DRC: Ahantu hambere habi ku bana

Ahavuye isanamu, Unicef
Igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo ni co kibanza kibi rwose co kubamwo umwana kandi ibintu bigenda vyunyuka.
Sheema Sen Gupta, ajejwe gukingira agateka k'abana mw'ishami rya Onu rijejwe ibibondo Unicef, agira ati: "Ugereranije ibiharuro vyo mu mwaka uheze n'ivyo uyu mwaka, ikubagurwa rishingiye ku gitsina ryiyongereye ku bice 47%. Ibi n'ibiharuro birenze urugero."
Gupta yavuganye na BBC inyuma yo kugendera amakambi y'abateshejwe izabo mu buseruko bwa Congo mu mpera z'ukwezi kw'icenda.
Yagize ati: "Ufatiye gusa ku buseruko bwa Congo, Kivu ya Ruguru n'iy' Epfo gusa, abana b'abigeme bane kuri batanu baramaze gukorerwa ihohotera rishingiye ku gitsina.
Ico gihugu gifise uburinganire bungana n'Uburaya bw'uburengero, kikaba kibamwo abantu imiliyoni ijana, kikanagira n'ubutunzi bwinshi bw'amabuye y'agaciro.
Mu 2022, Unicef yegeranije ibiharuro bigera ku 3.400 vy'abana "bahohotewe bikomeye" muri Congo, harimwo abagera 1.600 binjijwe mu gisirikare, 700 bishwe n'abandi boba bashika 290 bafashwe ku nguvu.
Gupta agira ati: "Kuba ndi mu bakingira abana, ndazi ibiriko biraba. Ariko iyo ugiyeyo ugahura n'abana n'urwaruka, biragukora ku mutima. Narababajwe n'ihohoterwa rikomeye abo bana bagirirwa".
Kuva mu ntango ya 2023, abantu barenga umuliyoni barasubiye guta izabo kandi muri Congo, bituma igitigiri c'abaziteshejwe kirenga imiliyoni 6.1.
Imidurumbanyo n'umutekano muke

Ahavuye isanamu, Unicef
Intambara yadutse mu myaka hafi mirongo itatu iheze ikaba imaze guhitana abantu barenga imiliyoni zitandatu.
Mu mwaka uheze, ubwicanyi bwarongerekanye mu gihe abasirikare ba reta bariko baratana mu mitwe n'imigwi yitwaje ibirwanisho irenga 100 mu buseruko bwa Congo, n'aho hari hasanzwe hari ingabo za Onu zijejwe kugarukana umutekano.
Kuva mu kwezi kwa kabiri, abarwanyi ba M23 bagumye bigarurira utundi turere.
Uwo mugwi washinzwe haraciye imyaka cumi uvuga ko ugwanira inyungu z'abo mu bwoko bw'Abatutsi baba mu gihugu ca Congo, ukaba uhanganye n'Abahutu bitwaje ibigwanisho.
Abategetsi ba Congo bagiriza Urwanda kubafata mu mugongo.
Abantu birukanywe mu bigwati vyabo bisanga mu makambi manini manini nka Rhoe yagendewe na Sen Gupta.
Iri ku birometero 45 mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Bunia, ikaba icungerewe n'ingabo zibungabunga umutekano za Onu. Ariko, kuri benshi mu bigeme, ntibacungerewe bikwiye.
Sylvia (izina ryahinduwe) afise imyaka 16 gusa ariko aza ari umuvyeyi w'umwana w'amezi 10 yavuye mu gufatwa ku nguvu. BBC yaravuganye na we ari kumwe n'umwigisha wiwe, inafashijwe n'uwuhindura indimi w'ishirahamwe Unicef.
Yabwiye BBC ati: "Igihe nari mvuye kuvoma amazi, naratewe ndi mw'ikambi. Vyabaye bumaze kwira. Sinamenye uwabikoze. Ntihabona."
Inyuma y'aho, abantu barashwabadutse ariko nta n'umwe yamufashije. Yibaza ko uwamufashe ku nguvu acidegemvya mw'ikambi.
Agira ati: "Ndafise ishavu n'ubwoba. Imiyabaga yose irafise ubwoba bw'umutekano wayo".
Inyuma y'imyaka itatu atiga, ubu yaragarutse kw'ishure nk'inzira yo kumusubiza agaciro.
Sylvia agira ati: "Ndi kw'ishure, mawe ni we aca andabira umwana. Ngarutse muhira, ni jewe ndamuraba".
Inzu abamwo yubakishijwe imisuna n'ivyondo, ikaba isakaje ihema. Nta matara arimwo. Hari akazu ka surwumwe kamwe gusa ku bantu 50.

