Amakuba abana b'Abarundi babonera muri Tanzania iyo baba bajanywe kurondera akazi

- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bujumbura
Igihugu ca Tanzaniya kimaze imisi kiriko kirirukana abana b’Abarundi, benshi bafise munsi y’imyaka 16, baba bagiyeyo gukora canke gukoreshwa ubuzi butandukanye.
Ku mupaka wa Mugina, muri komine Mabanda, intara ya Makamba, nahuriranye n'uko abana 30 bashikanywe birukanywe muri Tanzania.
Ni igihe c’isaha 12 z’umugoroba zirenga gato. Abapolisi bajejwe kugenzura uruja n’uruza ku mupaka bariko barasuzuma abo bana. Abantu bashengereye, basa n’abatangaye.
Abo bana bagizwe n’igitigiri kinini c’abadashikana imyaka 16. Barijiriwe. Biraboneka ko barushe cane. Nka bose ntaco bafise mu ntoke. Bamwe, bariko bararira. Biragaragara ko bamaze igihe kinini batoga. Baracafuye cane, haba mu mushatitsi, ku mpuzu, no ku mubiri.
Muri uku kwezi kw'icenda kwonyene, BBC Gahuzamiryango yashoboye kumenya abarenga 230 birukanywe.
Bamwe muri bo baza bafise ibimenyetso vyerekana ko bakubiswe canke bakubaguwe mu buryo butandukanye.
Umwana umwe, mu gusigura ubuzima bari babayemwo yabwiye BBC Gahuza ati :
''Twari mu gasho. Igihe cose baguma badukubita bongera batuvayanga mw’ivu. Kenshi baturaza ubusa. Inzara yari mu kutwica. Nk’ubu duheruka ivyo kurya hirya y’ejo.''
'Nta muti w'abarundi uhari'

Aba bana bavuga ko ubuzima babamwo muri Tanzania butoroshe namba. Ntibarekuriwe kuba mu bisagara canke mu burere burimwo imihana. Bisa nk’uko babaho babundabunda.
Bavuga ko bakoreshwa mu mirima (y’ibigori, imyumbati, itabi, …) no mu kuragira inka mu gahinga no mu mashamba kure y’imihana. Ni nayo baheza bakaba mu dusago twubakishije ibiti n’ivyatsi.
Abasa n’abifise barondera amahema yatabaguritse akaba ari yo basakaza utuzu babamwo. Amahema mashasha bavuga ko batoshobora kuyagura kuko aba azimvye. N’iyo agurishirizwa bemeza ko batotinyuka kujayo.
Iyo imvura iguye ntiboroherwa. Bavuga ko ata mazi meza yo kunywa baronka. N’iyo barwaye, ntibiborohera kuronka imiti.
Umwe muri bo, yamuka mu Kayanza, arasigura :
''Jewe nahora mu karere ka Nkanda, muri komine Kasulu, intara ya Kigoma. Kugira turonke amazi meza yo kunywa, twagenda ibirometero nka 30.''
''Urumva ko wari nk’umuzi w’ibuye. Twaca rero duhitamwo kunywa amazi y’ibiziba. Nk’imvura iguye, twaca tuyora amazi yireka hasi akaba ari yo dutekesha tukongera tukayanywa.''
Uyu munya Kayanza ntazopfa yibagiye amagorwa n’amakuba babona umwe muri bo arwaye, bikenewe ko baja kugura umuti.
Avuga ko vyabasaba kunyeguruka bakava muri ayo mashamba bakaja mu gisagara canke mu burere burimwo imihana, ahari amazu adandaza imiti.
Avuga ko bahashitse, kubera baba badaherutse kwoga, aba Tanzaniya baca babikeka bagaca babona ko ari abanyamahanga.
Avuga ko kenshi bababwira ngo ''Nta muti w’Abarundi uhari.''
Kwirukanwa badahembwe ayo bakoreye
Abo bana bakoreshwa n’ababaguze ari nabo bavugana na bene imirima canke amararo. Mu kigaragara ko ari ibintu vyo mu kinyegero, iyo igipolisi kibimenye kiraza kubafata, n’utuzu bararamwo kigaturira.
