Umucangero wa Romania ati: 'Uburongozi bubi mu gisirikare muri Congo bwatumye bagenzanje batsindwa'

Abacangero ba romania

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Ian Wafula
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu vyo umutekano

Iyi ni indwi imaramaje ku bacangero hafi 300 b'Abanya-Romania bajanywe muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo kugira ngo bafashe reta mu ntambara irimwo.

Ukwishikana kwabo inyuma y'igitero c'izi nyeshamba co gufata Goma kwarangije indoto y'abandi bari biyandikishije kugira ngo baje kuyora igifyo c'amadorari muri Congo.

BBC yashoboye kubona amasezerano yerekana ko aba bacangero bahora bahembwa ku kwezi amadorari y'Abanyamerika 5.000, ni ukuvuga imiriyoni zababa 15 mu mafaranga y'amarundi, mu gihe umusirikare asanzwe wa Congo ahembwa amadorari y'Abanyamerika yababa 100, mbere rimwe na rimwe bigashika nta nahembwe.

Aba banya-Romania bazanye kugira ngo bafashe igisirikare ca Congo kurwanya umuhari M23 ufashwe mu mugongo n'Urwanda, uvuga ko urwanira uburenganzira bw'inkehwa z'Abatutsi muri ico gihugu.

Igihe igitero co gufata Goma catangura mw'ijoro ryo ku wa Mungu, vyabaye ngombwa ko aba banya-Romania basaba ubuhungiro ku kigo c'ingabo za ONU.

Constantin Timofti, avugwa ko ari umuhuzabikorwa w'aba bacangero, yabwiye imboneshakure TVR yo muri Romania ku wa mbere ati: "Inyeshamba za M23 zari zishigikiwe n'ingabo z'Urwanda kandi zifise ibirwanisho karuhariwe vya none biva muri iki gihugu, zikaba zarashoboye gushika ku birindiro vyacu mu micungararo ya Goma.

"Igisirikare c'igihugu caramaniste amaboko bica biba ngombwa ko dukura akarenge".

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Romania bujejwe imigenderanire Andrei Țărnea yabwiye BBC ko hakurikiye ibiganiro "bigoye" vyatumye M23 ishikiriza Urwanda aba banya-Romania – abarwanyi avuga ko bahawe akazi na reta ya Congo ku giti cabo ko kwigisha igisirikare c'iki gihugu.

Goma iri neza na neza ku rubibe Congo ihana n'Urwanda – abanyamakuru bakaba bafashe amashusho y'aba bacangero igihe bariko barajabuka, bishikana ku bajejwe umutekano b'Urwanda na bo babasaka bongera basaka n'ivyo bari bafise.

Imbere yo kujabuka, amashusho yafashwe hakoreshejwe terefone yerekana Willy Ngoma umuvugizi wa gisirikare wa M23 ariko akankamira umwe muri aba banya-Romania mu gifaransa, amutegeka kwicara hasi, kunyuranya amaguru no gushika amaboko ku mutwe.

Yamubajije kahise kiwe mu vya gisirikare – aho yishuye ko yari mu ngabo zidasanzwe z'Ubufaransa ziri mu mahanga, ikizwi nka Légion étrangère.

"Baguhaye umushahara w'amadolari 8.000 ku kwezi, urya neza", niko Ngoma amukankamira avuga, mu kwerekana ubu budasa hagati y'uno mushahara uhabwa aba bacangero n'umushahara uhabwa umusirikare asanzwe wa reta.

Amugabisha ati: "Turiko turwanira kazoza kacu. Ntimuzogaruke ngaha ngo muje kurondera ivyo murondera".

Abacangero barakorana cane n'igisirikare ca Congo - aha bakaba bari mu buraruko bushira uburengero bwa Goma mu ntango z'uku kwa mbere

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abacangero barakorana cane n'igisirikare ca Congo - aha bakaba bari mu buraruko bushira uburengero bwa Goma mu ntango z'uku kwa mbere
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nta wuzi aho Ngoma yakuye iki giharuro c'amadorari 8000, ariko urupapuro rw'amasezerano BBC yeretswe n'uwahoze ari umucangero wa Romania muri Gitugutu (10), yerekana mw'ido n'ido ko "umushahara w'ibanga cane" w'intwazangabo nkuru nkuru uhera ku madolari 5.000 ku kwezi mu gihe ari ku kazi, hamwe n'amadolari 3.000 mu gihe ari mu karuhuko.

