Ibihugu bigize umugwi wa G7 bisaba umuhari wa M23 kuva mu turere twose umaze kwigarurira muri DRC

Ababendera y'ibihugu bigize umugwi G7

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibihugu vya Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubwongereza, Reta zunze Ubumwe za Amerika hamwe n'Ubumwe bwa Buraya bariyamiriza ibitero vy'umuhari M23 ushigikiwe n'Urwanda mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, na cane cane ifatwa rya Minova, Sake na Goma.

Mw'itangazo ry'abashikiranganji b'imigenderanire b'ivyo bihugu bitunze cane kw'isi bigize umugwi wa G7, bagira bati:"Dusavye M23 hamwe n'igisirikare c'Urwanda, RDF, gahagarika kugira ibitero mu mpande zose.

"Duteye akamo ko gukingira vyihuta abasivire."

Ivyo bihugu vyasavye kandi guhagarika imfashanyo iyo ari yo yose ihabwa M23 hamwe n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho iri muri Congo.

Vyongerako ko "ivyo bitero ari ugusuzugura vyeruye ubwigenge no kuvogera ubutaka bwa Congo."

G7 ikaba itera ivyatsi umugambi w'umuhari wa M23 wo kubandanya kwigarurira utundi turere mu ntara ya Kivu y'Epfo.

Inkuru zivuga ko abagwanyi ba M23 ubu bariko baragaba igisagara ca Bukavu, umugwa mukuru w'intara ya Kivu y'Epfo.

Ibitero vya M23 biheruka vyatumye igitigiri c'abasivire bataye izabo ciyongera biteye ubwoba i Goma hamwe no hirya no hino mu buseruko bwa Congo, ku bihumbi amajana n'amajana b'abari bamaze guta izabo kuva M23 itanguye ivyo bitero mu kwezi kwa Nzero(1).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umugwi wa G7 uvuga "turiyamirije ingaruka mbi ziturutse ku bitero bishasha vya M23 n'ingabo z'Urwanda, zije guhuhura ivyahuha ku kaga abantu bari basanzwemwo."

Urwanda ruguma ruhakana ko ata ngabo rufise muri Congo.

Abashikiranganji b'imigenderanire b'ivyo bihugu bigize umugwi wa G7 bateye akamo ko haba inzira yihuta kandi ikingiwe yo gushikiriza imfashanyo abasivire kandi ko abakozi bajejwe gutanga imfashanyo bategerezwa gukingirwa.

Ivyo bihugu 7 bitunze kurusha ibindi kw'isi vyongeyeko "duhamagariye impande zose gusubira ku meza y'ibiganiro no gushira mu bikorwa ivyo biyemeje mu biganiro vya Luanda.

"Dusavye M23 kuva mu bibanza vyose yigaruriye.

"Dusavye kandi impande zose kwemera ibiganiro vy'amahoro no gutora inyishu y'iyo ntambara biciye mu biganiro."

Ivyo bihugu vyavuze ko bishigikiye vyivuye inyuma MONUSCO mu gikorwa co gukingira abasivire no kugarukana amahoro muri ako karere, binahamagarira impande zose kwubahiriza ubutumwa bwabo.

Iryo tangazo ryibukije ko "ibitero vyose vyokorwa ku ngabo za Onu zagiye kubungabunga amahoro bidashobora kwihanganirwa.

"Turiyamirije ibitero vyose vyagizwe ku buserukizi bw'ibihugu i Kinshasa. Duhamagariye abategetsi ba Congo gufata ingingo zose zikenewe mu gukingira izo nyubakwa kuko biri mu nshingano zabo nk'uko biri mu mategeko mpuzamakungu," uko ni ko iryo tangazo ribandanya rivuga.

Abashikiranganji b'imigenderanire b'umugwi G7 bahojeje imiryango y'abasirikare ba Onu bishwe bari mu butumwa bwa MONUSCO na SAMIDRC muri Congo.