Igikurikira ni ukubegeranya, kikabazana ku mupaka kubasubiza inzego z’Uburundi. Akenshi n'amafaranga baba bakoreye birukanwa batayahembwe. Umwana yamuka muri komine n’intara ya Muramvya yagiye aherutse guheba ishure kugira aje gukorera amafaranga mu gihugu ca Tanzaniya aravuga ingene vyagenze mu kwirukanwa.
''Umu boss [umukoresha] wacu yari agiye kuduhemba, tugeze mu nzira tuza tubona umuntu avuye mw’ishamba ariko atwirukako afise imbugita n’inkoni. Turiruka, ipantaro yanje ica ifata ku gishitsi, aca aramfata.
''Hamwe n’abandi bari bafashwe, yaciye atuboha aca atujana mu modoka, maze baca batangura kudukubita bakoresha inkoni n’utuntu tw’ivyuma. Numva ndiko ndababara mu mavi no mu nkokora.''
Ni ubukene, urudandazwa rw'abantu canke birafatanye?
Aba bana bemeza ko hari imisore itembera mu ntara zitandukanye z’Uburundi irondera abo ijana muri Tanzaniya. Iyo habonetse abipfuza kugenda, babakura iwabo mu masaha y’ijoro.
Iyo misore ibashikanye hakurya, ngo ica ibahereza uwundi mugwi w’abarundi ubadandaza ku batanzaniya, aba nabo bakaja kubakoresha mu mirima no mu bikorwa vyo kuragira inka.
Amakuru BBC Gahuzamiryango yashoboye gutohoza irya n’ino yerekana ko iyo misore ibikuramwo akarusho k’amafaranga.
Akarorero, abajana abana mu burere bwa Nkanda na Kitagata (muri Kigoma), barashobora kuronka nk’ama dolari arenga 25 (n'amafaranga y'amarundi arenga 150.000 kw'isoko rya magendo muri iki gihe) ku mwana umwe bajanye, udashizemwo ay’itike arihwa n’abana ubwabo.
Nico gituma ababikora bagwana barondera kujana abana benshi bashoboka, ata no kwitaho ingene bazobaho muri Tanzania.
Iyo misore, mu kurondera abana ijana muri Tanzaniya, ikoresha uruyeri. Nk’uko bamwe mu bana bavyiganiye BBC Gahuzamiryango, ibereka ko bazoronka amaterefone meza (android), ko bazogura amakinga, amaradiyo, ivyuma bitanga umuyagankuba w’izuba (solar), n’ibindi.
Mu kubajana, bava mu Burundi ari mw’ijoro kugira buje guca barenze mu burere abo bana bazwi.
Umwana umwe agira ati :
''Twamaze imisi ibiri tugenda ijoro n’umurango. Mu gusohoka Uburundi, twasohokeye ku cambu kiri muri SOSUMO [ishirahamwe rihingura isukari riri mu buseruko bw’Uburundi]. Muri Tanzaniya, twaca mu mashamba ateye ubwoba.''
Imwe mu mvo zituma biroha bakaja muri ayo mashamba, bavuga ko ari ubukene burangwa mu miryango iwabo. Bavuga ko baba bagiye kurondera akazi kotuma baronka udufaranga.
Umwana umwe w’i Muramvya avuga ko yari yagiye muri Tanzania muri uku kwezi kw’umunani. Yemeza ko yabitumwe n’ubuzima bubi abayemwo. Yahora ari umunyeshure ariko ngo ntivyakunze ko abandanya.
Ati : ''Jewe mu guheba kw’ishure nabuze amakaye. Kandi ntashe mvuye kw’ishure sinaronka ivyo mfungura.
''Ni jewe ubwanje nipfuje kuja kurondera akazi muri Tanzania. Ariko na mama ndabimubwiye yaciye andeka ndagenda.''
Uyu mwana, n’amasozi mu maso, abandanya agira ati:
''Nipfuza uwomfasha akandonsa amakaye n’ivyo gufungura. Ivyo ndabironse nkaronka na uniformes noca nsubira kw’ishure.''
Abo bana bose bibaza ko kuja gukora akazi muri Tanzania ari yo nzira yihuta yo kuronka amafaranga mu mwanya muto.
