Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwo Ukraine irashobora kumara uwundi mwaka mu ntambara?
- Umwanditsi, Jonathan Beale
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo kwivuna abansi
- Yakoze inkuru ari, Dnipro
Ukraine iriko iratsindwa ku rubuga rw'intambara. Nyinshi mu ngabo zayo zirananiwe kandi zaruhishijwe n'intambara imaze imyaka itatu. Ikibazo – ubwo iki gihugu kirashobora kumara uwundi mwaka mu ntambara?
Abasirikare ba Ukraine baracahanganye n'ingabo z'Uburusiya mu buseruko. Ariko basa nk'uko bagoswe hafi y'igisagara ca Kurakhove – ahariko habera zimwe mu ntambara zikomeye cane muri izi ndwi za vuba.
Abasirikare ba Black Pack, umurwi w'ingabo zikoresha ibikoho vya muzinga, bariko baragerageza kuzibira ingabo z'Uburusiya kugira ngo ntizibagote mu micungararo ya Kurakhove. Abarusiya bariko basatira baciye mu mpande zitatu.
Twahuye n'ingabo z'uno murwi mu nzu ituje, ziruhutse zivuye ku rugamba. Si abasirikare bo ku rwego rusanzwe rumenyerewe. Harimwo umuhinga mu guteka imboga, umuhinga w'ivyuma, umuhinga mu gukora imbuga ngurukanabumenyi hamwe kandi n'umunyatugenegene. Ni umurwi w'abagenzi batabona ibintu co kimwe n'abandi. Bamwe muri bo biyita abashaka kuba ahantu hatagira ubutegetsi (anarchiste/anarchist). Ni abakorerabushake bitangiye urugamba.
Surt, umukomanda wabo w'imyaka 31, yinjiye igisirikare inyuma y'akanya gato Uburusiya butanguje igitero ku gihugu cose. Ambwira ko igihe intambara yatangura yibaza ko yari kumara imyaka itatu. Avuga ko ubu mu mutwe ariko yitegurira kumara uwundi mwaka mu ntambara.
Bose barazi ko Donald Trump ashaka kurangiza ino ntambara. Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine be n'umukuru w'igihugu c'Uburusiya na bo nyene bavuga ko biteguriye kuganira, ariko gushika ku masezerano nyayo ni ikintu kigoye kwiyumvira.
Gushika ubu, ikivugwa gusa ni ibiganiro.
Surt ntashira inyuma intego ya Trump.
Ati: "Ni umuntu afise ishaka, kandi ndibaza ko azobigerageza". Ariko afise ubwoba ku bishobora kuva mu biganiro ivyo ari vyo vyose.
"Ibintu tubifata uko biri, turatahura ko ata butungane buzoba kuri Ukraine – benshi bazobwirizwa kwemera kwigumya ku kuntu amazu yabo yabomaguwe na vya muzinga n'ibibombe, ku kuntu ababo bagandaguwe, kandi ibi ntibizoba vyoroshe".
Ndamubajije nimba yoshima kuja mu biganiro canke kubandanya urugamba – Surt yishura ashimitse: "Kubandanya urugamba".
Ni ko benshi muri uno murwi babibona. Serhiy, uno muhinga wo guteka imboga, abona ko ibiganiro bishobora gusa guhagarika intambara akanya gato – "intambara izoca isubira kuvyuka mu mwaka umwe canke imyaka ibiri".
Aremera ko ubu ibintu "bimeze nabi" kuri Ukraine. Ariko na we nyene ariteguriye kubandanya urugamba. Kwicwa, nk'uko abivuga, "ni isanganya ry'akazi".
Davyd, umunyatugenegene, yibaza ko Trump ari ntahomfatwa. Ati: "Arashobora kuba mwiza cane canke mubi cane kuri Ukraine".
Ingabo z'uno murwi zimara indwi imwe ku rugamba zikamara iyindi ikurikira ziruhutse. Ariko nubwo ziba ziruhutse, zibandanya imyimenyerezo kuko, nk'uko zibivuga, ituma zigumana ishaka.
Mu bukonje bwinshi, zibandanya zimenyereza kurasa vya muzinga. Uno murwi uherutse kwakira Denys yagiye kwifatanya nawo, avuye iwe mu Budagi ku bushake.