Aya masezerano yerekana "igihe [c'akazi] kitagira iherezo", aho aba bacangero bategerezwa gufata akaruhuko k'ukwezi kumwe uko amezi atatu aheze.

Narahuye n'uwahoze ari umucangero ku mugwa mukuru wa Romania, Bucarest, iyo nari nagiye gutohoza kuri Asociatia RALF, umurwi abahinga ba ONU bavuga ko ari ishirahamwe ryo muri Romania rigizwe "n'abanya-Romania bahoze ari ingabo zidasanzwe z'Ubufaransa zikorera mu mahanga".

Rirongowe na Horațiu Potra, umunya-Romania avuga ko ari umwigisha wa gisirikare.

Igihe nari i Goma mu kwa gatandatu, nariboneye aba bacangero ku mabariyeri no ku birindiro bari barungitsweko mu micungararo y'iki gisagara, kandi bakorana n'igisirikare vya hafi cane.

Mu myaka itatu iheze, abandi bavuga ko bababonye bariko bunguruza ingabo za Congo mu mamodoka ya gisirikare.

Horațiu Potra yari afise uruhara rukomeye mu kwigisha ingabo za Congo

Ahavuye isanamu, Horațiu Potra

Insiguro y'isanamu, Horațiu Potra yari afise uruhara rukomeye mu kwigisha ingabo za Congo

Fiston Mahamba ari mu bashinze Congo Check, urubuga ngurukanabumenyi rwo kurwanya amakuru y'ibinyoma, yabwiye BBC ati: "Igihe bashika, bose babita Abarusiya.

"Nibaza ko ibi vyari bifitaniye isano n'umurwi w'abacangero b'Abarusiya, Wagner, ukorera mu bihugu bitari bike vya Afrika".

Mu bisanzwe, Asociatia RALF na yo nyene ishobora kuba ikorera muri Afrika – amasezerano yayo avuga ko ifise "ibibanza vyo gukoreramwo", harimwo "Burkina Faso, Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Côte d'Ivoire, Niger, Senegal, Sierra Leone, Gambia na Guinea".

Abahinga ba ONU bavuga ko amakompanyi abiri ya gisirikare y'abigenga yazanywe na Congo kugira ngo akomeze igisirikare cayo mu 2022, akanya gato M23 inyuma y'aho yiyegeranije igasubira gutanguza intambara, igenda ifata uturere dutandukanye muri Kivu ya Ruguru.

Iyi ntara imaze imyaka mirongo irangwamwo umutekano muke kubera imirwi y'inyeshamba itari mike iharangwa, ironka amahera mu kugurisha amabuye yayo y'agaciro nk'inzahabu na coltan - ubutare bukoreshwa mu guhingura amabateri y'imodoka zikoresha umuyagankuba hamwe n'amaterefone.

Ikompanyi ya mbere yari Agemira RDC, irongowe na Olivier Bazin, umukongomani yamuka mu Bufaransa. Abahinga bavuga ko iyi kompanyi yakoresha abanya-Bulgaria, abanya-Bielorussie, abanya-Georgia, abanya-Algeria, Abafaransa n'Abakongomani.

Iyi kompanyi yahawe akazi ko kunagura no kwongereza uburyo bw'igisirikare ca Congo kirwanira mu kirere, gusanura ibibuga vy'indege no gukomeza umutekano w'indege n'ibindi bibanza nyamukuru.

Amasezerano agira kabiri ni ayahuje Congo Protection, ikomanyi yo muri Congo yaserukiwe na Thierry Kongolo, be na Asociatia RALF.

Nk'uko bivugwa n'abahinga ba ONU, aya masezerano yasigura ko Asociatia RALF yari ifise ubuhinga n'uburambe mu bijanye n'ibikorwa vy'umutekano.

Yategerezwa guha ingabo za Congo ziri ku rubuga inyigisho ikoresheje abigisha 300, benshi muri bo bakaba ari abanya-Romania.