Ahavuye isanamu, Unicef
Sylvia abandanya avuga ati: "Bumaze kwira, mw'ikambi nta mutekano uhari. Nta ndya zikwiye zihari.
"Singira dawe. Ndi kumwe na mawe gusa. Nta muntu w'umugabo n'umwe dufise yokingira umuryango wacu. Kuva mw'ihema ugiye kuvoma amazi n'ibintu bishobora kuba ikibazo ku bakobwa".
Sylvia yararonse impanuro zituma atanka umwana wiwe.
Uwo mwana yaguma akoma induru igihe nariko ndavugana na nyina wa Sylvia, Georgina.
Uwo munyokuru Georgina w'imyaka 40 agira ati: "Wiale afise amagara meza, akunda gukina kandi aguma akebaguzwa".
Georgina akora akazi ko mu mazu y'abantu. N'umupfakazi yiyumva nk'inyakamwe. Georgina agira ati: "Biragoye ko nyina amukurikirana. Na we (Sylvia) aracari umwana."
Ubuzima bwo mw'ikambi

Sylvia na nyina wiwe Georgina bahunze mu myaka itatu iheze bavuye mu micungararo y'ikigwati cari catewe n'abitwaje ibirwanisho. Ntibazi ryari bazosubira iwabo.
Georgina agira ati: "Rimwe na rimwe umukobwa wanje arashavura cane. Aguma yibuka ico gitero. Arahindagurika kandi akigira nk'umuntu ata co anezwe".
Uwurongoye ishure yigako, Lonu Bauojo Innocent, ubwiwe yarateye intege Sylvia ngo asubire kw'ishure.
Innocent agira ati: "Hari benshi bameze nka we ngaha. Arazi ubwenge cane kandi gukurikirana ishure bizomufasha gusubira mu buzima bwa misi yose".
Kubera abigeme benshi bafatwa ku nguvu mu mwiza bagiye kuvoma, barashize itangi nshasha mw'ikambi kugira bagabanye izo ngorane. Abagore kandi bagendera mu migwi kugira bicungere.
Ariko uko ibintu vyifashe biragoye cane.
Nta bapolisi bahari mw'ikambi bo gukinga canke gukora amatohoza ku caha co gufata ku nguvu.
Hanyuma reta ya Congo yarasavye ingabo za Onu zicungera iyo kambi gukura meza mu mpera z'uyu mwaka. Abasirikare ba Onu muri Congo baranebagurwa cane ko bananiwe gukingira abanyagihugu ubwicanyi.
Sen Gupta yizeye ko umutekano uzocungerwa n'igihugu cabakiriye.
N'ikibazo kiri hose kw'isi yose, aho gufatwa ku nguvu bivugwa mu makambi y'impunzi hirya no hino kw'isi.
Gupta agira ati: "Biragoye kuvuga ko ugufatwa ku nguvu bizongerekana ariko hari igihe usanga amakambi amwe amwe igitigiri c'abafatwa ku nguvu congerekanye.
"Turazi ko ibintu vyifashe nabi cane muri Congo, kandi ko bigenda vyunyuka."
Si ubutumwa buhumuriza ku babikorewe ariko hariho icizere n'aho ari gike.
Sylvia yiga mw'ishure rishasha riherutse kwubakwa hanze y'ikambi. Ubu rifise ibirasi bitatu, ibindi bine biracubakwa.
Agira ati: "Ndiga cane n'umwete. Kandi ndanezejwe no kuba ndi kumwe n'abagenzi banje kw'ishure".










