RD Congo: Inzira nyayo yo guhora Cirimwami ni ukwomora abansi baduteye – umuvugizi wa FARDC

Cirimwami yagize uruhara rukomeye mu gutuma haba ugukorana hagati y'ingabo z'igihugu n'imihari ishigikiye reta mu kurwanya M23

Ahavuye isanamu, FARDC

Insiguro y'isanamu, Cirimwami yagize uruhara rukomeye mu gutuma haba ugukorana hagati y'ingabo z'igihugu n'imihari ishigikiye reta mu kurwanya M23

Umuvugizi w'igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo, atera akamo ingabo zose n'abarwanyi bafashanya mu ntambara n'inyeshamba za M23 ko ari ngombwa gutuza "umwansi aho yinyegeje hose" nk'imwe mu nzira ibereye yo guhora buramatari w'intara ya Kivu ya Ruguru, jenerali majoro Peter Cirimwami Nkuba aherutse kwicwa.

Mw'itangazo yashikirije inyuma y'umubonano w'Inama nkuru y'igihugu ijejwe umutekano yari irongowe na Perezida Felix Tshisekedi ejo ku wa gatanu ku kibazo c'umutekano muke urangwa mu buseruko bw'igihugu, Jenerali Sylvain Ekenge yahaye igisirikare n'abarwanyi b'umurwi uzwi nka Wazelendo basanzwe bafashe mu mugongo ingabo mu rugamba rwo kurwanya inyeshamba za M23 ubutumwa butomoye.

Ati: "Inzira nyayo yo guhora Cirimwami ni ukwirukana aba bansi no kubohoza uturere twose bigaruriye gushika ubu. Iri ni ibanga, ni inshingano, kandi ni igikorwa co gukunda igihugu".

Jenerali Ekenge asigura ko Cirimwami "yakomeretse, hanyuma akanyarukanwa i Kinshasa kugira ngo arungikwe kuvurirwa hanze y'igihugu mu buryo bubereye, ariko ku gihamana kibi akaba yahavuye asandaba azize ibikomere".

Cirimwami azwi ko yagize uruhara rukomeye mu gutuma haba ugukorana hagati y'igisirikare ca reta n'imihari ikorana naco mu kurwanya inyeshamba nka M23, inyuma yo kugenwa mu 2023 nka buramatari w'intara ya Kivu ya Ruguru igeramiwe n'imihari y'inyeshamba, cane cane M23.

Jenerali Ekenge yavuze ko, muri iyo nama, "kizigenza mukuru w'intwaramiheto [Perezida Tshisekedi] yatanze itegeko rikomeye kugira ngo umwansi yaduteye yomorwe aho yinyegeje hose, atsindwe, yirukanwe mu micungararo ya Goma kandi atuzwe gushika uturere twose yigaruriye tubohojwe".

Umuhari M23 umaze imyaka irenga itatu usubiriye gutanguza intambara mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, aho umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara ya Kivu ya Ruguru.

Uko ibintu bimeze gushika ubu, hari ubwoba ko hashobora kwaduka intambara y'akarere kose inyuma y'aho uno murwi ugereye mu gisagara ca Sake kiri ku birometero vyababa 20 mu burengero bw'umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, Goma, igisagara M23 iherutse kuvuga ko yipfuza kwigarurira.

Ni inyuma kandi y'aho mu ntango z'ino ndwi, uno muhari bivugwa ko ushigikiwe n'Urwanda wigaruriye igisagara ca Minova kiri mu ntara ya Kivu y'Epfo, ku birometero vyababa 40 uvuye i Goma.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hagati aho, reta ya Congo isaba inama yihuta y'akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi kugira ngo yige ikibazo kirangwa mu buseruko bw'iki gihugu.

Aho asanzwe ari ku cicaro c'ishirahamwe ONU i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Thérèse Kayikwamba Wagner, umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, yavuze ko ingorane zirangwa mu buseruko bw'igihugu iterwa ahanini n'uko Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano "yigize sindabibazwa nubwo zizwi ku rwego mpuzamakungu kandi hakaba hari n'ivyemezo vyerakana neza ko Urwanda ruri ku butaka bwa Congo".

Mu mibonano agenda agirana n'abategetsi batari bake, umushikiranganji Kayikwamba agenda yerekana ingene Inama Nkuru ya ONU yafashe ingendo yo kwizimagiza imbere y'ingorane ihanze igihugu ciwe be n'uruhara rw'Urwanda, agasaba ko rufatirwa ingingo.

Mu mubonano wiwe na Fu Cong aserukira Ubushinwa muri ONU, Kayikwamba yamubwiye ati: "Repubulika ya Demokarasi ya Congo ntishobora kubandanya yihanganira amajambo gusa, isaba ko Inama Nkuru ifata ibihano bikomeye".

Ku ruhande rwawo, umuryango w'Ubumwe bwa Bulaya uvuga ko urajwe ishinga n'ingene ibintu bimeze, vyunyuwe "n'igitero gishasha ca M23 ifashwe mu mugongo n'igisirikare c'Urwanda", ukavuga ko ibi "bibangamira utwigoro tw'Ubumwe bwa Afrika two gutorera umuti izi ndanye biciye mu mahoro".

Mw'itangazo bwasohoye kuri uno wa 25 Nzero (1), Ubumwe bwa Bulaya (EU/UE) buvuga ko budashobora kwihanganira "ukungene M23 ibandanya itera intambwe mu guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara".

