Umugore yari yabuzwe irengero kuva mu 1962 yatowe 'ari muzima kandi ameze neza'

    • Umwanditsi, Mike Wendling
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Chicago

Inyuma y'imyaka hafi 63, umugore yari yabuzwe irengero yatowe akiri muzima kandi ameze neza inyuma y'isubiramwo ry'urubanza rujanye n'itakara ryiwe, nk'uko bivugwa n'igipolisi c'intara ya Wisconsin muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Audrey Backeberg yari afise imyaka 20 igihe yomoka muhira iwe mu gisagara gitoya ca Reedsburg ku wa 7 Mukakaro (7) 1962.

Mw'itangazo, umukuru w'igipolisi mu karere ka Sauk, Chip Meister, yavuze ko itakara ry'umupfasoni Backeberg ryari "amahitamwo yiwe, ntiryaturutse ku gikorwa c'ubugizi bwa nabi canke c'ububisha".

Uno mukuru w'igipolisi avuga ko uyu mugore yari asanzwe aba hanze ya Wisconsin, ariko nta zindi nsiguro yatanze.

Nk'uko bivugwa na Wisconsin Missing Persons Advocacy, ishirahamwe ryo gutabariza bene ababuzwe irengero, umupfasoni Backeberg yari yubatse akaba yari afise abana babiri igihe yakamangana.

Iri shirahamwe rivuga ko imisi mike imbere y'uko atakara, umupfasoni Backeberg, ubu afise imyaka 82, yari yitwariye umugabo wiwe yari yamurongoye afise imyaka 15, amwagiriza ko yamukubita, anamutera ubwoba ko yari kumwica.

Ku musi yatakara, yavuye muhira agiye gutora umushahara wiwe ku ruganda rwo guhingura ubwoya yari asanzwe akorera.

Umuyaya w'uno muryango yari afise imyaka 14 yabwiye igipolisi ko we n'umupfasoni Backeberg ico gihe bafashe imodoka yabashikanye i Madison, umugwa mukuru wa Wisconsin, ariho baciye bafatira imodoka yabashikanye muri Indianapolis mu ntara ya Indiana ku birometero vyababa 480.

Bamaze gushikayo, ni ho uno muyaya yumva ubwoba agashaka ko basubira inyuma ariko umupfasoni Backeberg aranka, uno muyaya akaba yaheruka kumubona agiye ava ku gituro c'amabisi.

Ibiro vy'umukuru w'igipolisi c'akarere ka Sauk bivuga ko abajejwe amatohoza bakoreye ku makuru menshi bahabwa kuri iki kibazo, ariko ko ataco bahavuye bashikako imbere y'uko basubiramwo amadosiye ya kera mu ntango z'uno mwaka.

Umupolisi yatoreye inyishu iki kibazo, Isaac Hanson, yabwiye ikinyamakuru co muri ako karere WINS ko konte ngurukanabumenyi y'amamuko ya mushiki wa Backeberg yagize uruhara rudasanzwe mu gufasha kumenya aho uno mugore yabuzwe irengero yari aherereye.

Uno mupolisi Hanson avuga ko yavuganye n'abajejwe umutekano w'aho umupfasoni Backeberg asanzwe aba ubu, kandi ko yavuganye na we kuri terefone mu kiringo c'iminota 45.

"Nibaza ko yirukanywe hanyuma akiyakira, akubaka ubuzima bwiwe", niko yabwiye WISN. "Yasa n'uwuryohewe. Yiyemera ku ngingo yiwe yafashe. Ntiyicuza".