Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
OTAN itegerezwa kwishira mu mutwe ko iri mu gihe c'intambara - umunyamabanga mukuru
- Umwanditsi, Katya Adler
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC i Bruxelles
- Umwanditsi, Maia Davies
- Igikorwa, BBC News
Umukuru wa OTAN/NATO avuga ko igihe kigeze co "kwishira mu mutwe ko turi mu ntambara", mu gihe yaburira abagize uru runani ko badatanga amahera ahagije kugira ngo bitegurire iterabwoba ry'intambara n'Uburusiya muri kazoza.
Umunyamabanga mukuru Mark Rutte avuga ko Uburusiya buriko "bwitegurira intambara y'igihe kirekire na Ukraine hamwe na twebwe", akavuga ko uko ibintu bimeze ubu ari bibi cane kurusha ibindi bihe vyose yabayemwo.
Mw'ijambo ryiwe rya mbere rikomeye kuva abaye umunyamabanga mukuru muri Gitugutu (10), asaba ibihugu bihurikiye muri uru runani kwongereza cane uburyo bishira mu gisata c'ukwivuna abansi, aho agira ati: "Ntitwiteguriye ibiri imbere yacu mu myaka ine canke itanu".
Ashikirije ano majamo yiwe imbere y'amayinga make asigaye kugira ngo Donald Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ashikirizwe amabanga, mu gihe yigeze kuvuga ko Amerika itazokingira umunywanyi wa OTAN atazotanga amahera akwiye mu gisata c'ukwivuna.
Ibihugu vya OTAN vyiyemeje gutanga nibura 2% ku mwaka vy'umutungo rusangi w'igihugu mu gisata co kwivuna abansi gushika mu 2024.
Ariko muw'ijambo yashikirije mw'ikoraniro i Buruseri (Bruxelles) mu Bubirigi, uwo yahora ari umushikiranganji wa mbere w'Ubuholandi yavuze ko "hariho vyinshi" nkenerwa kuko akaga "kariko karatuzako ku muvuduko munini".
Avuga ko ibihugu vya Bulaya vyatanga gushika ku bice 3% vy'umutungo rusangi mu gisata co kwivuna abansi muri ca gihe c'intambara yo kwikekana (guerre froide/Cold War).
Ati: "Dudatanze amahera twese hamwe kugira ngo tuzibire intambara, bizodusaba uburyo bwinshi, bwinshi, bwinshi cane kugira ngo tuzoyirwane".
Avuga kandi ko ubutunzi bw'Uburusiya buri mu gihe c'intambara, aho vyitezwe ko amahera buzokoresha mu mwaka wa 2025 mu gisata c'ukwivuna abansi azoba ica gatatu c'amahera yose Uburusiya buzokoresha - urugero rutari bwigere rubaho kuva kuri ya ntambara y'ukwikekana".
Kuva butanguye igitero kuri Ukraine, Uburusiya bwarongereje cane amahera bushira mu gisata co kwivuna abansi, aho mu 2025 azoshika ku rugero rwa mbere runini.
Rutte ashikirije iri jambo mu gihe gikomeye cane mu ntambara yo muri Ukraine, aho ingabo z'Uburusiya zibandanya zitera intambwe mu buseruko bw'igihugu. Gushika muri Munyonyo (11) 2024, Uburusiya bwari bwafashe ubutaka busumba incuro zitandatu ubwo bwigaruriye muri Ukraine, ugereranije n'umwaka wose wa 2023.
Mu gihe amahera ategerezwa gutangwa n'ibihugu vya OTAN i Bulaya na Canada ari ayababa 2%, si vyose bishika kuri iyi ntego.
Mu kwa kabiri, Trump yavuze ko azotera "intege" Uburusiya gutera igihugu ico ari co cose ca OTAN kizonanirwa no gutanga amahera gitegerezwa gutanga muri uru runani rw'Uburengero rwo kwivunira umwansi hamwe.
Ibihugu vya OTAN 32 i Bulaya no muri Amerika y'Ubureruko vyariyemeje ko hagize igihugu na kimwe giterwa, ibindi bihugu bizoca bigitabara.
Avugana na BBC inyuma y'ijambo ryiwe ku wa kane, Rutte yavuze ati: "Donald Trump yari afise ukuri cane igihe mu kiringo ciwe ca mbere yaduhatira gutanga amahera menshi, kandi yarabishoboye, ubu turiko turakoresha amahera menshi cane kuruta imbere y'uko aba umukuru w'igihugu, rero ngaha yari afise ukuri cane".
Ni co gituma hari bamwe muri OTAN bita Rutte "umuntu ajejwe kwungorera Trump". Kandi bavuga ko ibi ari yo mvo nyamukuru yatumye atorwa ngo abe umunyamabanga mukuru wa Nato.
Mu 2018, igihe yari umukuru w'igihugu, Trump yaragabishije ko Amerika yari gushobora kuba "nyamwigendako" ari nka hamwe ibindi bihugu vya OTAN - cane cane i Bulaya - bitoshira amahera akwiye mu bisata vyavyo vya gisirikare.
Niho ico gihe uno yari umushikiranganji wa mbere w'Ubuholande Rutte yavugwa ko yiyumvira nka Trump, mu kumuremesha ko amafaranga yakoreshwa yari yamaze kuduzwa kandi ko ari we, Perezida Trump, yatumye ivyo bishika.
Ubu naho, Trump agiye kugaruka ku butegetsi kandi Rutte ashaka ko Amerika itodohoka kuri OTAN no mu gukingira Ubulaya. Rero ubu ni ubundi butumwa bwa Rutte bufise intumbero yo kuryosharyosha Trump.
Nk'uwari umushikiranganji wa mbere, Rutte arazi neza ko abategetsi ba Bulaya bahigimanga mu kwongereza amahera mu gisata c'ukwivuna abansi kubera abanyagihugu babo ku mugabane bafise ibindi bibazo bibaraje ishinga - ubuzima buzimvye, amagara y'abantu, ikibazo c'abimukira.
Yabwiye BBC ko ibi ari vyo vyatumye ijambo ryiwe ry'uyu musi aryerekeza ku banyagihugu bo nyene ubwabo.
Rutte ati: "Ni co gituma ndiko ndasaba ata guca ku ruhande abanyagihugu imiriyaridi baba mu bihugu bigize OTAN, cane cane muri Canada n' Ubulaya, ngo bamfashe".
"Hamagare abanyaporitike banyu, babwire ko mwemera ko koko bigoye, ko bizosaba ko bakoresha amahera make mu bindi bintu, ariko ko mushaka y'uko aba banyaporitike banyu bashira imbere igisata c'ukwivuna abansi, kubera ari nkenerwa mu gihe kirekire…
"Ico nsaba hano ni uko, nimba mufise abana, abuzukuru, nimba mwipfuza ko imibereho yacu, demokarasi yacu, indangagaciro zacu, bibandanya, ni ngombwa ko dushira imbere igisata c'ukwivuna abansi.
"Naho nimba tutabikoze, mu myaka ine canke itanu iri imbere tuzoba turi mu bibazo bikomeye".