RD Congo: EAC isaba ko intambara ihagarara, M23 yoyo ibandanya isatira

Ahavuye isanamu, State House Kenya @StateHouseKenya
Inama idasanzwe y'abakuru b'ibihugu vy'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko (EAC) isaba ko intambara iriko ibera muri Repubulika ya Demokrasi ya Congo ihagarara "vuba bwango kandi ata kirinze gusabwa", hakaba ibiganiro hagati y'impande zose zihanganye kugira ngo haboneke umuti w'indyane.
Iyi nama y'ejo ku wa gatatu yatumweko na Perezida william Ruto wa Kenya asanzwe arongoye EAC muri iki gihe, yabaye hifashishijwe ubuhinga bwa none, yari iyo kurabira hamwe ingene icuka kibi kiri mu buseruko bwa Congo corangira.
Itangazo ryasohowe inyuma y'iyi nama rivuga ko abakuru b'ibihugu vya EAC basaba bashimitse reta ya RD Congo kugiriranira "ibiganiro bitaziguye n'abo bose bafise uruhara muri iyi ntambara, harimwo umuhari M23 n'iyindi mirwi yose ifise ivyo isaba".
Mu gihe reta ya Congo ivuga ko idashobora kuganira n'umuhari M23 ivuga ko ari igikoresho c'Urwanda, utwigoro twose tumaze gukorwa mu ntumbero yo guhagarika iyi ntambara ntaco turigera dushikako.
Hagati aho, Perezida Felix Tshisekedi wa Congo ntiyitavye iyi nama yari gutuma ahura na mugenziwe w'Urwanda Paul Kagame basanzwe barabana urunuka kubera iyi ntambara.
Hari amanama atari make yagiye aba, yahuza abakuru b'ibihugu vy'akarere, arimwo ayabereye i Luanda muri Angola, i Washington muri Amerika, i Bujumbura mu Burundi, i Addis-Abeba muri Ethiopia, hamwe n'i Nairobi muri Kenya, aho hose bagenda bafata imyanzuro yo guhagarika iyi ntambara, ariko nta cigeze gihunduka ku rubuga rw'intambara.
Aba bakuru b'ibihugu vya EAC basaba kandi Perezida Ruto kuvugana n'umukuru wa SADC, ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vya Afrika y'ubumanuko, kubera ko "na ryo nyene rifise uruhara mu buseruko bwa Congo", kugira ngo bategure inama rusangi yihuta hagati y'aya mashirahamwe abiri kuri iki kibazo nyene mu misi mike iri imbere.
Repubulika ya Demokarasi ya Congo ni umunywanyi w'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko kuva muri Ntwarante (3) 2022, ikaba yari yinjiye ifise icizere ko ryari gufasha iki gihugu kurwanya M23 yari imaze amezi make ivyuye intambara gushasha.
Hagati aho, ingabo za EAC zari zarungitswe muri Ruheshi (6) 2022 vyabaye ngombwa ko zitahukanwa mu mpera za 2023, kubera reta ya Congo yazagirije ko ataco zariko zirayifasha mu kurwanya M23.
Zaciye zisubirirwa n'iza SADC kuva mu ntango ya 2024, zifise uburenganzira bwo kurwana n'inyeshamba za M23, ingendo itandukanye n'iya EAC yoyo yavuga ko kwari ukuja hagati y'impande zihanganye.
Ibihugu vya Afrika y'Epfo, Tanzania na Malawi ni vyo vyarungitse ingabo kw'izina ry'iri shirahamwe, Congo ikaba kandi ari umunywanyi waryo, ariko ntaco zashoboye gushikako mu kuzibira M23 iherutse kwigarurira umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, Goma, inyuma y'ibindi bisagara yagiye yigarurira muri iyo ntara.
M23 ibandanya yagura akarere
Amakuru ava mu buseruko bwa Congo avuga ko ubu inyeshamba za M23 zibandanya zitera intambwe ku rwasiro amaja mu bumanuko kandi ko ata wuzitangira.
Zigomba gusatira igisagara kigira kabiri, Bukavu, umugwa mukuru w'intara ya Kivu y'Epfo, aho ingabo za reta ya Congo zivugwa ko zashinze ibirindiro vyo guhangana nazo hafi y'iki gisagara.
Perezida Tshisekedi yiyemeje ko ategerezwa gukora igitero gikomeye co kwivuna, akagiriza amakungu ko ataco ariko arakora kugira ngo ahagarike M23.
Ishirahamwe ONU, Ubumwe bwa Bulaya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubushinwa, bisaba reta y'Urwanda gukura ingabo zayo muri ako karere.
Amakungu yagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo M23 mu kuyiha ibikoresho n'abarwanyi, ivyo reta y'iki gihugu idahakana kandi ntivyemeze, ikagiriza reta ya Congo ko ihaye indaro kandi ikanafasha inyeshamba z'umuhari FDLR urwanya reta ya Kigali.
Hagati aho, Vincent Karega aserukira Urwanda mu karere k'ibiyaga binini yabwiye BBC ko M23 ishobora kutagarukira muri ko gace konyene k'ubuseruko bwa Congo, akavuga ko ishobora kugerageza kubandanya isatira gushika no ku mugwa mukuru Kinshasa.










