Trump yahuye na Zelensky, avuga ko hageze ko intambara n'Uburusiya irangira

President Zelensky yabonanye na Donald Trump mu mpera z'urugendo rwiwe rw'imisi itandatu yagize muri Reta zunze Ubumbwe za Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, President Zelensky yabonanye na Donald Trump mu mpera z'urugendo rwiwe rw'imisi itandatu yagize muri Reta zunze Ubumbwe za Amerika
    • Umwanditsi, George Wright
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Lucy Clarke-Billings
    • Igikorwa, BBC News

Donald Trump yahuye na prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky ku cicaro ciwe ca Trump Tower kuri uyu wa gatanu, aca avuga ko hageze ko intambara y'Uburusiya muri Ukraine irangira.

Uwo mukandida w'aba 'Republicain' yagumye anebagura uwo mukuru w'igihugu wa Ukraine mu myiyamamazo yiwe, kandi umubonano hagati y'abo bagabo babiri ntiwari witezwe imbere y'amasaha make imbere y'uko uba.

Igihe abo bagabo babiri bari bahagararanye, Zelensky yavuze ko yibaza ko "babona kumwe ko iyo ntambara itegerezwa kurangira kandi ko Putin adashobora kuyitsinda", yongerako ko ashobora kuganira na Trump ivyerekeye "umugambi wiwe wo kuyitsinda".

N'aho bamaze imyaka myinshi batabona kumwe ibintu, Trump yavuze ashimitse ko afitaniye imigenderanire myiza na Zelensky.

Yagize kandi ati:"Mfitaniye kandi imigenderanire myiza nk'uko ubizi na prezida Putin kandi nibaza ko mu gihe twotsinda [amatora] tuzotora inyishu vyihuta."

Hanyuma Trump na Zelensky bahaye ikiganiro Fox News aho uwo yahoze ari prezida yavuze ko muri uwo mubonano "yahamenyeye vyinshi".

Yagize ati:"Twese twipfuza ko iyi ntambara irangira, kandi twese twipfuza ko haboneka amasezerano ashimisha impande zose.

"Iyi ntamabara itegerezwa guhagarara kandi prezida [Zelensky] ashaka ko ihagarara, kandi ndazi neza ko na prezida Putin ashaka ko ihagarara, n'uruhererekane rwiza."

Zelensky yagize ati:"Putin yishe abantu benshi cane, birumvikana ko dukeneye gukora uko dushoboye mu kumuhatira guhagarika iyi ntambara. Ari ku butaka bwacu."

Zelensky yatumiye Trump kugendera Ukraine, uwo na we yishura:"Nzobikora".

Mu nyuma prezida wa Ukraine yanditse ku rubuga rwiwe rwa Telegram ko, uko ari babiri bagize "umubonano ngirakamaro".

Yanditse ati:"Tubona kumwe ibintu ko intambara ibera muri Ukraine itegerezwa guhagarara. Putin ntashobora gutsinda. Abanye Ukraine bategerezwa gutsinda."

Hagati aho, Trump yavuze ku rubuga rwiwe rwa Trust Social ko mu gihe atotsinda amatora ya prezida, "iyo ntambara itazohera, kandi izovamwo INTAMBARA YA GATATU Y'ISI".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abo bagabo babiri basanzwe batarabana ryiza. Inama nshingamateka ya Amerika yatoye itegeko mu 2019 ryo kuvana ku butegetsi Trump imwagiriza guhatira Zelensky kuzura inkuru zishobora kubangamira umuryango wa Biden.

Inyandiko y'ivyavugiwe kuri terefone vyerekanye ko Trump yahatira Zelensky kugira amatohoza kuri Joe Biden no ku muhungu wiwe Hunter.

Ahagaze iruhande ya Zelensky ku musi wa gatanu, yarashimagije uwo mutegetsi wa Ukraine ingene yitwaye kuri ico kibazo.

Kuva Uburusiya buteye Ukraine mu kwezi kwa Ruhuhuma(2) mu 2022, Trump yagumye asubiramwo ivyo Uburusiya bwipfuza muri iyo ntambara. Mu kiganiro mpari c'abakandida mu kibanza ca prezida wa Amerika mu kwezi kwa Nyakanga(9), yaciye ku ruhande ikibazo yabajijwe nimba ashaka ko Ukraine yotsinda intambara.

Imbere y'uko haba uwo mubonano wo ku wa gatanu, Trump yagumye asubiramwo aho ahagaze ko ashobora "kugira ico akoze" mu kurangiza iyo ntambara mu gihe yotsinda amatora y'umukuru w'igihugu, n'imbere y'uko Joe Biden ava ku butegetsi mu kwezi kwa Nzero(1).

Yaranse kwishura ata guca iruhande igihe yabazwa nimba yemera ko Ukraine yohebera ubutaka bwayo Uburusiya mu ntumbero yo kurangiza iyo ntambara.

N'aho Zelensky ari mu rugendo muri Amerika kuva ku musi w'Imana, umubonano wabo wemejwe ku musi wa kane mw'ijoro, aho Trump yerekana ubutumwa bwa prezida Zelensky buvuga ko "ari ngirakamaro kuri twebwe kubonana ubwacu no gutahurana 100%".

Umushikirizamanza w'akarere ka Odesa ahagaze mu kibanza drone z'Uburusiya zateye mu gisagara co ku kivuko ca Izmail. N'uwo mugabo yambaye agakoti kanditseko "WAR CRIMES prosecutor" yegereye Camera

Ahavuye isanamu, Odesa Regional Prosecutors

Iyi ndwi yose iheze hari umwumvikano muke hagati y'umugambwe w'aba 'Republicains' na Zelensky imbere y'uko haba amatora ya prezida wa Amerika mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Benshi muba 'Republicains' barashavujwe n'urugendo Zelensky yagize muri kompanyi ikora ibigwanisho iri ku mavuko ya Biden i Scranton, mu ntara ya Pennsylvania, ari kumwe n'abategetsi bakuru b'abademokrate, harimwo n'umukuru w'iyo ntara Josh Shapiro, mu ntango y'iyi ndwi.

Urugendo rwa Zelensky mu ntara iguma ihindagura abo ishigikira rwafashwe n'abategetsi b'aba 'Republicains' nk'igikorwa co kwerekana aho yegamiye. Mw'ikete ryashizwe ahagaragara, umukuru w'inama nshingamateka Mike Johnson yavuze ko urwo rugendo "ari urwo gushigikira abademokrate" kandi ko "bisa no kwivanga mu matora".

Trump yagumye yiyamiriza imfashanyo Amerika iguma iha Ukraine, mbere mu misi mike iheze yarongereje uko anebagura Zelensky, amwita " umudandaza wa mbere akomeye kw'isi" mu kubandanya aronka imfashanyo ya gisirikare.

Ariko Zelensky aherutse kubwira ikinyamakuru New Yorker ko yemeza ko Trump "atazi vy'ukuri uko yohagarika iyi ntambara" aca atera akamo uwitoza kw'itike imwe na Trump, JD Vance "ko ari ukurenza urugero" kandi "bifise ingaruka mbi" kuvuga ko Ukraine yotegerezwa guheba ubutaka bwayo mu kurangiza iyo ntambara, avuga ko bishobora gukwiragiza intambara hirya no hino kw'isi.

Abajijwe kuri ivyo vyavuzwe na Zelensky ku musi wa kane, Trump yishuye:"Ndemera ko tutemeranya na we. Ntanzi."