Ati: "Jewe naribajije ikibazo – noshobora kuba mw'isi itagira Ukraine?" Aremera ahigimanga ko ubu isa n'iyiriko iratsindwa, ariko akongerako ati: "Utagerageje, nta kibuza utegerezwa gutsindwa. Nibura nzopfume mpfa ndiko ngerageza kurondera intsinzi aho kwemera uko gusa".
Ariko Denys yiyumvira ko Ukraine ikwiye nibura kuraba ingene intambara yohagarara, aha akaba atandukanye n'abandi. Yiyumvira ko ibitigiri vy'abapfuye muri Ukraine ari binini gusumba ibivugwa ku mugaragaro – abarenga 400.000 barapfuye abandi barakomereka. Avuga ko kwinjiza abandi benshi mu gisirikare bitazotorera umuti ingorane.
Ati: "Ico nibaza ni uko abasirikare benshi bafise ishaka bapfuye canke bananiwe. Kuri jewe, si ukuvuga ko twipfuza ko intambara ihagarara, ariko ntidushobora kumara iyindi myaka myinshi".
Dnipro, igisagara ca Ukraine kigira gatatu mu gihugu, nayo nyene irerekana ingene iruhishijwe n'ino ntambara. Buri mwanya yama iriko iraterwa ibisasu vya misire hamwe n'indege zitagira abadereva (drone) vy'Uburusiya. Inzamba zo kugabisha zama ziriko zirasamirana, ijoro n'umurango. Iyo zinumye, Abanya-Ukraine bagerageza kurondera ingene biyibagiza ibibazo barimwo muri ibi bihe bidasanzwe – harimwo no kuja mu nzu y'ibikino.
Mu gakino gatwenza ko ku muhingamo, kazwi nka The Kaidash Family, intambara ntiyibagirwa – agacerere k'umunota umwe mu kwibuka abaguye ku rugamba, gakurikirwa n'ururirimbo rw'igihugu ca Ukraine.
Ariko bamwe muri bo bavuga ko bizigiye ko bazoteba bakikurako burundu umutwaro w'ino ntambara. Ludmyla ambwira ko ikibabaje ari uko ari bake muri bo. Ati: " Turaronswa imfashanyo, ariko ntizihagije – ni co gituma ari ngombwa ko twicara tukaganira".
Kseniia agira ati: "Nta nyishu yoroshe ihari. Abasirikare bacu benshi barapfuye. Barwanira ikintu – ubutaka bwacu. Ariko nipfuza ko intambara ihera".
Ivyiyumviro vyegeranijwe na vyo nyene vyerekana ko ibitigiri vy'abashigikiye ibiganiro bigenda vyiyongera.
Abipfuza cane ko intambara ihagarara ni abateshejwe izabo n'ino ntambara. Aho bahungiye hafi y'iyi nyubakwa y'ibikino, inzu yahoze ari uburaro bw'abanyeshure, umurwi w'abagore bane bari mu zabukuru baribuka amazu bataye.
Valentyna w'imyaka 87 avuga ko baje ata na kimwe bafise, ariko ko bahawe ibirato, impuzu n'imfungurwa. Avuga kandi ko bafashwe neza. Ati: "Ni vyiza kuba umushitsi, ariko birasumbirije kuba muhira".
Inzu yiwe ubu iri mu karere kari mu minwe y'Uburusiya. Aba bagore bose bane bashaka ibiganiro vy'amahoro. Ariko Mariia w'imyaka 89 avuga ko atazi ingene impande zishamiranye zizoshobora "kurabana mu maso inyuma y'amabi zakoze".
Yongerako ati: "Biramaze kugaragara ko ata n'umwe azotsinda mu buryo bwa gisirikare, ni co gituma dukeneye ibiganiro".
Nimba hazoba ibiganiro, aba bagore bashobora kwisanga batakaje vyinshi – kuko bishobora kuba ngombwa ko Ukraine iheba ubutaka kugira ngo amahoro aboneke.
Daniel Wittenberg na Anastasiia Levchenko nabo batanze intererano muri ino nkuru.