Urwanda ruvuga ko amatohoza yerekana integuro y'igitero c'ingabo ziri muri Congo ku butaka bwarwo

Ahavuye isanamu, SADC
Reta y'Urwanda yagiriza ihuriro ry'ingabo mvamakungu zirwanira mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, iza leta ya DR Congo n'abarwanyi ba FDLR, ko zariko zitegura gutera ubutaka bwarwo.
Itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'Urwanda bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu rivuga ko amatohoza yakozwe inyuma y'aho M23 ifatiye igisagara ca Goma yerekana ko intego y'ingabo z'uru runani "itari kugarukira ku kurwanya M23 gusa, ahubwo harimwo no gutera Urwanda".
Olivier Nduhungirehe arongoye ubu bushikiranganji yemeza ko muri iki gisagara giherutse kwigarurirwa n'inyeshamba za M23 mu ntango z'indwi iheze hatowe ivyemezo vyerekana integuro y'iki gitero.
Yaba reta ya Congo, iy'Uburundi, canke iri shirahamwe ry'ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y'ubumanuko, nta ruhande na rumwe ruragira ico ruvuga kuri iri tangazo.
Mw'iri tangazo, Nduhungirehe yagiriza reta ya Congo ko itaratezura "ku mugambi wayo wo gutera Urwanda no gukuraho reta iriho", akavuga ko na Perezida Félix Tshisekedi w'ico gihugu adahengeshanya kubivugira ku mugaragaro.
Hagati aho, uno mushikiranganji w'imigenderanire y'Urwanda n'ayandi makungu yamirira kure ivyo ishirahamwe SADC ryagiriza ingabo z'igihugu ciwe ko zakoranye n'inyeshamba za M23 mu gutera ingabo za Congo, iza SADC hamwe n'abasivire mu turere tutari duke muri Kivu ya Ruguru, hari mu nama idasanzwe y'abakuru b'ibihugu bigize iri shirahamwe ku wa 31 Nzero (1) 2025 i Harahe muri Zimbabwe.
Agira ati: "RDF irinda imbibe z'Urwanda kugira ngo ntihagire icohungabanya abanyagihugu, ntihohotera abanyagihugu".
Umushikiranganji Nduhungirehe avuze ibi inyuma y'aho Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi amenyeshereje ko Urwanda ruriko rutegura kuzotera n'Uburundi, aho yabwiye abaserukira ibihugu vyabo muri iki gihugu ko Kigali iriko itegura kandi imenyereza intambara insoresore z'Abarundi bahungiye mu Rwanda kugira ngo bazotere Uburundi.
Uburundi bwararungitse ingabo gufasha reta ya Congo kurwanya imirwi y'inyeshamba igeramiye iki gihugu, harimwo na M23, aho ziri kumwe n'izarungitswe n'ishirahamwe SADC, zizwi nka SAMIDRC, muri iyo ntumbero nyene.
Hagati aho, nticabujije ko M23 ibandanya yigarurira uturere, mbere ikaba iriko itera yagura urwasiro rwayo amaja mu bumanuko, aho amakuru ava mu buseruko bwa Congo avuga ko inyeshamba n'uno muhari ziriko zisugereza igisagara ca Bukavu, umugwa mukuru w'intara ya Kivu y'Epfo.
Mw'iryo koraniro ridasanzwe rya SADC, abategetsi b'ibihugu bihurikiye muri ryo basavye ko hoba "inama rusangi yihuta hagati ya SADC na EAC kugira bige icokorwa ku bijanye n'umutekano muri Congo", icipfuzo gihuye neza na neza n'igiherutse gushikirizwa n'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afika y'Ubuseruko, reta y'Urwanda ikaba icakiriza yompi.
Inyuma y'aho M23 yigaruriye Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru, hari ubwoba ko intambara ishobora kurandaranda mu karere kose, amakungu, harimwo n'ibihugu vya G7, akabandanya asaba uno muhari n'igisirikare c'Urwanda cagirizwa gufata mu mugongo abarwanyi bawo guhagarika ibitero.
Intambara zatumye M23 ishobora gufata Goma zahitanye ingabo 14 za Afrika y'Epfo, zitatu za Malawi hamwe na zibiri za Tanzania, ibihugu bitatu vyarungitse ingabo muri Congo kw'izina rya SADC.
Nta gitigiri gitangwa c'inyeshamba za M23 zaguye muri izi ntambara.