Igihe navugana na Potra muri Mukakaro (7) ku bijanye n'ingene uno murwi ukorera ku rubuga no kumenya nimba waragize uruhara mu ntambara, yagize ati: "Dutegerezwa kwivuna. M23 iduteye, ntivuga ngo: 'Oh, mwebwe muri abigisha gusa – ni mutahe'".

Potra yarakoreye cane muri Congo iyo yari yarungitswe gushika mu mezi make aheze, igihe yasubira muri Romania – kuva ico gihe akaba yarateje impari mw'ihagarikwa ry'amatora muri ico gihugu.

Yarahagaritswe mu buryo buteye ubwoba muri Kigarama (12), kuva ico gihe akaba yagumye ahakana ibirego yagirizwa vyo gucungera umutekano wa Călin Georgescu, umukandida agendera ku mico ya kera kandi ashigikiye Uburusiya. Kuva muri Gitugutu, yaranse kwitaba igihe cose BBC yamuhamagaye.

Uno yahoze ari umucangero, w'imyaka yababa 50, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana igihe yavugana na BBC, yavuze ko yari yatanze imihoho kubera atari yishimiye ingene Asociatia RALF yariko irakora.

Avuga ko abanya-Romania bakora ibikorwa birenze ku rubuga mu ntara ya Kivu ya Ruguru, aho agira ati: "Bake cane muri twebwe ni bo batanga inyigisho.

"Twakora amasaha maremare gushika kuri 12, ducungereye ibibanza nyamukuru hanze ya Goma".

Abandanya avuga ko umushahara bahembwa utari ujanye n'ingorane aba bacangero ba gisirikare basanga bitayemwo.

Ati: "Twakorera mu kajagari, kandi mu buryo bubi cane. Abanya-Romania bakwiye guheba kujayo kubera ari ukwita mu kaga".

Yavuze kandi ko umwihwezo kuri kahise k'umuntu utakorwa uko bikwiriye kandi ko bamwe mu binjizwa ata nyigisho na nkeya za gisirikare bari bafise – agatanga akarorero k'umwe mu bo yakoranye na bo yahoze akora mu kigo kijejwe kuzimya imiriro.

Reta ya Congo ntiyishuye ku kibazo yabajijwe ku bijanye no kwihweza kahise k'aba bacangero mu vya gisirikare, canke ku cerekeye ubu budasa hagati y'aba bacangero n'ingabo zisanzwe mu gisirikare ca Congo.

Umuryango wa Vasile Badea, umwe mu banya-Romania bishwe mu kwa kabiri kw'umwaka uheze igihe M23 yatega umutego ingabo zariko zija i Sake, hafi ya Goma, wabwiye BBC ko yahoze ari umupolisi.

Uno mucangero w'imyaka 46 yari yasavye akanya ko guhagarika akazi kiwe mu gihe gito (mise en dispinibilité) hanyuma aca aja gukorera muri Congo kubera umushahara munini yari yemerewe.

Uno mupolisi ntiyari yorohewe no kuriha inzu yari aherutse gufata, rero bikaba vyari ngombwa ko arondera amahera.

Igihe yicirwa muri Congo mu mwaka uheze, Vasile Badea yari yasavye akanya ko guhagarika akazi kiwe k'igipolisi mu gihe gito kugira ngo aje gukorera umushahara utubutse

Ahavuye isanamu, Umuryango wa Vasile Badea

Insiguro y'isanamu, Igihe yicirwa muri Congo mu mwaka uheze, Vasile Badea yari yasavye akanya ko guhagarika akazi kiwe k'igipolisi mu gihe gito kugira ngo aje gukorera umushahara utubutse

Abanya-Romania batari bake barakwegakwezwe bemerewe akazi gahemba neza.

Narahuye n'umugabo umwe muri Gitugutu i Bucarest, yari yasubiye mu gihugu kurondera abandi barwanyi yotwara i Goma. Yari afise kahise mu vya gisirikare mbere akaba yari yarakoreye muri Afghanistan kw'izina rya OTAN/NATO ari mu gisirikare ca Romania.

Yabwiye BBC ati: "Turi mu bikorwa vyinshi vyo kugerageza kurondera abantu 800 bakeneye gutegurwa mu mutwe kugira ngo baje muri aka kazi kandi bazi kurwana".

