''Trump ari mw'isi y'amakuru yo kuyovya''- Zelensky

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gihe intumwa idasanzwe ya Donald Trump muri Ukraine, Kith Kellogg yashitse i Kyiv ku murwa mukuru w'ico gihugu, umukuru waco Volodymyr Zelensky yerekanye ibintu vyinshi badahurizako na Donald Trump.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru yatanze kuri uyu wa gatatu, yasavye ko Kellogg yotembera mu mabarabara ya Kyiv, no mu bindi bisagara, kugira ''yibonere uko ibintu vyifashe'' bivaneho amakuru yo kuyovya ariko arakwiragizwa n'Uburusiya.
Zelensky yagize ati ''imbere y'aho avugiye ko hagati ya 20 na 30% vy'umurwa mukuru vyasambutse, ko ibintu vyose ubu ari umusaka''.
''Nshaka ko Kellogg yibonera ibintu vyose ubwiwe,'' niko umukuru wa Ukraine yavuze, ''hanyuma avugane n'abanyagihugu ku kugene bizeye umukuru w'igihugu, niba bizeye Putin. Mureke aje kubabaza ivyerekeye Trump: ico bibaza inyuma y'amajambo ya perezida [Trump]''.
Yongeyeko ko yiteguriye kujana ku rwasiro rw'intambara ''na Kellogg'', kugira ashobore kwibonera ubwiwe uko intambara iriko iragenda.
Ico kiganiro ca Zelensky cagaragaje ubutandukane hagati yiwe na Trump.
Cerekanye kandi ko Ukraine iriko iratakaza Reta Zunze Ubumwe za Amerika nka kimwe mu bihugu vyari biyishigikiye cane – bamwe babona ko ivyo bija vyabaye.
Ukraine yababajwe cane n'ingene Abanyamerika bagiye kugirana ibiganiro n'Uburusiya ku ntambara yo muri Ukraine, ico gihugu ubwaco kitarimwo.
Amajambo ya Trump yegeranye n'ayavugwa na Putin, gusa ico azokora ngo intambara ya Ukraine ihere nico kitaramenyekana.
Intambara ya Ukraine imaze gutwara amafaranga angahe?
Zelensky avuga ko intambara ya Ukraine imaze gutwara miriyaridi 320 z'ama dorari, avuga ko Ukraine na Amerika bafise ibiharuro bitandukanye.
Zelensky avuga ko muri ayo miriyaridi 120 zatanzwe na Ukraine, ayasigaye 200 akava i Buraya na Amerika.
Avuga ko Amerika imaze gutanga miriyaridi 67 mu bigwanisho no mu mafaranga reta ikoresha.
''Si miriyaridi $500 – iyo mvugo ntifashe,'' niko Zelensky yavuze. Yabandanije avuga ko Amerika yemeza ko ibice ''90% vy'imfashanyo itangwa kuri Ukraine biva iwabo'', ariko ''ukuri kuri ahandi''.
Sinshobora kugurisha igihugu cacu
Zelensky yagarutse ko mwumvikano Trump ashaka ko woshikana Amerika gushikira igice c'ubutare bwa ''terres rares'' bwa Ukraine, burimwo lithium na titanium.
Zelensky yavuze ko yawanse kubera integuro yawo ya mbere yavuga ko Ukraine yokwemerera Amerika kwihariza 50% y'ubwo butare, iyo nteguro ikaba ataho ivuga ingingo zo kwizeza umutekano wa Ukraine Zelensky nawe yarondera.
''Nkingira Ukraine, sinshobora kuyigurisha, sinshobora kugurisha igihugu cacu'', ni Zelensky yavuze.
Trump aba mw'isi y'amakuru yo kuyovya.
Zelenky yavuze ko uwo ari we wese ashaka kumusubiriza nk'umukuru wa Ukraine atobishobora muri iki gihe kuko icizere ciwe mu banyagihugu ari kinini.
Yavuze ko icegeranyo ca vuba cerekanye ko icizere abanyagihugu bamufitiye kiri ku rugero rwa 58% mu gihe Trump avuga ko kiri ku 4%.
''Mu rupfasoni rwose mfitiye Trump nk'umukuru w'igihugu…ari mw'isi y'amakuru y'ukuyovya,'' niko perezida wa Ukraine yavuze.
Zelensky yavuze ko Ukraine ifise ''ivyemezo'' ko ayo makuru yo kuyovya kuri urwo rugero rwa 4% ariko arakwiragizwa n'Uburusiya, ''kandi ivyo bitigiri biriko bivugwa hagati ya Amerika n'Uburusiya.













