Amakungu yari ‘yatwawe n’agatiro’ igihe Uburusiya bukora igitero gishasha kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, Shutterstock
Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu bo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine bataye izabo inyuma y’aho ingabo z’Uburusiya zijabukiye zikigarurira nibura ibigwati icenda, zikanasugereza igisagara ca Vovchansk.
Iki gitero hafi y’igisagara kigira kabiri ca Ukraine, Kharkiv, kiboneka ko ari kimwe mu bitero bikomeye cane vyo ku butaka kuva Uburusiya butanguje intambara yuzuye mu 2022. Kibaye inyuma y’aho Ukraine ibohoreje iyi ntara mu gihe c’iremba muri uwo mwaka.
Ariko iki gitero ni ikintu abategetsi ba Ukraine hamwe n’abahinga batari bake bari bamaze kwerekana, none vyagenze gute ngo igisirikare c’Uburusiya coroherwe gutyo?
Vyagenze gute?
Igisirikare c’Uburusiya cakoze iki gitero ku wa gatanu w’indwi iheze, ku wa 10 Rusama (5), igihe ingabo zabwo zajabuka urubibe zikinjira mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, zica zikwiragizwa irya n’ino.

Mu misi yakurikiye, izi ngabo zigaruriye ibigwati zongera zitera intambwe ku birometero bitanu canke bitandatu ku butaka bw’urubibe rwa Ukraine bw’uburebure bwa 100 km, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Grant Shapps.
Ariko, igisirikare ca Ukraine kivuga ko “casubije umwansi inyuma” kikamuvana mu nkengera z’igisagara ca Vovchansk kandi ko cateye “intambwe zikomeye”. Mw’itangazo casohoye ku mugoroba wo ku wa mbere, cavuze ko Uburusiya bwatakaje abasirikare barenga 100 kuri uwo musi wonyene.
David Gendelman, umuhinga wa gisirikare w’umunya-Israel, avuga ko intumbero y’igisirikare c’Uburusiya yari iyo gushinga akarere “ntavogerwa” (zone tampon) ku rubibe rwose Uburusiya buhana na Ukraine.

Kubera iki Ukraine itari yiteguye neza?
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yari yavuze ivy’aka karere “ntavogerwa” mw’ijambo yashikirije igihugu mu kwa gatatu, mbere ibinyamakuru vy’Uburengero bikaba vyari bimaze amezi abiri vyikeka ko hari kuba igitero muri ako karere, rero si ikintu kibaye giturumbuka.
Mu kiganiro n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta mu kwa gatatu, umukuru w’igisirikare ca Ukraine, Oleksandr Syrskyi, yavuze ko ingabo ziwe zisanzwe zivyifatamwo neza mu bijanye no gukingira Kharkiv.
Yagabishije ati: “Ari nka hamwe Abarusiya bosubirayo kandi, bazotikirira muri Kharkiv”.
Hagati aho, bamwe mu bategetsi ba gisirikare bavuga ko igihe iki gitero caba, umurongo wa mbere wo guhangana n’umwansi w’ibirometero kuva kuri 1.5 gushika kuri bitandatu uvuye ku rubibe n’Uburusiya, utari watsimbatajwe.
Bavuga ko ibisasu bitegwa mu kuzimu, imyobo yo kuzibira ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe, hamwe n'“ibisonge”, ibi bikaba ari imitego ikomeye yo kuzibira ibi bimodoka, vyose vyari kudindiza umuvuduko w’umwansi.
Jenerali Oleksandr Yakovets, umukuru w’igisata c’igihugu kijejwe gutwara abantu n’ibintu, avuga ko ibisasu vy’urutavanako vyatumye uru rwasiro rutongererezwa inguvu, ivyatumye, igihe iki gitero gishasha gitangura, ingabo za Ukraine biba ngombwa ko zisubira inyuma ku birometero bitari bike, ivyahaye akaryo Uburusiya kwigarurira ibigwati vyo ku rubibe.
Mu mezi aheze, habaye kandi impinduka mu burongozi bw’igisirikare, ivyo bamwe bavuga ko vyerekana y’uko ivyo gukingira Kharkiv bitari vyateguwe.
Birigadiye Jenerali Mykhailo Drapatyi ni we yagenywe ngo arongore ingabo muri ako karere, asubiriye Yuriy Halushkin,
David Gendelman, umunya-Israel w’umuhinga mu vya gisirikare, ati: “Ntibahindura abakomanda gutyo. Ibi vyerekana ko hari agahaze”.
Vyoba vyatumwe n’imfashanyo mpuzamakungu yatevye?