Mu gihe M23 igabisha ko yipfuza gufata igisagara ca Goma, Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko ibi bidashobora kwihanganirwa, bugasaba uno muhari guhagarika ibitero vyawo vuba bwango ugasubira inyuma.

Ubumwe bwa Bulaya busaba Urwanda guhagarika ubufasha bwarwo ruha M23 rugatahukana ingabo zarwo, bugasaba kandi na reta ya RD Congo guhagarika ugukorana n'inyeshamba z'umuhari FDLR urwanya reta ya Kigali.

Iri tangazo rigira riti: "EU iriyamiriza yivuye inyuma igisirikare c'Urwanda ku butaka bwa Congo mu buryo bugaragara ko ari ihonyangwa ry'amategeko mpuzamakungu, amasezerano ya ONU, n'ubusugire bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

"EU isaba RDC guhagarika gukorana n'umuhari FDLR hamwe n'iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho".

Ubumwe bwa Bulaya buvuga kandi ko bushigikiye bwivuye inyuma MONUSCO, ubutumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro n'umutekano muri ico gihugu, bukibutsa ko igitero ico ari co cose ku ngabo za ONU kigashobora kwihanganirwa na gato.

MONUSCO ifashe mu mungo FARDC na SAMIDRC

Ingabo za Monusco zivuga ko zibandanya gufata mu mugongo igisirikare ca reta ya Kinshasa mu bikorwa vyaco vyo kuzibira umuhari M23 ubandanya wiyagurira akarere.

Mw'itangazo yaraye isohoye, Monusco ivuga ko ku wa kane no ku wa gatanu yateye ibirindiro vya M23 mu gisagara ca Sake ikoresheje ibikoho bikomakomeye, kandi ko "iriko irasubiza ingabo zayo mu bibanza bikomakomeye mu ntumbero yo gutsimbataza ibirindiro vyo kwivuna hagati no mu micungararo ya Goma".

Ribandanya rigira riti: "Ubu butumwa kandi burakorana n'igisirikare ca Congo mu marondo rusangi ku murango no mw'ijoro kandi bwarafashije mw'irungikwa ry'ibirwanisho bikomakomeye na za kajugujugu z'intambara vy'igisirikare ca Congo, mu gusambura ibikoresho vya M23".

Monusco ivuga kandi ko ingabo zayo zidasanzwe (Forces de réaction rapide, QRF), "zagize uruhara rukomeye mu ntambara z'urutavanako, zikaba zarerekanye ubutwari n'ubuhinga" mu gisagara ca Sake, aho nk'uko iri tangazo ribandanya ribivuga, "ingabo za ONU zitanu zakomeretse kuri uyu wa gatanu, mu gihe abandi bane bakomeretse bukebuke ku wa kane".

Monusco ivuga kandi ko ifasha ingabo z'ibihugu vy'ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'ubumanuko SAMIDRC zarungitswe gufasha igisirikare ca DR Congo, mu bijanye n'ubuvuzi n'ibikoresho.

Monusco ishimangira akama katewe n'umunyamabanga mukuru wa ONU kuri M23 ayisaba "guhagarika ibitero vyayo kandi ikava mu turere yigaruriye nk'uko biri mu masezerano yo guhagarika intambara yo ku wa 31 Mukakaro (7) 2024".

Itera akamo impande zompi gusubira ku meza y'ibiganiro kugira ngo batorere umuti urama izi ndyane zimaze gutuma ibihumbi n'ibihumbi bata izabo.

Umuhari M23 ni wo muhari ugeramiye reta ya RD Congo mu buseruko bw'igihugu, aho kuva mu mpera za 2021 igihe watanguriyeko iyi ntambara nshasha, umaze kwigarurira uturere tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru, ubu naho ukaba uriko utera uja mu ntara ya Kivu y'Epfo.

Reta ya Congo ibandanya ishimangira ko yatewe n'Urwanda rwihishiije inyuma ya M23, aho n'ivyemezo vya ONU vyagirizwa iki gihugu ko carungitse ingabo zababa ibihumbi bine muri Congo kurwana ku ruhande rwa M23.

Urwanda na rwo rwagiriza Congo gukorana n'umuhari FDLR urwanya reta y'Urwanda, ugizwe n'abagirizwa ko bishe abantu muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, kandi biboneka ko ari co gituma reta ya Paul Kagame idahakana ko ifise ingabo muri iki gihugu gitunze ubutare bwinshi.

Avuga kuri iki kibazo mu birori vyo kwifurizanya umwaka mushasha n'abaserukira ibihugu vyabo n'amashirahamwe mpuzamakungu bakorera mu Rwanda mu ndwi iheze, Perezida Kagame ntiyabihakanye canke ngo avyemeze, ahubwo yababwiye ati:

''Imbere y'uko munibaza ico kibazo, mwosigura igituma FDLR iri muri Congo n'igituma ishigikiwe na reta ya Congo?''

Iki ni naco gituma utwigoro twose tw'ibiganiro, nubwo ataco turashobora gushikako, ari utwo guhuza reta ya Congo hamwe na reta y'Urwanda.

Ibaganiro bihagarariwe na Angola hagati y'Urwanda na Congo mu mpera z'umwaka uheze vyari vyitezwe ko bishika ku masezerano y'amahoro akemezwa n'abakuru b'ivyo bihugu ariko inama yabo yari kubera Luanda ica irasiba ku munota wa nyuma.

Urwanda rwavuze ko ataco yari kuba imaze mu gihe reta ya Congo yarahiye ikarengwa ko idashobora kuvugana na M23.