Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Benshi bashigikiye Zelensky inyuma yo kwitwa na Trump umutegetsi atatowe
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yashigikiye Volodymyr Zelensky nk'''umukuru w'igihugu yatowe mu nzira ya demokarasi'' inyuma y'aho Donald Trump avugiye ko prezida wa UKraine ari ''umutegetsi atatowe.''
Sir Keir yahamagaye Zelensky ku wa gatatu ku mugoroba aca amubwira ko ''vyumvikana neza'' kuba Ukraine ''yarahagaritse amatora mu bihe vy'intambara nk'uko Ubwongereza bwabigize mu gihe c'Intambara ya Kabiri y'Isi'', nk'uko ibiro vyiwe (Downing Street) vyavuze.
Perezida wa Amerika imbere y'aho yari yaneguye Zelensky, avuga ko yakoze ''igikorwa kibi cane'' aca avuga ko ''yanka ko haba amatora'' muri Ukraine.
Ikiringo c'imyaka itanu ca Zelensky cari kurangira mu kwezi kwa gatanu mu 2024, ariko amatora yaciye aba arahagaritswe kuva hatangajwe amategeko y'igihugu kiri mu ntambara inyuma y'aho Uburusiya butereye.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza azoja i Washington mu ndwi iza mu mubonano wiwe w'imbonankubone wa mbere na Trump.
Ivyavuzwe na Trump vyaraneguwe cane hirya no hino kw'isi - harimwo n'umushikiranganji wa mbere wa Swede n'uw'Ubudagi Olaf Scholz, yavuze ko ''atari vyo kandi bibangamye''.
Uwahoze ari icegera ca Trump, Mike Pence, nawe nyene yaraneguye ivyo Trump yavuze, yandika kuri X ati: ''Nyakwubahwa Perezida, Ukraine 'ntiyatanguye' iyo ntambara. Uburusiya nibwo bwagavye budasomborokejwe igitero kiriko kirahitana ubuzima bw'abantu ibihumbi.''
Indongozi y'aba 'conservateurs' mu Bwongereza Kemi Badenoch nawe yagwaniye umukuru wa Ukraine, yandika kuri X ko Zelensky ''ari umutegetsi wa Ukraine yatowe biciye mu nzira ya demokarasi yagwanije n'ubutwari igitero ca Putin giciye kubiri n'amategeko''.
Ariko Badenoch yavuze ko Trump ivyo avuga ''vy'uko Uburaya bukeneye gukura amaboko mu mpuzu'' aca asaba Sir Keir gufata indege akaja Washington kugira yerekane uburongozi''.
Uwo mu ruhande rw'aba Liberal Democrat Sir Ed Davey yavuze ko kwita Zelensky uwutatowe ''bitegerezwa kuba aho umurongo utegerezwa kugarukira'' aca yizera ko ''abanyaporitike iyo bava bakagera ... bazovuga mw'ijwi rimwe kugira biyamirize ibinyoma vya Trump''.
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'umu 'conservateur' Boris Johnson yanditse kuri X ati: ''nivyo cane Ukraine ntiyatanguye iyo ntambara''.
''Ivyo Trump avuga ntibigenewe kuba vyo ukurikije kahise ahubwo [bigenewe] gushegesha Abanyaburaya kugira hagire ico bakora,'' nk'uko yongeyeko.
Ku bw'abategetsi b'ibihugu vy'i Buraya, ubu hariko haraba ibiganiro vy'intango vyo guha Ukraine inguvu zo kuyizeza ku mutekano wayo.
Izo nguvu zokoresha ama drone (indege zitagira abadereva) hamwe n'indege z'igendereza kugira bagenzure ibisagara vya Ukraine, ibikorwa remezo nkoramutima n'ibivuko aho kurungika inteko mu buseruko bw'ico gihugu.
Ivyo vyoba biri mu migambi yo kugarukana ikirere mpuzamakuru gitekanye hejuru ya Ukraine hanyuma hagaruke n'umutekano mu mazi y'Ikiyaga Cirabura (Mer Noire).
Abategstsi b'ibihugu vy'uburengerezo bavuga ko hashobora kuba inteko zo ku butaka nyinshi gusumba mu bihugu bihana urubibe na Ukraine.
Bavuga kandi ko inguvu izo ari zo zose za Amerika zo kuja hagati ya Ukraine n'Uburusiya zoba zigizwe n'indege aho kuba inteko zo ku butaka kandi ko izo ndege zoba ziri mu bihugu bibanyi vya Ukraine nka Pologne canke Roumanie.
Uwuhagarariye Uburusiya mu Bwongereza yongeye kuvuga ko batazokwemera ko hagira ingabo z'ibindi bihugu zirungikwa muri Ukraine hamwe horamuka habonetse amasezerano y'amahoro. Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yari yavuze ko ashobora kurungikayo ingabo.
Avuga ko Uburusiya ata ngabo z'Ubwongereza canke z'ibihugu vy'ishirahamwe rya Buraya buzokwemera ko zirungikwa muri Ukraine, naho Trump ico ciyumviro yocemera.
Abategetsi b'ibihugu vy'uburengero bavuga ko horungikwa muri Ukraine ingabo zishika 30.000 nka kimwe mu vyoba bigize amasezerano y'amahoro.
Uwo aserukira Uburusiya yanibajije niba hashobora kuboneka amasezerano y'amahoro ata matora mashasha abaye muri Ukraine.
Trump yazanye ivy'uko Zelensky atatowe aho amariye kwagiriza umukuru wa Amerika ko aba ''mw'isi y'amakuru yo kuyovya'' akwiragizwa n'Uburusiya.
Imigenderanire ya Amerika n'Uburusiya yarakomeye kurusha uko yahora muri iyi minsi iheze, inyuma y'aho intumwa z'ivyo bihugu zihuriye muri Arabia Saudite bakumvikana kugirana ibiganiro vyo kurangiza intambara.
Ukraine n'abategetsi ba Buraya ntibatumiwe muri ivyo biganiro.