Umukuru wa Nairobi yafashije umwana w'Umurundi w'imyaka 14 yazanywe gucuruza mw'ibarabara

Nairobi Governor Johnson Sakaja

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abana n'abantu bagendana ubumuga barazanwa mu kinyegero muri Kenya, akenshi bagakoreshwa mu gusega no gucururiza mw'ibarabara

Umukuru w'intara y'umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi, yafashije umwana w'Umurundi w'imyaka 14 yakubaguwe n'abakozi b'igisagara kubera yariko aracuririza mw'ibarabara.

Ama video y'uwo mwana ariko ararira abo bakozi bamaze gusesa ikaranga (ubunyobwa) ziwe zarahererekanywe cane ku mbuga hwaniro ku wa kabiri, zituma abantu benshi bumvira ikigongwe uwo mwana banarakarira abo bakozi b'igisagara.

Izo video zatumye umukuru w'intara y'igisagara Johnson Sakaja agira ico afashishije uwo mwana ari naho yamenyesha ku wa gatatu ko yasanze uwo mwana ari Umurundi atarakwiza imyaka yo kuba umuntu akuze.

Sakaja avuga ko uwo mwana yazanywe mu kinyegero muri Kenya kugira akoreshwe akazi ko kwirirwa aracururiza mw'ibarabara.

Uwo mutegetsi avuga ko yavuganye n'uwuserukira Uburundi muri Kenya kugira uwo mwana asubizwe kw'ishure.

Muri ayo ma video, Sakaja agaragara ariko araganiriza - mu rurimi w'Igiswahiri mu biro - uwo mwana w'umuhungu.

Ariko arahakana ko uwo mwana yakubaguwe, akavuga ko abo bakozi b'igisagara bariko baramubuza gucururiza mw'ibarabara mu masaha bitarekuwe.

''Igihe yafatwa n'abajejwe kwubahiriza amategeko, barafashe ibidandazwa vyiwe, uwo mwana aca agerageza kugwanira indobo yiwe, ivyarimwo bica biraseseka hasi aho umukono [w'indobo] umariye gucika.'' Uko niko Sakaja abivuga.

Uwo mukuru w'intara y'igisagara ca Nairobi avuga ko agiye gukorana n'ubushikiraganji bujejwe imigenderanire kugira hatorwe inyishu ku kibazo c'urudandazwa rw'abana hamwe n'abanyamahanga binjira muri Kenya mu nzira ziteye kubiri n'amategeko.

Abategetsi muri Kenya bari bamaze kuvuga ko abanyamahanga, barimwo abana n'abantu bagendana ubumuga, bazanwa nk'urudandazwa muri Kenya, akenshi bagakoreshwa mu gusabiriza (gusega) canke gucuruza mw'ibarabara.

''N’aho ata vyangombwa boba bari bafise... ntibari bakwiye gufatwa gutyo'' - Johnson Sakaja

Abacururiza mw'ibarabara i Nairobi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hagati mu gisagara ca Nairobi, abacururiza kw'ibarabara no mw'ibarabara ni benshi cane
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwezi kw'icumi, Abanya-Kenya barashavujwe cane n'abategetsi basanzaje ibintu vy’abacurururiza kw’ibarabara ku murwa mukuru, Nairobi, igikorwa catumye umukuru w’igisagara asaba imbabazi.

Amasanamu ya sosiso n’amagi biriko birasanzazwa mw’ibarabara yarahanahanywe cane ku mbuga hwaniro.

Abanya-Kenya bagiriza abategetsi kuba ''ibipfamutima'' no ''kutagirira impuhwe'' abantu bisumamwo - muri Kenya bazwi nka Hustlers - bagwana uko bashoboye kugira babeho ku munsi ku munsi, mu gihe c’ubutunzi kigoye cane.

Umukuru w’igihugu Wiliam Ruto yatsinze amatora mu mwaka uheze inyuma yo kwiyamamaza ashira imbere kugwanira inyungu z’aba Hustlers - ni ukuvuga abantu bisumamwo.

Umukuru wa Nairobi, Johnson Sakaja, yarasavye imbabazi avuga ko ivyabaye kuri uwo munsi wa gatatu itariki 18 ukwezi kw'icumi mu gitondo ari ‘’ibintu bibabaje cane’’ yemera ko abategetsi babigizemwo uruhara bose bazofatirwa ingingo.

Yemeye ko umwe wese mu bacuruzi bo kw'ibarabara yari guzoshumbushwa amashiringi ya Kenya 10.000 (ibihumbi hafi 190.000 mu marundi)

''N’aho ata mpapuro zisabwa boba bari bafise… ntibari bakwiye gufatwa gutyo'', niko yavuze.