Yavuze ko atakorera Asociatia RALF, ariko yaranse kuvuga ikompanyi yakorera.

Yasiguye ati: "Abinjizwa bazoshirwa mu bibanza bijanye n'ubumenyi bwabo, aho bazohembwa hagati ya 400$-na 550$ ku musi".

Ndamubajije ingene babatora, yashimangiye ko ari ibanga.

"Ubuzi nk'ubu nta na hamwe butangazwa", ni ko yavuze, aho yongeyeko ko imihora nka WhatsApp yari yo myiza.

Yanyeretse umurwi umwe wa WhatsApp aho abanya-Romania barenga 300 bari biyandikishije, benshi muri bo bakaba ari abahoze mu gisirikare.

Muri Ruheshi (6) umwaka uheze, Yolande Makolo avugira reta y'Urwanda yaraneguye bikomeye irungikwa ry'abacangero mu buseruko bwa Congo, aho yavuze ko kwari uguhonyanga amasezerano ya Genève abuza ikoreshwa ry'abarwanyi b'abacangero.

Mu kwishura, umuvugizi wa reta ya Congo, Patrick Muyaya, yariyamirije ivyo yise imyidogo y'Urwanda idahera.

Yabwiye BBC ati: "Turafise abigisha bakeya baje kwigisha ingabo zacu kubera tuzi ko turi muri ibi bihe bitoroshe".

Abasirikare ba Congo bahembwa hafi 100$ - umwe muri bo akaba yabwiye BBC ko bishika kenshi bagateba guhembwa canke ntibanahembwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Congo bahembwa hafi 100$ - umwe muri bo akaba yabwiye BBC ko bishika kenshi bagateba guhembwa canke ntibanahembwe

Ariko umusirikare wa Congo twahuye muri Ruheshi umwaka uheze yavuze ko yari ababajwe n'ingene igisirikare cariko gikora.

Abanje gusaba ko izina ryiwe ritomenyekana, yabwiye BBC ati: "Ntiduhembwa umushahara ukwiye. Iyo hageze kuja kurwana, ni twebwe turungikwa ubwa mbere ku rubuga rw'intambara.

"Bobo [aba bacangero] baza gusa nko gufasha".

Yaremeje ko yari yandikiwe umushahara wababa 100$ ku kwezi ariko ko kenshi wateba canke naho ntunaboneke.

Haciye indwi imwe gusa mvuganye na we ubwa nyuma, aho yemeje ko yari akiri i Kibati, hafi y'i Goma, ahari ikigo ca gisirikare.

"Ibintu bimeze nabi cane", ni ko yambwiye mu butumwa bw'ijwi yandungikiye.

Kuva ico gihe sinasubiye kumuronka – kandi kuva ico gihe iki kigo ca Kibati carigaruriwe na M23 aho abasirikare benshi bishwe, harimwo n'umukomanda wiwe.

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ukungene Goma yafashwe mu kanya isase vyerekana igihengeri kiri mu gisirikare ca Congo, aho ugukorera mu kajagari kw'ingabo n'uburyo budatomoye abahagararira urugamba bakoramwo vyahaye akaryo keza M23.

Richard Moncrief, ahagarariye ishirahamwe International Crisis Group mu karere k'ibiyaga binini, avuga ko hampande y'abacangero, igisirikare ca Congo gikorana n'ingabo za SADC, abarwanyi bazwi nka Wazalendo, hamwe kandi n'abasirikare b'Abarundi.

Yabwiye BBC ati: "Ibi bituma ata bitero mushobora gutegura, kuko usanga haba ukwinjiriranira mu mabanga no mu kurongora urugamba.

"Nibaza ko ari nkenerwa cane gukorera hamwe mu bikorwa vya gisirikare muri Kivu ya Ruguru, kumbure hakabamwo ukugabanya ibitigiri vy'imirwi yitwaje ibirwanisho canke vy'ibihugu birungika ingabo ku rubuga".

Kuri urya yahoze ari umucangero, ivyashikiye abanya-Romania yahoze akorana na bo ntibitangaje.

"Ubutegetsi bubi mu gisirikare butuma mutsindwa", ni ko yabwiye BBC.