Ahavuye isanamu, Reuters
Ukraine yari imaze amezi atari itakambira incuti zayo kuyiha ibirwanisho n’imfashanyo za gisirikare.
Inyuma y’iki gitero, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi Grant Shapps yavuze ati: “Mu vy’ukuri numva ko amakungu yari yatwawe n’agatiro hano.
“Ibi vyategerezwa kuba kubera ugucererwa kuronka ivyo bari bakeneye”.
Ikibazo c’imfashanyo ubu catanguye gufata umurongo.
Mu kwa kane, inyuma y’umwaka wari uheze ari impari zidahera, Amerika yahavuye yemeza imfashanyo ya gisirikare y’imiriyaridi 61 z’amadorari y’Abanyamerika, imfashanyo Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ari "kirumara".
Mu kwa kabiri, Ubumwe bwa Bulaya bwaremeye imfashanyo y’imiriyaridi 50 z’ama-euro (imiriyaridi 54 z’amadorari y’Abanyamerika) igenewe Ukraine, inyuma y’aho Hongrie ihagarikiye ivyo kuzibira amasezerano.
Hagati y’ukwa kabiri 2022 n’ukwa kabiri 2024, Ubudagi bwahaye Ukraine ibirwanisho n’ibikoresho bifise agaciro k’imiriyaridi 10.7 z’amadorari y’Abanyamerika, Ubwongereza na bwo buyiha imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyaridi 5.7 z’amadorari y’Abanyamerika.
Kubera iki iki gitero giteje impungenge?
Abahinga bavuga ko iki gitero cerekana ko Ukraine “iriko isubira inyuma”, irwana kugira irabe ko yokwisubiza akarere yari yigeze kubohoza, mu gihe uburyo buguma bugabanuka.
Uwahoze ari icegera c’umukuru w’ingabo za OTAN/NATO, Jenerali Sir Richard Shirreff, avuga ko iki ari igihe gikeneye “impinduka zikomeye mu mikenyuro”.
Avuga ko umukenyuro w’Uburengero usanzwe uhari wo guha Ukraine uburyo “bwonyene ikeneye” bwo kwivuna umwansi ata kintu wayifashije.
Ati: “Ntushobora kurwana intambara mu gihe ukuboko kumwe kubohewe i mugongo. Uburyo nyabwo bwo kwivuna ni ugutera, kandi Ukraine ntizoshobora kugaruza ubutaka bwayo mu gihe itazoba ifise uburyo nyabwo bwo gukora ibitero, ibi navyo bifata igihe.
“Ico Ukraine ikeneye gusumba ibindi vyose ni umwanya, ico Uburusiya buriko burakora ubu ni ukwima Ukraine umwanya”.
Shapps na we yasubiyemwo ibi nyene, aca avuga ko intambwe zishobora gushikwako mu gihe “bose bahagurutse bagaha Ukraine imfashanyo ikeneye”.
Ati: “Ni ikibazo c’ubushake bwa poritike, ubutumwa bwanje busanzwe ku makungu, cane cane kuri Amerika, ni uko kwivuna ari ikintu kizimbutse cane, gutyo Putin agateshwa ubu, gusumba kumwemerera ko atsinda iyi ntambara”.
Ni igiki gishobora gukurikira?

Ahavuye isanamu, Ukraine's Presidential Office
Ukraine ivuga ko mu ntara ya Kharkiv hariyo ingabo z’Uburusiya zababa 30.000. Abahinga hafi bose ba gisirikare babona ko iki ari igitigiri gito cane ku buryo kitoshobora gutera canke kugota igisagara ca Kharkiv, gituwemwo n’abanyagihugu bababa umuriyoni.
Gendelman yemeza ko “hari igipfungu kuri ino ntambara” kandi ko intego z’Uburusiya zidatomoye, ariko akibaza ko bushobora kuba burajwe ishinga no gufata igisagara ca Vovchansk kiri ku rubibe mu buraruko bushira ubuseruko.
Igisirikare c’Uburusiya kiriko gicucagira ibibombe vy’urutavanako ku biraro muri ako karere, mu kugerageza gukata amayira yo gushikana uburyo ku ngabo za Ukraine no gutanya aka karere.
Abategetsi b’Uburusiya ntaco baravuga ku bijanye no kwugurura urundi rwasiro.
Hagati aho, ku wa 11 Rusama, ubutumwa bw’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko “bwabohoje” – aha ni ukwigarurira – ibigwati bitanu mu ntara ya Kharkiv.
Mikhail Zhirokhov, umuhinga wa gisirikare no mu vya kahise, yemeza ko igenwa riheruka rya Jenerali Mykhailo Drapatyi kugira ngo ahagararire intara ya Kharkiv rishobora gutuma haba impinduka mu mikenyuro yo kwivuna umwansi muri ako karere.
Avuga ko ingabo nshasha za Ukraine ziherutse kurungikwa muri iyo ntara kandi ko na bamwe mu basirikare batangaje ku mugaragaro ko barungitsweyo.
Ariko Zhirokhov aragabisha: “Kwimurira izindi ngabo nyinshi z’integabizoza muri ako karere bishobora guteza ingorane”.