Bemeza ko ama shiling y’ico gihugu afise agaciro cane gusumba ifaranga ry’Uburundi. Hari uwansiguriye ati: ''Nk’ubu icompa umuriyoni w’ama shiling nogaruka mu Burundi ndi tajiri [umutunzi].''
Ku mupaka w’Uburundi na Tanzania, ku ruhande rw’intara ya Makamba, i shilingi rimwe rivunjwa amafaranga 267. Hari n’igihe rishikana 270.
Abanyagihugu bo mu burere bwegereye umupaka bemeza ko ishilingi ryaduze cane bagereranije n’ingene ryavunjwa mu myaka itatu canke ine iheze. Bavuga ko ho ryasa n’iringana n’ifaranga ry’uburundi. Ngo vyagenda bibangabanganwa.
Uko guta agaciro kw’ifaranga ry’Uburundi, ni imwe mu mvo nyinshi zishobora kuba zituma bamwe mu barundi baja kurondera akazi muri Tanzaniya.
Umuzigo kuri Komine Mabanda
Umupaka wa Mugina uri muri komine Mabanda, intara ya Makamba, ni wo igipolisi ca Tanzania gikunda kubacishako.
Ariko bose si abanya-Mabanda canke abanya-Makamba. Baturuka mu ntara zitandukanye z’Uburundi nka Rutana, Gitega, Kayanza, Karusi, Ngozi, Muyinga, Cankuzo n’izindi.
Komine ya Mabanda ibakira iyo birukanywe ntiyoroherwa. Ihanzwe n’ingorane z’ubryo. Aurestin Nizigiyimana, umunyamabanga wa komine Mabanda, avuga ko kenshi iyo baje babaraza mu nyubakwa y’amanama kubera ata kindi kibanza kihari. Asigura ko barara kw’isima, ata matera, badafise n’ivyo bifuka.
Izo ngorane zatumye komine yikora ku co yita imiryango "mirezi". Iyi, irakira abo bana, ikabaha indaro, ikabaha n’ivya nkenerwa vyose imbere y’uko basubizwa iwabo.

Derayidi Nkunzimana ni umwe mu barezi. Avuga ko nabo nyene batoroherwa kubera bakoresha uburyo bwabo bwite, mu gihe nabo nyene amikoro mu miryango atako yifashe. Uyu mugore yemeza ko bibasaba gufata amadeni kugira bashobore kugaburira abo bana.
''Nk’ubuheruka nakoresheje ibiro ijana vy’umuceri nafashe kw’ideni,'' niko Derayidi avuga.
''N’ubu ntibirarihwa. Urumva ko turemerwa na twebwe.
''Abo bana turabavuza tukisopa, tukabagurira impuzu tukisopa, tukabamwesha umushatsi tukisopa…
''Burya hari n’abaza bafise ibimenyetso vy’ihungabana mu bwenge. Abo bose turabajana kwa muganga dukoresha uburyo bwacu.''
Ibiriko birashikira abana bajanwa muri Tanzania biteye umutima uhagaze ururani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana FENADEB. Ferdinand Simbaruhije aruvugira asaba reta guhasha ababajabukana mu ntumbero yo gukingira abo bana.
Yibutsa ko hariho itegeko rihana abakora urudandaza rw’abantu ryo muri 2014. Abona ko rikwiye gushirwa mu ngiro mu ntumbero yo gukingira abana b’igihugu.
Ati: ''Turasavye ni ukuri amategeko igihugu cashizeho akurikizwe kurya yanditswe. Ivyo vyoshobora gutuma vyinshi bihinduka. Vyotuma abo bakora urwo rudandaza bagira ico batinya mu gihe boba babona ko bafashwe bahanwa vy’akarorero".
Gushika ubu, igitiri nyaco c’abana bari muri Tanzaniya (abapfunzwe n’abadapfunzwe) ntikizwi.
Yamara, urunani FENADEB ruvuga ko rufise n’ibimenyetso vyerekana ko hari n’abandi bajabukanwa igihugu baciye ku mupaka wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo. Boba bajanwa gushika muri za Kenya, Libiya, Oman n’ahandi.
Mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu bamenyesha ko bakoranye n’inzego z’umutekano bamaze guhagarika abatari bake mu bajabukana abo bana. Ariko nta bitigiri batanga.






