezwa kubaho, babategeka n’ivyo bategerezwa gukora kugira ngo Afrika ibandanye ibaho uko yari ibayeho mu myaka amajana iheze”.
Yongerako ati: “Uno musi ni wo musi baronkeyeko intahe y’ukwikukira”.
BBC ntirashobora guhinyuza nimba aya majambo koko yavuzwe.










